“Abantu b’Ingabirano” Baragira Ubusho bw’Imana Babishashaye
1 Ese ingene ari intunganyo iranga urukundo Yehova yagize biciye ku Mwana wiwe mu kuturonsa “abantu b’ingabirano”! (Ef. 4:8, 11, 12, NW) Bafise amabanga menshi, dushizemwo kuragira ubusho bw’Imana babigiranye ubwira kandi babishashaye. (1 Pet. 5:2, 3) Twese turungukira kuri iyo ntunganyo ikenewe cane. Bamwe baba bari mu ngorane, ari bashasha, bafise ubugoyagoye bunaka canke baba barazimiye, abo bagabo baritwararikana igishika umwe wese ukwiwe kugira ngo bose bamererwe neza mu vy’impwemu.—Flp. 2:4; 1 Tes. 5:12-14.
2 Iyo hadutse ibintu vy’agacavutu muri iyi si idurumbanye, abo bungere batobato baragaragaza ko bameze “nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura.” Igihe turushe canke turemerewe n’igihe twumva dukeneye impumurizo baraturuhura “nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse” canke “nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.”—Yes. 32:2.
3 Ukuremesha Abahororokewe: Abakurambere baragira akigoro kadasanzwe kugira ngo baremeshe abacitse abasibiriza canke abahororokewe, mu kubafasha gusubira kugira uruhara badahorereza mu bikorwa vyose vy’ishengero. Ukugendera cungere kugiranywe urukundo kwarafashije benshi kwitaba amakoraniro y’ishengero badahorereza, barubakwa mu vy’impwemu gushika aho basubira kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Utwigoro nk’utwo twose tugirwa n’abakurambere tugaragaza ukwitwararika kuranga urukundo kwa Yehova n’uburongozi burangwa umwete bwa Yezu Kirisitu. Yarasize akarorero k’ukugaragaza ukwo kwitwararika kuri imwe yose mu ntama ziwe yashobora kuba yahuvye canke ikazimira.—Mat. 18:12-14; Yoh. 10:16, 27-29.
4 Abungere batobato bararondera ibimenyetso bigaragaza ubugoyagoye mu vy’impwemu bamwebamwe bashobora kuba bafise. Uwugaragaje wese ibimenyetso vy’ukudendebukirwa, uwusibiriza mu kwitaba amakoraniro, canke uwagabanije umwete mu murimo wo mu ndimiro, abantu nk’abo baba bakeneye gusahirizwa mu vy’impwemu. Abakurambere barashashaye gufasha umuntu wese atanguye kugaragaza impengamiro zijanye n’inyambaro be n’uburyo bwo kwitunganya vy’isi canke uwutsimbataza agatima ko kunebagura ishengero. Babigiranye ukwitwararika nyakuri n’urukundo rurangwa ikibabarwe, abacungezi bitwararika ‘baratanga ubwabo bugingo’ n’umutima ukunze kugira ngo bafashe abantu nk’abo ngo basubire gukunda Yehova.—1 Tes. 2:8.
5 Mu bihe vyaheze, Abakirisu bamwebamwe biyeguye barahevye kwifatanya n’ishengero, barahororokerwa mu vy’impwemu kubera ko bari barengewe n’ingorane z’amagara, z’ivy’ubutunzi vyifashe nabi canke imikazo yo mu muryango. Batarinze kubanegura, abakurambere babigiranye ubugwaneza barabasubiriza umutima mu nda yuko Yehova yitwararika intama ziwe zose kandi ko azobashigikira mu bihe bigoye. (Zab. 55:22; 1 Pet. 5:7) Abungere b’ubusho bari maso barashobora kubafasha gutahura yuko baramutse ‘biyegereje Imana, izobegera,’ mu kubahumuriza no mu kubaruhura.—Yak. 4:8; Zab. 23:3, 4.
6 Uguha Agaciro Abafise Ubumuga: Abungere batobato banyarukundo baritwararika kandi ivyerekeye abashobora kuba birengagizwa. Mu bifatanya n’ishengero ryose harimwo n’abantu bamwebamwe bamugaye, abari mu mazu babungabungiramwo abageze mu zabukuru canke abatakibasha namba. Birumvikana yuko uruhara rwabo mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami ko ruri n’aho rugarukira kubera ukuntu ivyabo vyifashe. Kumbure baronka akaryo ko gushinga intahe igihe gusa babonanye n’ababagendeye, abandi barwayi canke abaje kubafasha. Naho ari ukwo, ivyo bashoboye gukora vyose bibonwa ko ari intererano y’agaciro ku gikorwa co kwamamaza cose tugifatiye hamwe. (Mat. 25:15) Naho nyene bomara iminuta 15 bashinga intahe, ivyo bikwiye gushirwa kuri raporo, kandi bazobandanya guharurwa nk’abamamaji b’Ubwami badahorereza.
7 “Abantu b’ingabirano” bitwararika canecane ivyo abavukanyi babo bakenera mu vy’impwemu muri iki gihe co mu mwaka ni ukuvuga ikiringo c’Icibutso. Ese ingene ari akaryo kabereye ku bakurambere ko kugira akigoro kadasanzwe kugira ngo bafashe abo bose bazimiye ngo basubire kugira umunezero n’amahoro yo mu muzirikanyi azanwa n’ukwifatanya n’ishengero kurangwa n’igishika! Turanezerwa igihe tubonye abantu nk’abo ‘dusangiye ukwizera’ ari ho bari ku makoraniro y’ishengero kandi bakaja mu busuku bagasubira gukomeza ukwizera bafise mu nkuka y’incungu.—Gal. 6:10; Luka 15:4-7; Yoh. 10:11, 14.