Twigane inyifato yo mu mutima ya Yezu
1. Ni inyifato yo mu mutima iyihe Yezu yagaragaje?
1 Naho tutarigera tubona Umwana w’Imana, biciye ku nkuru yanditswe y’ubuzima bwa Yezu n’ubusuku yaranguye, twarashitse ku kumukunda vy’ukuri (1 Pet. 1:8). Mu kugamburuka ivyo Se agomba, yarahevye ikibanza ciwe co mw’ijuru kininahaye, maze aza hano kw’isi. Igihe yari umuntu, yarasukuriye abandi ata bwikunzi hanyuma aratanga ubuzima bwiwe ku bw’umuryango w’abantu (Mat. 20:28). Ijambo ry’Imana riduhimiriza riti: “Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu”. Twoshobora gute kwigana agatima kiwe ko kwitanga?—Flp. 2:5-8.
2. Ni ingorane iyihe abakirisu benshi bahangana, kandi ni igiki cobafasha kuyitsinda?
2 Igihe twumva turushe: Naho Yezu yari umuntu atunganye, nticabuza ko aruha. Igihe kimwe, igihe yari “ananijwe n’urugendo”, yarashinze intahe inogangije ku Musamariyakazi (Yoh. 4:6). Abakirisu benshi muri iki gihe barahangana n’ingorane nk’iyo. Umuntu amaze indwi akora ibikorwa biruhisha, ashobora gusanga bitoroshe kuronka inguvu zo kuja mu gikorwa co kwamamaza. Ariko rero, mu gihe twama tubigira, tuzosanga ubusuku bwa gikirisu butugarurira agatege mu vy’impwemu.—Yoh. 4:32-34.
3. Twoshobora gute kwigana umutima ukunze Yezu yari afise wo kwigisha?
3 Ikindi gihe, Yezu n’abigishwa biwe baragiye ahantu hiherereye kugira baruhuke gatoyi. Ariko rero, ishengero ryinshi ryarabimenye, rica ririruka ribatanga imbere kugira ribasangeyo. Aho gushavura, Yezu “[ryaramuteye] akagongwe”, aca atangura “ku[ry]igisha vyinshi” (Mrk. 6:30-34). Gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya bisaba agatima nk’ako nyene. Bisaba akigoro kamizako be n’ugukunda abantu vy’ukuri. Asangwa ata nyigisho ya Bibiliya urongora ubu, nturambirwe no kugerageza kuyirondera.
4. Gukora ubutsimvyi bwo gufasha bishobora kudufasha gute kwigana inyifato yo mu mutima ya Kirisitu?
4 Dushire ivy’impwemu mu kibanza ca mbere: Gukora ubutsimvyi bwo gufasha birashobora gutuma turushiriza kwitwararika imirimo ijanye n’ivy’impwemu. Umuvukanyikazi umwe akiri muto yanditse ati: “Nyina w’umwe mu bagenzi banje yaraturemesheje twese gukorana na we ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi kumwe. Ndanezerewe vy’ukuri kubona twarifatanije na we. Narahimbawe no kurushiriza kumenya abavukanyi n’abavukanyikazi, kandi bidatevye baciye bambera nk’umuryango. Narahimbawe kandi no kuronka uturyo twinshi two kubwira abandi ivyerekeye Yehova no kubigisha ukuri kw’akaroruhore kwerekeye Ubwami. Ivyo vyose vyatumye ndushiriza kwumva negereye Yehova n’ishirahamwe ryiwe”.—Zab. 34:8.
5. Ni kubera iki dutegerezwa kubandanya kugira akigoro ko kwigana inyifato yo mu mutima ya Yezu?
5 Twese turarwana urugamba ruri hagati y’umubiri wacu munyagasembwa be n’icipfuzo cacu co guhimbara Yehova (Rom. 7:21-23). Dutegerezwa kunanira agatima k’iyi isi ko kudashaka kwihata (Mat. 16:22, 23). Yehova arashobora kudufasha gutsinda urwo rugamba biciye ku mpwemu yiwe yera (Gal. 5:16, 17). Uko turindira ukubohorwa kwacu tukinjira mw’isi nshasha igororotse y’Imana, ese twokwigana inyifato yo mu mutima ya Yezu mu gushira imbere ivyungura Ubwami be n’ivyungura abandi, aho gushira imbere ibitwungura ubwacu!—Mat. 6:33; Rom. 15:1-3.