ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/06 rup. 3-4
  • Tugume twiteze Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugume twiteze Yehova
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Dukurikire Kristu mu kwifata mu buryo buranga icubahiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Shemeza Yehova mw’ishengero rinini
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Amahwaniro y’intara ni igihe c’ugusenga giteye umunezero
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Woba witeguriye amazimano y’ivy’impwemu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 6/06 rup. 3-4

Tugume twiteze Yehova

1. Umutwe-shimikiro wa rya hwaniro ryimirije uvuga ngw’iki, kandi ni kubera iki uhuje n’igihe?

1 Yesaya yanditse ati: “Uhoraho [ni] Imana ica izibereye; hahirwa abashamaje bamwiteze bose” (Yes. 30:18b). Hariho inkuru nyinshi zo muri Bibiliya zivuga ukuntu Imana yashikije imanza yaciriye abansi bayo be n’ukuntu yarokoye abasavyi bayo b’intahemuka. Ni ivyigwa ibihe abasenga Yehova muri iki gihe bigira kuri mwene izo nkuru? Twokora iki ubu kugira twitegurire wa “musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho” (Yow. 2:31, 32)? Rya Hwaniro ry’Intara ryacu ryimirije ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”, rizotuvyurira umutima wo kuzirikana kuri ivyo bibazo no kwisuzuma. Rizodufasha kuguma twiteze Yehova.

2. Twokwerekana gute ko dukenguruka ihwaniro ryacu ry’intara?

2 Hoba hari ivyo waringanije kugira uze wungukire ku misi itatu yose iryo hwaniro rizomara? Nk’akarorero, woba umaze kwegera umukoresha wawe kugira umusabe ko woronka ikonji yo kuryitaba? Ntiwiyumvire ko uzoca uyironka ata kigoro wiriwe uragira. Bishire mw’isengesho hanyuma uheze ubisabe (Neh. 2:4, 5). Muri ubwo buryo nyene, ntidukwiye kuza turigizayo ibijanye no guheraheza kuringaniza ivyerekeye ukwiyunguruza, uburaro, be n’ibindi bintu vya nkenerwa. Gutegekanya neza ibintu imbere y’igihe muri ubwo buryo biragaragaza ko dukenguruka bimwe bigera kure imeza ya Yehova yo mu vy’impwemu. Abakurambere bakwiye kwitwararika gufasha abakeneye gusahirizwa mu bijanye n’indinganizo zabo z’ihwaniro, na canecane abageze mu zabukuru bo mw’ishengero.—Gal. 6:10.

3. Ni kamere izihe zikwiye kwigaragaza mu basavyi ba Yehova mu gisagara kiberamwo ihwaniro?

3 Kwigenza neza biratera iteka Imana: Igihe duhuriye hamwe ku mahwaniro turi abantu benshi, ukwigenza neza kwacu kurashinga intahe muri ako karere. Ivyo none bidusaba iki? Igihe turi mu mahoteli, mu maresitora no mu bindi bibanza birangurirwamwo imirimo yo mu biro n’ivy’ubucuruzi vyo mu karere kaberamwo ihwaniro, abantu tugira ivyo dukorana na bo bakwiye guhimbarwa na kamere zacu za gikirisu, nk’ukwihangana, ubugwaneza, ukwigumya, be n’ukugira ibitegereka (Gal. 5:22, 23; Flp. 4:5). Twese dukwiye kugaragaza rwa rukundo ‘rudakora ibiteye isoni, rutarondera ivyarwo, [“rutagira ishavu”, UB]’. Naho hoshika ingorane, tuzoshima “[g]ukorera vyose gushimisha Imana”.—1 Kor. 10:31; 13:5.

4. Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo kwigenza mu buryo butuma Yehova ashemezwa?

4 Inyuma y’ihwaniro rimwe, hari umukuru w’ihoteli imwe yakozwe ku mutima rwose n’uburyo urwaruka rwacu rwigenjeje be n’ukuntu rwari rwitunganije, ku buryo yaciye avuga yuko yipfuza ko “yokwama yakira Ivyabona vya Yehova mw’ihoteli yiwe”. Mbega ikintu gitera umunezero! Ivyo vyatumwe n’uko mwebwe abavyeyi mwamenyereje neza abana banyu mwongera murabacungera. Ntivyoba biranga ubukerebutsi hamwe abavyeyi borekera abana babo mw’ihoteli canke mu vyumba vy’uburaro badacungerewe. Abana bakwiye kwama bacungerwa neza (Imig. 29:15). Ese ukwigenza neza kwabo kwotuma Yehova ashemezwa n’umutima wiwe ukanezerwa!—Imig. 27:11.

5. Dushobora gute gutera iteka Yehova biciye ku kuntu twambara no ku kuntu twitunganya?

5 Kwambara no kwitunganya rupfasoni: Umwe wese muri twebwe arashobora kugira ico aterereye ku bijanye n’ingene abantu batubona kw’ihwaniro, mu kwirinda imideri be n’uburyo bwo kwitunganya biharawe, birengeje urugero, bitaranga urupfasoni, canke mu gupfa uko twambaye. Ivyo turakwiye kuvyirinda n’igihe turi ku rugendo tuja mu gisagara kiberamwo ihwaniro be n’igihe tuvayo, igihe tuba ruriko turafasha gutegura ikibanza kiberamwo ihwaniro, be n’igihe turiko turakurikirana porogarama. Kubera ko turi abasavyi b’Imana, ikituraza ishinga ubwa mbere na mbere ni izina rya Yehova be n’ingene abantu bomuvuga, si ivyo ubwacu twikundira canke bitworohereza. Ba serugo barafise ibanga ryo kuraba neza yuko ukuntu imiryango yabo yitunganya vyama igihe cose bigaragaza urupfasoni n’ukurorana mu muzirikanyi.—1 Tim. 2:9.

