Ni Kuki Woguma Wamamaza?
1 Igikorwa c’ukwamamaza Ubwami coba kimaze igihe kirekire gikorwa mu kibano urimwo? (Mat. 24:14) Nimba kimaze igihe kirekire gikorwa, urashobora kwiyumvira yuko icibare ishengero ryakebewe camaze guheturwa mu buryo bukwiye. Kumbure, ubu na ho igihe wamamaza, abantu benshi muhura basa n’abatanezwe ivy’ubutumwa bw’Ubwami. Naho ari uko, raba ivyo dutegerezwa kumenya ku vyerekeye abigishwa b’ukuri ba Yezu biri mu gitabu La prophétie d’Isaïe II ku rupapuro rw’141 ahavuga ngo: “Mu mihingo imwimwe, ico ubusuku bwabo buvamwo gishobora gusa n’ikidashemeye ugereranije n’ukuntu igikorwa kingana hamwe n’akigoro kagirwa. N’aho nyene, barihangana.” Ariko none ni kuki woguma wamamaza?
2 Ibuka Yeremiya: Ukwihangana tugira turi abizerwa mu gikorwa c’ukwamamaza ntigukwiye kuba guhagaze ku vy’uko abantu batwumviriza canke batatwumviriza. Yeremiya yamamaje imyaka 40 mu cibare kimwe naho nyene bake cane ari bo bamwumvirije, benshi na bo bakaba bararwanije ubutumwa bwiwe. Ni kuki Yeremiya yakomeye ku muheto? Ni kubera ko yariko arakora igikorwa Imana yari yamutegetse gukora kandi kuba yari azi ivyari biraririye gushika muri kazoza, vyaramusunitse ngo agume avuga ashize amanga.—Yer. 1:17; 20:9.
3 Uko ivyacu vyifashe bimeze nk’ukwo nyene. Yezu “[y]atuge[ze] kumenyesha abantu no gushinga intahe kw ari we Imana yashinze kuba Umucama[nz]a w’abariho n’abapfuye.” (Ivyak. 10:42) Ubutumwa dutwara ni ikintu kizana ubuzima canke urupfu ku babwumva. Abantu bazocirwa urubanza hisunzwe ukuntu bakiriye inkuru nziza. Kubera bimeze gutyo, ibanga ryacu ni iryo gukora neza na neza nk’uko twategetswe gukora. N’igihe abantu banse kwumva, ivyo biraduha akaryo ko kwerekana urukundo rugera kure tubakunda be n’ukuntu twibanda kuri Yehova mu gukomera ku muheto tugakora ico dutegerezwa. Mugabo si ivyo gusa.
4 Turavyungukirako: Gukora ivy’Imana igomba, tutaravye ukuntu bavyakira mu cibare, biraduha amahoro yo mu mutima, ugushira akanyota n’ubuhirwe, ibintu ata yindi nzira umuntu yobironkeramwo. (Zab. 40:8) Ubuzima bwacu buragira ico buvuze koko kandi bukagira intumbero. Uko turushiriza kugira uruhara mu busuku, ni ko imitima yacu n’imizirikanyi yacu birushiriza guhanga amaso icizigiro co kubaho mw’isi nshasha y’Imana dufise umunezero. Kugumiza mu muzirikanyi iyo mihango ishingiye ku Vyanditswe biratuma dukura mu vy’impwemu kandi bigakomeza ubucuti dufitaniye na Yehova.
5 Naho tutobona ikivuyemwo ubwo nyene mu gikorwa cacu c’ukwamamaza, imbuto y’ukuri ishobora kuba yaratewe mu mutima w’umuntu ikazokura mu gihe Yehova yashinze. (Yoh. 6:44; 1 Kor. 3:6) Nta n’umwe muri twebwe azi ukuntu abazokwemera kwiga ivy’Ubwami biciye ku basavyi ba Yehova bangana, haba aho tuba canke mw’isi yose.
6 Turakwiye gushira ku mutima ibwirizwa rya Yezu kuruta uko twigeze kubigira. Rigira riti: “Mwiyubare, mube maso, musenge; kuko mutazi igihe bizoshikira. Arikw ico mbabariye, ndakibarira bose, nti Mwame mugavye.” (Mrk. 13:33, 37) Ku bw’ivyo, ese twese twoguma tuvuga inkuru nziza y’Ubwami, tugatuma umutima wa Yehova unezerwa uko tugira uruhara mu kweza izina ryiwe rihambaye kandi ryeranda.