Ubwubatsi mpuzamakungu bw’Ingoro z’Ubwami mu bihugu bimwebimwe vy’i Buraya
1 Mu myaka mirongo iheruka, mu bihugu bitari bike vy’i Buraya ushizemwo Uburaya bwo mu Buseruko, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe. Ahatari hake, ukwo kubuzwa kwari gukaze cane. Vyari bigoye kugira amakoraniro ku mugaragaro, gutyo vyasa n’aho bidashoboka kuronka Ingoro y’Ubwami yo gukoraniramwo. Ariko rero, muri iyi myaka ya vuba, “[Yehova] yadukoreye ibikomeye, natwe turanezerewe”.—Zab. 126:3.
2 Guhera mu 1983, umukazo wari ku Vyabona vya Yehova waratanguye gutezura. Mu 1989, muri Polonye no muri Hongiriya Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko. Mu 1991, Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko mu Burusiya. Kuva ico gihe, igikorwa carateye imbere mu Burusiya no mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Guhera muri Ntwarante 1996 gushika muri Gitugutu 1998, Inama Nyobozi yaremeye gutanga ingurane yo kwubaka Ingoro z’Ubwami 359, yasabwe n’ibiro vy’amashami bihagarikiye ibihugu 11 vy’i Buraya.
3 Igihe uraba amafoto ari muri iyi nyongera, nuzirikane ku bintu bihambaye kandi vy’akaroruhore Yehova yakoreye abasavyi biwe (Zab. 136:4). Wohimbarwa no kumenya yuko intererano zitangwa n’abavukanyi bo kw’isi yose ziriko zirakoreshwa neza cane, ivyo bikagaragaza amajambo Yezu yavuze yanditse muri Yohana 13:35 agira ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”.
4 Igihugu ca Rumaniya kiri mu bihugu vy’i Buraya biriko birungukira ku ntunganyo yo gufasha mu vy’ukwubaka Ingoro z’Ubwami mu bihugu bikenye, muri ico gihugu hakaba hubatswe Ingoro z’Ubwami 36 guhera muri Mukakaro 2000. Hakoreshejwe imigero imeze kumwe ku Ngoro z’Ubwami nka zose, muri Ukraine hubatswe Ingoro z’Ubwami 61 mu mwaka w’2001, mu 2002 na ho bubaka zindi 76. Babifashijwemwo n’amahera baterera mu Kigega Kigenewe Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’Ubwami amajana zarubatswe muri Bulugariya, Korowasiya, Makedoniya, Molodaviya, Uburusiya hamwe na Serebiya na Montenegro.
5 Kwubaka Ingoro z’Ubwami mu bihugu bimwebimwe, ntivyari vyoroshe, gutyo hategerezwa kugirwa akigoro gakomeye imbere y’uko iyubakwa nyaryo ritangura. Kenshi imyiteguro itwara igihe kirekire. Ikindi na co, kwubaka Ingoro y’Ubwami muri ico gice ca Buraya, bitwara amahera menshi gusumba kure n’iyo ayakoreshwa mu bice vyinshi vyo muri Afirika no muri Amerika y’Epfo. Ariko rero, kubera iyongerekana rinini ry’abasenga Yehova mu bihugu vya Buraya bikenye, haracakenewe Ingoro z’Ubwami amajana n’amajana!
6 Ese ukuntu ari agahore kubona iyongerekana ryihuta nk’iryo mu vyo kwubaka izo Ngoro z’Ubwami! Nk’uko ivyabonywe vyinshi bivyerekana, intahe ikomeye yarashinzwe aho hantu izo Ngoro z’Ubwami zubatswe. Mu turere tumwetumwe, abajejwe intwaro barakorwa ku mutima n’agatima ko gukurikiza neza amategeko y’ivy’ubwubatsi.
7 Yesaya yarabuye mu buryo bubereye ivyerekeye iterambere ry’ugusenga kw’ukuri. Biciye kuri uwo mumenyeshakazoza, Imana yabuye iti: “Jewe Uhoraho nzobishitsa ningoga igihe cavyo kigeze” (Yes. 60:22). Nta nkeka ko imyaka icumi iheze cabaye igihe Yehova yatumye haba iyongerekana mu Buraya bwo mu Buseruko. Ese Yehova yobandanya guhezagira cane utwigoro tugira kugira ngo tunyarutse iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami mu bihugu vyinshi mu kubandanya gushigikira ca Kigega Kigenewe Ingoro z’Ubwami! Ivyo bizotuma izindi Ngoro z’Ubwami nyinshi zubakwa mu bihugu bikenye. Bizoterera agacumu k’ubumwe kw’iterambere ry’ugusenga kw’ukuri mu mihingo myinshi ya Buraya no ku kurushiriza gushinga intahe gushika “ku mpera y’isi”.—Ivyak. 13:47.
[Pictures on page 3]
Inyubakwa igizwe n’Ingoro z’Ubwami Moscou, Uburusiya
[Pictures on page 4-6]
Ingoro z’Ubwami nshasha mu Buraya bwo mu Buseruko
Strumica, Makedoniya
Daruvar, Korowasiya
Bitola, Makedoniya
Sokal, mu ntara ya Lviv muri Ukraine
Mladost, Bulugariya
Krasnooktyabrskiy, akarere ka Maykop, Uburusiya
Bački Petrovac, Serebiya na Montenegro
Plovdiv, Bulugariya
Tlumach, mu ntara ya Ivano-Frankivsk muri Ukraine
Rava-Ruska, mu ntara ya Lviv muri Ukraine
Stara Pazova, Serebiya na Montenegro
Zenica, Bosiniya na Herizegovina
Sokal, mu ntara ya Lviv muri Ukraine
Zhydachiv, mu ntara ya Lviv muri Ukraine