‘Nusukurire Yehova unezerewe’
1. Ni igiki gishobora kubera abasavyi ba Yehova isoko ry’umunezero ntangere?
1 Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe” (Flp. 4:4). Agateka ko kwamamaza inkuru nziza no gufasha abantu bameze nk’intama gusenga Yehova ni isoko ry’umunezero ntangere (Luka 10:17; Ivyak. 15:3; 1 Tes. 2:19). Ariko none, nimba bishika tukabura umunezero mu busuku turangura, twokora iki?
2. Kuguma twibuka uwadushinze igikorwa cacu bishobora gute kugira ico biterereye ku munezero wacu?
2 Igikorwa dushingwa n’Imana: Uribuka yuko igikorwa cacu co kwamamaza kiva kuri Yehova. Emwe, twaratewe agateka ko ‘gukorana n’Imana’ mu vyo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami no guhindura abantu abigishwa (1 Kor. 3:9)! Kirisitu Yezu ari kumwe natwe muri ico gikorwa kitazokwigera gisubirwamwo (Mat. 28:18-20). N’abamarayika barakigiramwo uruhara kandi barakorana natwe mw’iyimbura rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu ririko riragirwa ubu (Ivyak. 8:26; Ivyah. 14:6). Ivyanditswe hamwe n’ivyo abasavyi b’Imana bibonera, biratanga ikimenyamenya kigaragara c’uko Yehova ariko ashigikira ico gikorwa. Ni co gituma igihe twamamaza, tugenda ‘tuvuga ibiva ku Mana, kandi ni ko tuvuga muri Kirisitu imbere y’Imana’ (2 Kor. 2:17). Ese ukuntu iyo ari imvo ikomeye ituma tugira umunezero!
3. Ni uruhara uruhe isengesho rigira mu vyo kuguma dufise umunezero mu murimo w’Imana?
3 Isengesho ni ntahara kugira ngo tugume dufise umunezero mu murimo w’Imana (Gal. 5:22). Kubera ko dushobora gukora igikorwa c’Imana mu gihe gusa iduhaye inkomezi, turakeneye kuyisaba impwemu yayo tubigiranye ubwira, Imana ikaba itanga iyo mpwemu ititangiriye itama ku bayiyisavye (Luka 11:13; 2 Kor. 4:1, 7; Ef. 6:18-20). Gusenga ku bijanye n’ubusuku bwacu bizodufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza igihe duhuye n’abantu batavyakira neza. Bizodushoboza kubandanya kwamamaza dushize amanga kandi dufise n’umwete.—Ivyak. 4:29-31; 5:40-42; 13:50-52.
4. Kwitegura neza bidufasha gute kwongereza umunezero turonka mu kwamamaza, kandi ni uburyo ngirakamaro bumwebumwe ubuhe dushobora gukoresha mu kwitegura?
4 Niwitegure neza: Uburyo ngirakamaro bwo kwongereza umunezero wacu igihe tugira uruhara mu busuku, ni uko twitegura neza (1 Pet. 3:15). Ukwitegura nk’ukwo ntigusaba umwanya munini. Bifata iminuta mikeyi gusa kugira ngo usubiremwo uburyo tugirwa inama bwo gushikiriza ibinyamakuru biba biherutse gusohoka canke uburyo bubereye bwo gushikiriza ibisohokayandikiro utegekanya gutanga. Kugira ngo uronke uburyo bwo gutanguza ikiyago bubereye, urashobora kuraba muri ka gatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago canke mu nomero z’Igikorwa dukorera Ubwami zarenganye. Abamamaji b’Ubwami bamwebamwe basanga bibafasha iyo banditse uburyo bwo gutanguza ikiyago bugufi ku gapapuro bitwaza mu ndimiro. Uko igihe kihaciye, barasubiramwo ivyo banditse kuri ako gapapuro kugira ngo biyibutse. Ivyo birabafasha kwirinda guhagarika umutima maze bikabaha uguturura gutuma bamamaza bashize amanga.
5. Umunezero utuzanira ivyiza ibihe twebwe hamwe n’abandi?
5 Umunezero urazana ivyiza vyinshi. Agatima karangwa umunezero karatuma ubutumwa bwacu burushiriza kuba ubukwegera. Umunezero uradukomeza tukihangana (Neh. 8:10; Heb. 12:2). Ikiruta vyose, umurimo wacu urangwa umunezero uraninahaza Yehova. Ku bw’ivyo rero, nimuze ‘dusukurire Yehova tunezerewe’.—Zab. 100:2.