Ukwamamaza kuradufasha kwihangana
1 Ijambo ry’Imana riduhimiriza “[gusiganirwa] ivyo twashizwe imbere twihanganye” (Heb. 12:1). Nk’uko nyene umwirutsi akeneye ukwihangana kugira ashobore guhiganwa agatsinda, ni ko natwe dukeneye ukwihangana kugira tuzoshikire impera y’ubuzima budahera (Heb. 10:36). Ubusuku bwa gikirisu bushobora gute kudufasha kwihangana tudahemuka gushitsa kw’iherezo?—Mat. 24:13.
2 Turakomezwa mu buryo bw’impwemu: Ugutangaza icizigiro c’akaroruhore kiri muri Bibiliya cerekeye isi nshasha igororotse biratuma icizigiro cacu kiguma gikayangana (1 Tes. 5:8). Igihe tuja mu busuku bwo mu ndimiro tudahorereza, turaronka akaryo ko kumenyekanisha ukuri twize muri Bibiliya. Turaronka akaryo ko kuburanira ukwizera kwacu, ukwo na kwo kukaba kudukomeza mu buryo bw’impwemu.
3 Kugira ngo twigishe abandi mu buryo bwiza, dutegerezwa kuba ubwacu dutahura neza ukuri kwa Bibiliya. Dutegerezwa kugira ubushakashatsi ku vyo tuja kubigisha kandi tukabizirikanako. Akigoro tugirana umwete karatuma twongereza ubumenyi, tugakomeza ukwizera kwacu tukongera tukaruhurirwa mu buryo bw’impwemu (Imig. 2:3-5). Ku bw’ivyo, igihe turondera gufasha abandi tuba turiko turikomeza ubwacu.—1 Tim. 4:15, 16.
4 Ukugira umwete mu busuku, ni ikirwanishwa gihambaye muri vya “birwanishwa vyose vy’Imana”, ivyo na vyo tukaba tubikeneye kugira ngo duhagarare dushikamye, ntidutsindwe na Shetani be n’amadayimoni yiwe (Ef. 6:10-13, 15). Kwama turi na vyinshi dukora mu gikorwa ceranda, biradufasha kugumiza umuzirikanyi wacu ku bintu vyubaka kandi bikadufasha kwirinda kwononwa n’isi ya Shetani (Kol. 3:2). Uko twigisha abandi inzira za Yehova ni ko tubandanya kwibuka ko natwe ubwacu dukeneye kwama dufise ingeso zera.—1 Pet. 2:12.
5 Turonswa ubushobozi n’Imana: Ubwa nyuma, igikorwa dukora co kwamamaza kiratwigisha kwiheka kuri Yehova (2 Kor. 4:1, 7). Mbega ukuntu ari umuhezagiro! Igihe dutsimbataza ukwizigira nk’ukwo, ntibidufasha gusa kuba abakwije ivyangombwa ngo dukore ubusuku, ariko kandi biradufasha kuba abakwije ivyangombwa ngo twihanganire ibintu vyose vyodushikira mu buzima (Flp. 4:11-13). Kukaba nkako, kwiga kwiheka kuri Yehova tugaherezako ni co kintu nyamukuru kidufasha kwihangana (Zab. 55:22). Mu buryo bwinshi, ukwamamaza kuradufasha kwihangana.