ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/05 rup. 7
  • Twofasha gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twofasha gute?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Mwoba mufasha igihe hateye ivyago?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • “Ingabire igenewe Yehova”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ubusuku bwo gutabara
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ingene twofasha ahateye ibiza n’isibe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 11/05 rup. 7

Twofasha gute?

1 Ivyabona vya Yehova barakunze kwibaza ukuntu bofasha igihe bumvise icago cadutse mu mihingo imwimwe yo kw’isi. Nk’uko mu Vyakozwe n’intumwa 11:27-30 havyerekana, abakirisu bo mu kinjana ca mbere baratanze ivyo gutabara abavukanyi baba i Yudaya kubera ikigoyi cari cateye.

2 Mu bihe vya none, amategeko agenga ishirahamwe ryacu yaremeye ko amahera akoreshwa mu gikorwa co gufasha abamerewe nabi. Ayo mategeko yaremeye kandi ko amahera akoreshwa mu bijanye no gutabara imbabare igihe hadutse ivyago biturutse ku bidukikije, canke ibikwezwe n’abantu, cabure agakoreshwa mu bijanye no gutabara mu bindi bihe aho usanga bikenewe.

3 Nk’akarorero, mu mwaka uheze abavukanyi benshi baraterereye mu gufasha abashikiwe na ca cago c’ibisebuzi caba muri Aziya yo mu Bumanuko ciswe tsunami. Ico kintu abavukanyi bakoze bivuye ku mutima mu kurungika intererano ku kigega c’ishirahamwe kijejwe ivyo gutabara, carakengurutswe cane. Ariko rero, igihe intererano ziba zatanzwe zigenewe gusa gukoreshwa mu vyo gutabara ahadutse icago kanaka, vyoba vyiza mu bihugu bimwebimwe ayo mahera akoreshejwe mu buryo buhuje gusa n’ubwo nyene kuyatanga yerekanye kandi bikagirwa mu kiringo kinaka. Ivyo vyogirwa naho abavukanyi baho hantu hateye icago boba bafashije canke batafashije.

4 Ariko rero, birasabwe ko intererano zo gutabara imbabare be n’izo gutabara abamerewe nabi, zose zifatwa ko zigenewe igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ayo mahera arakoreshwa mu vyo gutabara canke mu vyo guteza imbere ivyo ikivukano cacu ca gikirisu gikeneye mu vy’impwemu. Mu gihe na ho hari ibitumye umuntu ashima ko intererano yo gutabara ayitandukanya n’intererano zigenewe igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, no muri ico gihe nyene izokwakirwa yongere ikoreshwe aho ari ho hose hakenewe gutabarwa. Yamara, vyoba vyiza intererano nk’izo zitanzwe umuntu atarinze kuvuga aho zokoreshwa canke ingene zokoreshwa.

5 Turungitse intererano canecane ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, bituma haboneka amahera menshi akoreshwa mu mice yose y’igikorwa c’Ubwami mu gishingo c’uko yobikwa kugira gusa aze akoreshwe muri kazoza hakenewe ivyo gutabara. Ivyo birahuje n’agatima dusanga mu Banyaefezi 4:16 (UB), kerekana ko dukorera hamwe mu gutanga ibikenewe kugira ngo “umubiri wose wiringanirize ibiwukuza, ngo wiyubake wo nyene mu rukundo”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika