ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/01 rup. 8
  • Woba Ushaka Gukora Vyinshi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ushaka Gukora Vyinshi?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwo Kwagura Igikenurwa Cawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Umugambi mwiza twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Umunezero Uva ku Gukora Umurimo w’Igihe Cose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 8/01 rup. 8

Woba Ushaka Gukora Vyinshi?

1 Yezu yagereranije Ubwami n’ubutunzi bw’agaciro ntangere. (Mat. 13:44-46) Igikorwa co gukwiragiza inkuru z’Ubwami na co nyene ni ubutunzi bw’agaciro. Ubwo busuku burakwiriye ko tubuha ikibanza ca mbere mu buzima bwacu, naho kubugiramwo uruhara bimwe bishitse bisaba urugero runaka rw’ukwiyanka. (Mat. 6:19-21) Woba ushaka gukora vyinshi mu murimo w’Ubwami?

2 Rimbura Ibi Bintu vya Nkenerwa: Hari ibintu nka bingahe bikenewe kugira ngo twagure uburyo tugira uruhara mu busuku: (1) kuba twiyemeje mu buzima gushira mu kibanza ca mbere ivy’Ubwami (Mat. 6:33); (2) kugaragaza ukwizera be n’ukwiheka kuri Yehova (2 Kor. 4:1, 7); (3) kurondera gufashwa n’Imana biciye kw’isengesho dutura rivuye ku mutima kandi rihozako (Luka 11:8-10); (4) Gushishikara gukora duhuza n’amasengesho dutura.—Yak. 2:14, 17.

3 Uburyo bwo Kwagura Ubusuku Bwacu: Twese turashobora kwishingira umugambi w’ishimikiro wo kumara umwanya mu busuku ku kwezi ku kwezi tudahorereza. Mugabo woba kandi umaze kurimbura ivy’ugukoresha akaryo kose kabonetse kugira ngo ushinge intahe utari uvyiteguriye, kwihata kugira ngo amajambo ukoresha mu gushikiriza inkuru nziza arushirize kugira ico avuze, kwongereza uburyo wererwa mu gusubira kugendera abashimishijwe, be no kwihatira kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana zitera imbere? Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke busanzwe canke gukorera aho bikenewe kuruta ahandi? Nimba uri umuvukanyi yabatijwe, woba wipfuza gukwiza ibisabwa kugira ngo ube umukozi w’ishengero canke umukurambere? (1 Tim. 3:1, 10) Woba ushobora kwagura ubusuku bwawe mu gusaba kuja gukora umurimo wo kuri Beteli canke kuja mw’Ishure Rimenyereza Abasuku?—Luka 10:2.

4 Hari umuvukanyi yari afise akazi akora k’igihe cose, akaba kandi yamara umwanya munini mu vy’inkino, yaremeshejwe kuba umutsimvyi asanzwe. Yatanguye gukora ubutsimvyi bwo gufasha hanyuma maze arahindura uko ivyiwe vyari vyifashe kugira ngo yinjire mu busuku bw’igihe cose. Mu nyuma yaritavye rya Shure Rimenyereza Abasuku, rino riramufasha kwitegurira igikorwa akora ubu c’umucungezi w’umuzunguruko. Aranezerewe cane kubona yarakiriye neza indemesho yahawe, kandi arazi adakekeranya yuko ahiriwe kuruta bivuye ku ngingo yafashe yo gukora vyinshi mu murimo w’Ubwami.

5 Yehova arahezagira abantu bitanga ngo abakoreshe. (Yes. 6:8) Ntureke ngo hagire ikintu na kimwe kikubuza kwagura ubusuku bwawe no guhera akanyota be n’ukuruhurirwa mbere birushirije, bivuye mu kubukora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika