ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/08 rup. 1
  • Turafise itunga ry’agaciro twosangira n’abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turafise itunga ry’agaciro twosangira n’abandi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Twironkere itunga ‘ryahishijwe muri we bimwe vyitondewe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Nugumize umutima kw’itunga ryo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Niwerekane ko uha agaciro amatunga ataboneka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Twirundire ubutunzi mw’ijuru
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 11/08 rup. 1

Turafise itunga ry’agaciro twosangira n’abandi

1 Ijambo ry’Imana ryuzuyemwo itunga ry’ivy’impwemu duha agaciro cane. (Zab. 12:6; 119:11, 14) Igihe kimwe Yezu yarakoresheje ibigereranirizo vyerekana imice itandukanye y’Ubwami, maze aca abaza abigishwa biwe ati: “None mwategereye ico ivyo bintu vyose bisobanura?” Bamaze kwemera ko babitahuye, yaciye ababwira ati: “Ko ari ukwo biri, umwigisha w’abantu wese, iyo yigishijwe ku bijanye n’ubwami bwo mw’ijuru, amera nk’umuntu, nyen’urugo, asohora mu bubiko bw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ibishaje.”—Mat. 13:1-52.

2 Ukuri kwo muri Bibiliya twamenye igihe twatangura kwiga ari bwo bwa mbere kwoshobora kubonwa nk’aho ari itunga rya kera. Tubandanije kwongereza ubumenyi biciye ku kwiyigisha ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana, turabona ukundi kuri kwo muri Bibiliya, ukwo na kwo kukaba ari itunga rishasha tuba turonse. (1 Kor. 2:7) N’ikindi kandi, biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” turashika ku gutahura ibintu bishasha.—Mat. 24:45.

3 Turaha agaciro kanini ayo matungo yo mu buryo bw’impwemu, aya kera be na mashasha. Ivyo biratuvyurira umutima wo kurondera kumenyerezwa no guca uruma kuko turi abigisha b’Ijambo ry’Imana babwira abandi n’umutima ukunze ukuri kw’agaciro twamenye.

4 Niwigire ku karorero ka Yezu: Mu kwerekana ukuntu yiyumva ku bijanye n’iryo tunga, Yezu yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo arisangire n’abandi. N’igihe yaba arushe, ntiyahagarika kurikura “mu kigega” ciwe.—Yoh. 4:6-14.

5 Urukundo Yezu yakunda ababa bari n’ivyo bakeneye mu vy’impwemu, rwaramuvyurira umutima wo gusangira na bo itunga ritanga ubuzima rijanye n’ukuri kwerekeye Imana. (Zab. 72:13) Yarumvira akagongwe abari n’inzara y’ivy’impwemu kandi yaravyurirwa umutima wo “kubigisha ibintu vyinshi.”—Mrk. 6:34.

6 Twigane Yezu: Nk’uko Yezu yabigira, tuzokwumva dushashaye kwereka abantu ibintu vy’agaciro vyo mu vy’impwemu nk’uko nyene biri muri Bibiliya nitwaha agaciro kanini itunga dufise. (Imig. 2:1-5) Naho rimwe na rimwe twoshobora kwumva turushe, tuzovuga ivyerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe tubishashaye. (Mrk. 6:34) Gukenguruka cane iryo tunga dufise bizotuvyurira umutima wo kurushiriza gukora vyinshi mu busuku, no kwama nantaryo turondera kubugiramwo uruhara bimwe bishitse.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika