Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Woba wibaza ko ukuroranirwa kw’umuntu gushobora kurabirwa ku butunzi afise? [Rindira yishure, maze uce usoma 1 Timoteyo 6:9, 10.] Naho Bibiliya itiyamiriza amahera, irerekana yuko ukuroranirwa nyakuri kutava ku butunzi. Iki kinyamakuru ivyo kirabisigura”.
Réveillez-vous ! Nzero
“Woba wibaza ko umusi uri izina tuzobona iranguka ry’ibi bintu? [Soma Yesaya 33:24, uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura ivyo ubuhinga mu vy’ubuvuzi buriko burashikako be n’ukuntu umuhango wa Bibiliya uzoranguka”.
Umunara w’Inderetsi 15 Nzero
“Wibaza ko ari hehe abubakanye bashobora kuronderera impanuro ngirakamaro? [Rindira yishure.] Raba uwatanguje umubano w’abubatse. [Soma Itanguriro 2:22.] Imana kandi yaratanze amabwirizwa ku bijanye n’uruhara ruteye iteka umugabo n’umugore bafise. Iki kinyamakuru kirabisigura”.
Réveillez-vous! Nzero
“Woba umaze kubona yuko abiyita abakirisu benshi badakurikiza inyigisho za Yezu? [Rindira yishure.] Nk’akarorero, benshi ntibakurikiza amajambo Yezu yavuze ngaha. [Soma Yohana 13:35.] Iki kiganiro kiravuga itandukaniro riri hagati y’ivyo Yezu yigishije be n’ivyiyumviro vy’abiyita abakirisu batari bake”. Niwerekane ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 18.