6. Ni kubera iki n’igihe turiko turiruhura, dukwiye kuguma tuboneka mu buryo buranga urupfasoni nka kurya nyene kwo mu biringo vy’ihwaniro?

6 Ni na ko kandi bihambaye kuguma tuboneka mu buryo buranga urupfasoni mu gihe c’ukwiruhura mu mahoteli, mu mamangazini, canke mu maresitora. Mu gihe co gufungura inyuma y’ibiringo vy’ihwaniro, birabereye ko twambara impuzu twambara turi mw’ihwaniro. Kwambara twa dukarata karanzi tw’ihwaniro biraturonsa uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye.—2 Kor. 6:3, 4.

7. Dushobora gute gufasha kugira ihwaniro ribemwo urutonde n’umunezero? (Raba “Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara”.)

7 Yesaya yavuze ati: “Uhoraho ashamaje kugira ngw abagirire ubuntu, kandi ni kubg’ivyo azohaguruka kugira ngw abagirire ikigongwe” (Yes. 30:18a). Gukenguruka ikigongwe ca Yehova be n’ubuntu atugirira tutari tubereye bikwiye gutuma tumutera iteka biciye mu buryo twigenza no mu buryo tuboneka igihe dukoraniye hamwe ku mahwaniro yacu. Ese rya Hwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!” ryoninahaza Imana yacu rikongera rikadufasha kuguma tuyiteze!

[Uruzitiro ku rup. 4]

Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara

◼ Ibihe porogarama izoberako: Muri iyo misi yose itatu, porogarama izohora itangura 2:30 zo mu gitondo. Hasigaye iminuta mikeyi ngo ikiringo c’ihwaniro gitangure, umuhagarikizi azoba yicaye ku mukiruruko mu gihe umuziki w’Ubwami wugurura uzoba uriko uravuga. Muri ico gihe twese dukwiye gufata ivyicaro kugira porogarama itangure mu rupfasoni. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:15 zo ku muhingamo, ku wa gatandatu irangire isaha 10:05 zo ku muhingamo, ku w’iyinga na ho irangire isaha 9:10 zo ku muhingamo.

◼ Ugufatira abandi ibibanza: Ukwiye gufatira ibibanza abantu mwazananye mu muduga gusa canke abo mubana mu rugo.

◼ Imfungurwa za sasita: Turabasavye muzoze mwitekereye impamba, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa mu karuhuko ka sasita. Ntivyemewe kuzana inzoga ahabera ihwaniro.

◼ Intererano: Ugutunganya ivy’ihwaniro ry’intara biratwara amahera menshi. Turashobora kwerekana ko dukenguruka mu gutanga intererano zivuye ku mutima ku Ngoro y’Ubwami iwacu canke kw’ihwaniro, ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

◼ Ibitabu: Biramaze kuboneka yuko mu gihe co gusohora ibitabu bishasha ku mahwaniro, hari aho usanga abantu basiganwa canke basunikana kugira bironse igitabu. Naho dutahura akanyamuneza mugira igihe muronse igitabu gishasha, twagomba kubibutsa mwese yuko mwokwama mwigenza mu buryo bubereye kandi buranga abakirisu, gutyo mukaba mushinze intahe nziza ku bo hanze.—1 Kor. 14:40.

◼ Amasanganya hamwe no gutabarwa vyihutirwa: Mu gihe mu kibanza c’ihwaniro habaye ibintu bisaba gutabarwa vyihutirwa, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu akwegereye na we azoce abimenyesha Urwego rujejwe gutabara abarwaye, kugira ngo abantu bajejwe ico gikorwa babimenyereye bari ng’aho bashobore kuraba nimba bikenewe canke bidakenewe maze bagire ico bafashije. Mu gihe bibaye nkenerwa, umuntu yoshobora kujanwa ku bitaro vya hafi.

◼ Ugufata amajwi n’amasanamu: Ivyuma bifata amajwi n’amasanamu vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose ntibikwiye gucomekwa ku vyuma biduza amajwi canke ku muyagankuba vy’aho hantu, kandi bikwiye gukoreshwa gusa mu buryo budatuma abandi basamara.

◼ Telefone ngendanwa: Umuntu akwiye kuyiregera ku buryo idasamaza abandi.

◼ Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Abamamaji bakwiye kugenda kw’ihwaniro bitwaje ako gapapuro kamwe canke tubiri. Mwene utwo dupapuro tuzoba kandi turi ahatangirwa ibitabu kw’ihwaniro. Utwo dupapuro twujujwe woshobora kuduha abo muri urwo rwego canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2005, rup. 6.

◼ Uburaro: Hazoboneka amasomero yo kuraramwo. Akenshi bizokenerwa ko umwe wese yizanira ibisaswa hamwe n’ibikoresho vyo guteka. Turabasavye mutashe muzosige aho hantu hasukuye. Ivyo bizoshingira intahe ikomeye izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika