Ubuyobozi buhawe abashikiriza ibiganiro mw’Ikoraniro ry’umurimo
Guhera kuri iki Gikorwa dukorera Ubwami, imvugo zikoreshwa mu ntonde z’Ikoraniro ry’umurimo zigiye kworoshwa. Ubuyobozi be n’ivyibutswa bikurikira biratomora bikongera bikagira amakuru mashasha vyongeye ku vyavuzwe muri ca kiganiro kivuga ngo “Ukuntu twokwitegurira Ikoraniro ry’umurimo” casohotse mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2009.
◼ Insiguro: Ni ikiganiro gishingiye ku mayagwa yatanzwe, gishikirizwa ata vyo guha ijambo abumviriza. Uwugishikiriza akwiye gushimika ku bintu bizofasha ishengero kuruta ibindi.
◼ Ibibazo n’inyishu: Nka kurya nyene kw’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, ico kiganiro kiragira intangamarara be n’insozero bigufi, hakabazwa ibibazo ku ngingo zose. Uwukiyobora akwiye kwirinda kuvuga vyinshi. Ivyanditswe nyamukuru vyoshobora gusomwa umwanya ubibakundiye. Ingingo ntizikwiye gusomwa kiretse gusa igihe ubuyobozi bwatanzwe bubisaba.
◼ Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza: Ni insiguro iza iracishamwo igaha ijambo abumviriza. Si insiguro gusa, mugabo kandi si ikiganiro gishikirizwa uko cakabaye biciye ku bibazo n’inyishu.
◼ Imyerekano n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo: Iyo ubuyobozi busavye ko hagirwa umwerekano, biba bisobanura ko umuvukanyi yahawe gushikiriza ico kiganiro ari we ajejwe gutunganya ivy’uko hagirwa umwerekano; si ngombwa ngo abe ari we ashikiriza uwo mwerekano. Abo ahitamwo ngo bamufashe kuwushikiriza bakwiye kuba babishoboye kandi ari intangakarorero, akaba akwiye gutunganya na bo ivy’uwo mwerekano hakiri kare igihe biba bishoboka. Vyiza umuntu ntiyokoresha abamamaji bashasha canke bataramenya utuntu n’utundi ngo abe ari bo berekana ingene igikorwa gikwiye gukorwa, arondera gusa kubaha akaryo ko kuja ku mukiruruko, naho bamwebamwe muri bo boshobora gukoreshwa nk’ababwirwa inkuru nziza. Abamamaji bashikiriza umwerekano bakwiye kwirinda guha umugongo abumviriza. Abakoreshwa mu kiganiro co kubaza ibibazo bakwiye kuvugira ku mukiruruko aho kuvugira mu bibanza bicayemwo. Imyerekano be n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo bikwiye gutegurwa bigasubirwamwo. Nimba umwanya iryo koraniro rimara usa n’uwuhava urenga maze bikaba ngombwa ko umuvukanyi agabanya ikiganiro ciwe, azokwirinda gukuramwo imyerekano canke ukubaza ibibazo. Abakozi b’ishengero bakwiye kubaza umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere canke uwundi mukurambere imbere yo guhitamwo abo bokoresha mu kiganiro cabo.
Nimba hari ubuyobozi budasanzwe bwatanzwe ku kiganiro kanaka kidasanzwe, ubwo buyobozi bukwiye gukurikizwa neza. Mu gushikiriza ibiganiro vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo nk’uko bihejeje kwerekanwa, abavukanyi bazogira ico baterereye kugira ngo Amakoraniro y’umurimo “[a]be mu buryo bubereye kandi ku rutonde.”—1 Kor. 14:40.