ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/11 rup. 4-6
  • Woba ushobora ‘kujabuka ukaja i Makedoniya’?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushobora ‘kujabuka ukaja i Makedoniya’?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Woba ushobora kujabuka ukaja i Makedoniya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene wokwagura umurimo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Kwimukira ahari inkenero kuruta
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Nubungabunge ukwizera kwawe igihe ukorera mu mahanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 8/11 rup. 4-6

Woba ushobora ‘kujabuka ukaja i Makedoniya’?

1. Ni igiki catumye Paulo na bagenziwe baja i Makedoniya?

1 Nko mu mwaka wa 49 G.C., intumwa Paulo yaragize urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira kabiri avuye i Antiyokiya ho muri Siriya. Yagomba kuja i Efeso no mu bindi bisagara vyo muri Aziya Ntoya. Ariko rero, yaciye aterwa akamo biciye ku mpwemu ngo ‘ajabuke aje i Makedoniya.’ We na bagenziwe baremeye ako kamo babikunze, maze baraterwa agateka ko gushinga ishengero rya mbere muri ako karere. (Ivyak. 16:9, 10; 17:1, 2, 4) Muri iki gihe, mu mihingo imwimwe y’icibare cacu gikwiye kw’isi yose harakenewe vy’ukuri abimbuzi biyongereye. (Mat. 9:37, 38) Woba ushobora kugira ico ufashije?

2. Kubera iki bamwebamwe batarazirikana ivyo kwimukira mu cibare kidafise abagikoreramwo?

2 Ushobora kuba ufise agatima k’ubumisiyonari nk’aka Paulo mugabo ukaba utaricara ngo uzirikane ivyo kwimukira mu cibare gifise inkenero vy’ukuri, bivanye kumbure n’imyaka ufise canke kubera uri mushiki wacu atubatse canke kubera ufise abana bakiri bato. Ariko umaze kubirimbura ubishize no mw’isengesho, hari aho wosanga ivyo atari ngombwa ngo bikubuze kwimukira mu cibare kidafise abagikoreramwo.

3. Kubera iki atari ngombwa guca mw’ishure ry’abamisiyonari kugira ushobore kwamamaza mu cibare kidafise abagikoreramwo?

3 Vyoba ari ngombwa guca mw’ishure ry’abamisiyonari? Ni igiki catuma Paulo na bagenziwe baroranirwa? Ni uko biheka kuri Yehova no ku mpwemu yiwe nyeranda. (2 Kor. 3:1-5) Ku bw’ivyo, naho vyoba bitogukundira kuja mw’ishure ryokumenyereza mu buryo budasanzwe, urashobora kwamamaza mu cibare kidafise abagikoreramwo ukaroranirwa. Wibuke kandi ko uguma umenyerezwa biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi no kw’Ikoraniro ry’umurimo. Vyongeye, nimba ufise umugambi wo kwagura ubusuku bwawe, kwimukira mu cibare kiri ukwa conyene bizotuma umenya utuntu n’utundi, ivyo bikaba bizogufasha cane mu nyuma uramutse wemerewe kuronswa ukumenyerezwa kwiyongereye.

4. Kubera iki abitereye mu myaka batokwiyumvira ko badashobora kuja kwamamaza mu turere turimwo inkenero?

4 Abitereye mu myaka: Abitereye mu myaka bahumuye mu vy’impwemu kandi bafise amagara twovuga ko ari meza barashobora kuba kirumara cane mu turere dukenewemwo abamamaji. Woba umaze gukukuruka? Hari mbere n’abaronka agapansiyo kabayabaye bikunda ko baba mu karere gafise abamamaji b’Ubwami bake.

5. Niwigane icabonywe c’umuvukanyi yakukurutse yimukiye mu kindi gihugu.

5 Umuvukanyi umwe yakukurutse wo mu gihugu bavugamwo icongereza ni umukurambere akaba n’umutsimvyi. Yarimukiye mu karere kagenderwa cane n’ingenzi ko muri Aziya yo mu Bumanuko bushira Ubuseruko kugira ashigikire umugwi w’abamamaji icenda ukoresha icongereza. Uwo mugwi wabwira inkuru nziza abanyamahanga 30.000 baba muri ako karere. Mu myaka ibiri, amakoraniro yari asigaye yitabwa n’abantu 50. Uwo muvukanyi yanditse ati: “Kwimukira ng’aha vyanzaniye imihezagiro y’akaroruhore iruta iyindi yose nigeze kuronka. Noyibadondera bwokwira bugaca!”

6. Niwigane icabonywe ca mushiki wacu umwe atubatse yimukiye mu gihugu cari gifise inkenero nini.

6 Bashiki bacu batubatse: Yehova yarakoresheje bashiki bacu mu buryo bukomeye cane mu gukwiragiza inkuru nziza mu vyibare bifise inkenero kuruta ibindi. (Zab. 68:11) Mushiki wacu umwe akiri muto atubatse yari afise umugambi wo kwagurira ubusuku bwiwe mu kindi gihugu, ariko abavyeyi biwe bakaba bari barajwe ishinga n’umutekano wiwe, kandi ivyo vyari vyumvikana. Yaciye rero ahitamwo igihugu cari gitekanye mu vya politike no mu vy’ubutunzi, arandikira ibiro vy’ishami maze araronka amakuru atomoye kandi y’ingirakamaro. Mu myaka itandatu yamaze muri ico gihugu, yarironkeye imihezagiro myinshi. Avuga ati: “I muhira nta turyo twinshi nari kuronka two kuyobora inyigisho za Bibiliya. Ariko gukorera ahari inkenero kuruta ahandi vyatumye nshobora kuyobora inyigisho nyinshi nongera ndaryohora vy’ukuri ubuhanga bwanje bwo kwigisha.”

7. Niwigane icabonywe c’umuryango wimukiye mu cibare gifise inkenero cane.

7 Imiryango: Nimba ufise abana, vyoba bisobanura ko udashobora kwimukira mu cibare kidafise abagikoreramwo kugira uteze imbere inkuru nziza? Umuryango umwe urimwo abana babiri, umwe w’imyaka umunani uwundi w’imyaka cumi, warafashe ingingo yo kugerageza ico kintu. Ku bijanye n’ivyo biboneye, inabibondo yandika ati: “Turashima kubona abana bacu twarabarereye ng’aha, kubera ko vyatumye bifatanya n’abatsimvyi badasanzwe be n’abamisiyonari. Gukorera ahari inkenero kuruta ahandi vyatumye ubuzima bwacu burushiriza kuba bwiza.”

8, 9. (a) Abariko barazirikana ivyo kwimukira mu cibare kidafise abagikoreramwo bakwiye gukora iki? (b) Ni indinganizo nshasha iyihe iriho ifasha guhetura icibare gikorerwamwo gake? (Raba uruzitiro)

8 Ingene wobigenza: Imbere yo kuja i Makedoniya, Paulo na bagenziwe bari bipfuje kugenda bagana mu burengero, ariko ‘impwemu nyeranda irababuza,’ baca rero barahindukira bagana mu buraruko. (Ivyak. 16:6) Begereje i Bitiniya, Yezu yaciye ababuza kwinjirayo. (Ivyak. 16:7) Biciye kuri Yezu, Yehova arabandanya kuyobora igikorwa co kwamamaza. (Mat. 28:20) Ku bw’ivyo, nimba uriko urazirikana ivyo kwimukira mu cibare kidafise abagikoreramwo, nusabe ubuyobozi Yehova mw’isengesho.—Luka 14:28-30; Yak. 1:5; raba uruzitiro ruvuga ngo “Indinganizo nshasha yo guhetura icibare gikorerwamwo gake.”

9 Nuganire n’abakurambere be n’abandi bakirisu bahumuye urabe ko hari iciyumviro ciza boguterera. (Imig. 11:14; 15:22) Woba ushobora gukubitira muri ico cibare wiyumvira kwimukiramwo, kumbure ukahamara imisi itari mike? Nimba wipfuza vy’ukuri kwimukira mu kindi cibare, woshobora kwandikira ibiro vy’ishami kugira uronke amakuru yiyongereye. Ariko rero, aho guca urungika iryo kete ku biro vy’ishami, nubanze urihe abakurambere banyu bagire ico bongeyeko imbere y’uko barirungika.—Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, urupapuro rwa 111-112.

10. Ni ibiki ibiro vy’ishami bizogufasha, ariko ni ibiki ujejwe ku giti cawe?

10 Ibiro vy’ishami bizokurungikira amakuru ngirakamaro ajanye n’ico cibare kugira agufashe gufata ingingo, mugabo si vyo bizokumenya mu vy’ubutunzi canke ngo bikuronderere uburaro. Abimukira ahandi bakwiye kuba bashoboye kwironsa ivyo bakeneye no kwitunganiriza ivyo basabwa n’amategeko.—Gal. 6:5.

11. Ni gute abo bitokundira kwimukira ahandi boshobora kwagurira ubusuku mu karere iwabo?

11 Igihe udashobora kwimukira ahandi: Nimba bitogukundira kwimukira mu kindi cibare, ntucike intege. Hari aho uwundi “muryango munini uja ku gikorwa” woba umaze kukwugururirwa. (1 Kor. 16:8, 9) Umucungezi wanyu w’umuzunguruko yoshobora kuba azi ahari inkenero hafi y’aho uba. Kumbure woshobora gufasha mw’ishengero canke mu mugwi biri hafi bikoresha ururimi runyamahanga. Canke hari aho woshobora kwagurira ubusuku bwawe mw’ishengero usanzwe urimwo. Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, igikuru ni uko ukorera Imana utiziganya.—Kol. 3:23.

