Nugumize Ivyo Kwinezereza mu Kibanza Bibereye
1 Muri iyi misi igoye, rimwe na rimwe twese turakenera kumira amate. Urugero runaka rwo kwisamaza rurabereye. Ariko rero, kumara umwanya munini mu vyo kwinezereza, gufata akayaga hamwe no mu biteramo, birashobora gutuma umuntu agenda aragabanya umwanya amara mu gukurikirana ivy’impwemu. Dutegerezwa kugumiza ivy’ukwinezereza mu kibanza bibereye. (Mat. 5:3) Ivyo bishoboka gute? Mu gukurikiza impanuro dusanga mu Banyefeso 5:15-17.
2 Nushinge Akarimbi: Paulo yanditse yuko Abakirisu bategerezwa ‘kwirinda cane’ mu buryo babaho, babigiranye ubukerebutsi. Ukwigerera hamwe no kwigumya birakenewe kugira ngo umwanya umuntu akoresha mu vy’ukwinezereza ntube uwurenze uwo akeneye koko. Ni vyiza ko twiyumvira twitonze uburyo dukoresha umwanya wacu w’akaruhuko. Birakwiriye ko akaruhuko tukaranguramwo ikintu kanaka c’ingirakamaro aho gutuma twumva ko twatakaje umwanya canke ngo kadusigemwo imvune. Nimba twagiye mu vy’ukwisamaza hanyuma tukumva turi ubusa, tudashize akanyota, kandi hari ukuntu twiyagiriza, ivyo vyoshobora kwerekana ko dukeneye kugira ivyo duhindura mu buryo dukoresha umwanya.
3 Nugire Ibitegereka: Paulo yaratanze impanuro ku vyo “[gucungura] umwanya ubereye” (NW) ku bw’ibintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima, ntiducike “ibipfu.” Abakirisu biyeguye ntibashobora kureka ngo ubuzima bwabo bushingire ku vy’ukwinezereza. Naho akaruhuko n’ugusama akayaga bishobora kutugarurira utuguvu, inkomezi z’ivy’impwemu ziva ku nguvu ikora akazi y’Imana. (Yes. 40:29-31) Turonkera impwemu yayo mu mirimo ya gitewokarasi, na yo akaba ari ukwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro y’ishengero, kuja mu murimo wo mu ndimiro. Ntituyironka biciye ku kwisamaza.
4 Nushinge Ibija Imbere y’Ibindi: Paulo yabwirije Abakirisu “[gu]tahura ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.” Yezu yigishije yuko ibikorwa vyacu bikwiye kuba bishingiye ku Bwami bw’Imana bukaba co kintu dushira imbere mu buzima. (Mat. 6:33) Ni ngombwa yuko dukora ubwa mbere ibintu bizotuma tubaho twisunga ukwiyegurira Yehova kwacu. Maze mu nyuma, umwanya wo kwinezereza urashobora kugumizwa mu kibanza kibereye. Igihe ivyo tubigize, bizogira ico bikoze ciza, kandi tuzorushiriza kubinezerererwa.—Umus. 5:12.