Turafise itunga ry’agaciro twosangira n’abandi
1 Ijambo ry’Imana ryuzuyemwo itunga ry’ivy’impwemu duha agaciro cane. (Zab. 12:6; 119:11, 14) Igihe kimwe Yezu yarakoresheje ibigereranirizo vyerekana imice itandukanye y’Ubwami, maze aca abaza abigishwa biwe ati: “None mwategereye ico ivyo bintu vyose bisobanura?” Bamaze kwemera ko babitahuye, yaciye ababwira ati: “Ko ari ukwo biri, umwigisha w’abantu wese, iyo yigishijwe ku bijanye n’ubwami bwo mw’ijuru, amera nk’umuntu, nyen’urugo, asohora mu bubiko bw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ibishaje.”—Mat. 13:1-52.
2 Ukuri kwo muri Bibiliya twamenye igihe twatangura kwiga ari bwo bwa mbere kwoshobora kubonwa nk’aho ari itunga rya kera. Tubandanije kwongereza ubumenyi biciye ku kwiyigisha ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana, turabona ukundi kuri kwo muri Bibiliya, ukwo na kwo kukaba ari itunga rishasha tuba turonse. (1 Kor. 2:7) N’ikindi kandi, biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” turashika ku gutahura ibintu bishasha.—Mat. 24:45.
3 Turaha agaciro kanini ayo matungo yo mu buryo bw’impwemu, aya kera be na mashasha. Ivyo biratuvyurira umutima wo kurondera kumenyerezwa no guca uruma kuko turi abigisha b’Ijambo ry’Imana babwira abandi n’umutima ukunze ukuri kw’agaciro twamenye.
4 Niwigire ku karorero ka Yezu: Mu kwerekana ukuntu yiyumva ku bijanye n’iryo tunga, Yezu yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo arisangire n’abandi. N’igihe yaba arushe, ntiyahagarika kurikura “mu kigega” ciwe.—Yoh. 4:6-14.
5 Urukundo Yezu yakunda ababa bari n’ivyo bakeneye mu vy’impwemu, rwaramuvyurira umutima wo gusangira na bo itunga ritanga ubuzima rijanye n’ukuri kwerekeye Imana. (Zab. 72:13) Yarumvira akagongwe abari n’inzara y’ivy’impwemu kandi yaravyurirwa umutima wo “kubigisha ibintu vyinshi.”—Mrk. 6:34.
6 Twigane Yezu: Nk’uko Yezu yabigira, tuzokwumva dushashaye kwereka abantu ibintu vy’agaciro vyo mu vy’impwemu nk’uko nyene biri muri Bibiliya nitwaha agaciro kanini itunga dufise. (Imig. 2:1-5) Naho rimwe na rimwe twoshobora kwumva turushe, tuzovuga ivyerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe tubishashaye. (Mrk. 6:34) Gukenguruka cane iryo tunga dufise bizotuvyurira umutima wo kurushiriza gukora vyinshi mu busuku, no kwama nantaryo turondera kubugiramwo uruhara bimwe bishitse.