12. Twovyifatamwo gute igihe hari abipfuza kwimukira mu cibare kidafise abagikoreramwo?

12 Woba uzi umukirisu ahumuye mu vy’impwemu afise umugambi wo kuja gukorera mu cibare kidafise abagikoreramwo? Numufate mu mugongo rero wongere umuremeshe! Igihe Paulo yava i Antiyokiya h’i Siriya, cari co gisagara kigira gatatu mu bunini mu Nganji y’Abaroma (havuye ica Roma n’ica Alegizandiriya). Uravye ukuntu ico cibare c’i Antiyokiya cari kinini cane, ishengero ryaho rishobora kuba ryari rikeneye imfashanyo ya Paulo, kandi ryomukumbuye cane aramutse agiye. Yamara, Bibiliya ntiyerekana ko abavukanyi baho baremesheje Paulo ngo ntagende. Biboneka ko aho kwiyumvira icibare cabo gusa bibutse yuko “itongo,” canke icibare, ‘ari isi.’—Mat. 13:38.

13. Ni imvo izihe zotuma tuzirikana ivyo ‘kujabuka tukaja i Makedoniya’?

13 Paulo na bagenziwe barahezagiwe cane kubera ko bitavye akamo ko kujabuka bakaja i Makedoniya. Igihe bari mu gisagara c’i Filipi co mu ntara ya Makedoniya, barahasanze Lidiya, maze “Yehova yugurura cane umutima wiwe ngo yiteho ibivugwa na Paulo.” (Ivyak. 16:14) Iyumvire umunezero Paulo n’abamisiyonari bagenziwe bagize igihe Lidiya n’abo mu rugo rwiwe bose babatizwa! Mu bihugu vyinshi, hari abantu b’umutima nziraburyarya nka Lidiya batarashikirwa n’ubutumwa bw’Ubwami. ‘Ujabutse ukaja i Makedoniya’ woshobora kugira umunezero wo kuronka abantu mwene abo no kubafasha.

[Uruzitiro ku rup. 5]

Indinganizo nshasha yo guhetura icibare gikorerwamwo gake

Ikibazo: Noba nshobora gukorera igihe gito mu cibare gikorerwamwo gake canke kidafise abagikoreramwo, ntiriwe ndimukirayo?

Inyishu: Egome. Abipfuza gukorera muri ivyo vyibare umusi umwe gushika ku mezi 2 boshobora kubisaba Ibiro vy’ishami.

Ikibazo: Icibare gikorerwamwo gake ni iki?

Inyishu: Gishobora kuba ari icibare kidafise abagikoreramwo, canke icibare gifiswe n’amashengero adashoboye kwama yahetuye icibare cayo.

Ikibazo: Ni nde ashobora gusaba kuja gukorerayo?

Inyishu: Umugwi uwo ari wo wose w’abamamaji bafise impagararo nziza wogisaba. Uwo mugwi ukwiye kuba ugizwe n’imiburiburi n’abantu 2 ariko batarenga 20, uharuyemwo n’abana bakiri batoyi b’abo bamamaji.

Ikibazo: Uwo mugwi ubisaba gute?

Inyishu: Uwo mugwi ukwiye kugena umwe mu bawugize kugira abe umuhagarikizi wawo. Uwo muhagarikizi w’umugwi na we akwiye guca asaba umunyamabanga urupapuro rwo gusabirako gukorera mu cibare gikorerwamwo gake.

Ikibazo: Umuhagarikizi w’umugwi ajejwe iki?

Inyishu: Umuhagarikizi w’umugwi ni we ajejwe guhagarikira ivy’urugendo rw’uwo mugwi, kurondera ibitabu, no guhanahana amakuru n’abo vyega bose, harimwo n’Ibiro vy’ishami.

Ikibazo: Abamamaji bo mu yandi mashengero boba bashobora kwiyunga ku mugwi w’uwo muhagarikizi?

Inyishu: Egome. Abo bamamaji bakwiye gusaba umunyamabanga wabo urupapuro rwo gusabirako gukorera mu cibare gikorerwamwo gake.

Ikibazo: Amagenekerezo yo gukorerayo ashingwa gute?

Inyishu: Abagize umugwi boshobora kuvuga amagenekerezo yoborohereza. Boshobora guhabwa gukorerayo umusi umwe gushika ku mezi abiri akurikirana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika