Nukerebukire Kurondera Abantu b’Ibitumva mu Cibare Cawe
1 Yehova ariko aratera akamo k’ubutumire ati: “Ngwino. . . . ūgomba ni yākīre amazi y’ubu[zima] ku buntu.” (Ivyah. 22:17) Mu bitaba akamo k’ubwo butumire, harimwo igitigiri c’abantu b’ibitumva kigenda ciyongera. Ivyo bituma haba amashengero arimwo abavukanyi n’abavukanyikazi b’ibitumva.
2 Naho dufise abamamaji bamwebamwe bize ururimi rw’ibimenyetso kandi bakaba bashoboye kwihatira canecane gushikira ibitumva hamwe n’abafise ingorane z’ukwumva neza igihe bamamaza mu vyibare bakebewe, haracariho abantu mwene abo bagishobora gusangwa mu cibare cacu kandi bagashingirwa intahe.
3 Ushobora Gufasha Gute? Igihe uri mu bibanza bihuriramwo abantu, woba umaze kubona abantu bakoresha ururimi rw’ibimenyetso? Hari umuntu woba uzi ku kazi canke kw’ishure iwanyu afise umuntu w’ikitumva mu muryango? Nukerebukire kurondera abantu b’ibitumva igihe urangura ibikorwa vyawe vya misi yose. Ariko woshobora kumenya neza gute yuko bazoshingirwa intahe y’ivy’Ubwami?
4 Ugushinga Intahe: Numenyeshe umunyamabanga w’ishengero aho abo bantu bari. Umunyamabanga azoraba yuko mu micungararo hoba hariho umugwi w’abakoresha ururimi rw’ibimenyetso. Abantu benshi b’ibitumva baragira iterambere ningoga mu kwiga ukuri igihe bashoboye kwifatanya n’Ivyabona b’ibitumva ku makoraniro y’ishengero aho ururimi rw’ibimenyetso rukoreshwa. Nimba mu micungararo y’aho iwanyu hariho umugwi ukoresha ururimi rw’ibimenyetso, umunyamabanga w’ishengero ryanyu akwiye kuwumenyesha ivyerekeye abantu bose b’ibitumva bari mu cibare canyu.
5 Bite hoho nimba ata muntu n’umwe wo hafi yosahiriza abantu b’ibitumva b’aho iwanyu? Wofasha gute? Ni kuki utosubira kubagendera hanyuma ukaganira n’abo muri urwo rugo badafise ingorane zo kwumva? Aho bishoboka, nubasabe kuraba videwo yo mu rurimi rw’ibimenyetso kugira ngo uvyurire ugushimishwa umuntu w’ikitumva. Abamamaji bamwebamwe barize mbere ururimi rw’ibimenyetso ku buryo bashobora kuganiriza neza kuruta abantu b’ibitumva. (Ivyak. 16:9, 10) Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba hamwe n’igitabu Ubumenyi biraboneka mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Kurongora inyigisho ya Bibiliya ukoresheje ivyo bikoresho aho bishoboka, biramaze kuvamwo ivyiza vyinshi. Mw’ishengero rimwe, hari umuntu w’ikitumva yashimishijwe yari azi gusoma no kwandika. Umwamamaji yamurongorera inyigisho mu kwandika ibibazo hanyuma uwo muntu w’ikitumva agaca yandika inyishu. Izindi nsasanuro zagirwa mu kwandika.
6 Ukerebukiye kurondera abantu b’ibitumva mu karere iwanyu, urashobora kubaronsa akaryo ko kwakira amazi y’ubuzima ku buntu.—Mat. 10:11.