Nufashe abantu bumvirize Imana
1. Ni udutabu utuhe twasohowe kuri rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ubwami bw’Imana nibuze!”, kandi ni igiki gituma utwo dutabu tuba kirumara?
1 Kuri rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ubwami bw’Imana nibuze!”, harasohowe udutabu tubiri dushasha, akitwa ngo Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera be n’akandi koroheje kitwa ngo Niwumvirize Imana. Kubera ko dufise amajambo make, turoroshe cane gushira mu zindi ndimi. Nkako, igihe ako gatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera kasohorwa, vyari bimaze kwemerwa ko gashirwa mu ndimi 431.
2. Ni bande utwo dutabu tuzofasha?
2 Ni bande canecane utwo dutabu tuzofasha? Raba ibi bintu bitandukanye bikunze kuba hirya no hino kw’isi:
• Umwamamaji ariko aganiriza umuntu ari bwo bwa mbere amugendeye canke asubiye kumugendera, akabona ko uwo muntu atazi gusoma canke ko atazi gusoma neza.
• Umwamamaji arabwira inkuru nziza abantu bavuga ururimi tumaze gusohoramwo ibitabu bike canke tutarasohoramwo igitabu na kimwe. Canke na ho abenshi mu cibare akoreramwo ntibashobora gusoma ururimi basanzwe boroherwa no kuvuga.
• Umwamamaji arakoresha ururimi rw’ibimenyetso kugira abwire inkuru nziza abaragi bo mu cibare akoreramwo.
• Umuvyeyi aripfuza kwigisha ukuri umwana wiwe akiri muto ataramenya gusoma.
3. Agatabu Niwumvirize Imana gateguwe gute?
3 Ukuntu duteguwe: Agatabu Niwumvirize Imana gafise amajambo make. Akenshi riba ari iryungane rimwe gusa ryoroshe riri epfo kuri buri rupapuro riherekejwe n’icanditswe gishimika ku vyiyumviro nyamukuru. Kubera iki gatunganijwe gutyo? Dufate ko hari uwuguhaye agatabu kari mu rurimi udashobora gusoma, kumbure rukoresha indome utazi. Ubwo kogushimisha naho koba karimwo amashusho aryoheye ijisho? Ngirango ntikogushimisha. Abantu batazi gusoma usanga na bo nyene vyoroshe ko baterwa ubuyega n’ibitabu birimwo amajambo. Ni co gituma kuri buri rupapuro usanga hibonekeza cane amashusho yateguwe bimwe vyitondewe afise n’utuntu dusongoye twerekana ukuntu ayo mashusho akwiye gukurikirana igihe muyaganirako.
4. Agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera gateguwe gute?
4 Amashusho yo mu gatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera asa n’ayari mu gatabu Niwumvirize Imana. Ako gatabu kagenewe gukoreshwa mu kwigisha abatazi gusoma neza canke abariko bariga gusoma. Umwamamaji arashobora no kugakoresha igihe ariko arigisha umuntu asanzwe akoresha agatabu Niwumvirize Imana. Buri cigwa usanga gifata impapuro zibiri. Hejuru ku rupapuro rw’ibubamfu, hari ikibazo umuntu aronkera inyishu muri ico cigwa. Iruhande y’amashusho uhasanga amajambo ari kumwe n’ivyanditswe. Ku mpapuro zitari nke, amaja hepfo, hariho akazitiro gafise ibara karimwo n’ibindi vyiyumviro be n’ibindi vyanditswe mushobora kurimbura bivanye n’ubushobozi bw’uwo wigisha.
5. Ni ryari twoshobora gushikiriza utwo dutabu, kandi gute?
5 Ukuntu twokoreshwa: Woshobora gutanga ako ari ko kose muri utwo dutabu mu busuku bw’inzu ku nzu igihe cose ubonye ko hari ico kofasha, naho udutabu tutoba ari two dushikirizwa muri ukwo kwezi. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ukuntu twoshikirizwa.”) Mu kugashikiriza umuntu usubiye kugendera woshobora gusa kumubwira yuko hari ico wipfuza kumwereka hanyuma ugaca ukamuha.
6. Tuzoyobora gute inyigisho ya Bibiliya dukoresheje utwo dutabu?
6 Kubera ko agatabu Niwumvirize Imana katagira ibibazo, mu kuyaga ntihazokoreshwa ibibazo n’inyishu nk’uko wobigenza mu kwigisha umuntu mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Abantu bo mu mico itandukanye bararyoherwa no kwumva inkuru. Nukoreshe rero ayo mashusho kugira ngo uyagire abandi inkuru zahumetswe ziri muri Bibiliya. Nusigure ayo mashusho. Nube umuntu afise igishika. Nusabe uwo wigisha akubwire ivyo abona n’ivyo yiyumvira. Nimusome ivyanditswe biri hepfo ku rupapuro hanyuma muzirikanire hamwe ico bivuga. Nubaze ibibazo kugira utume agira uruhara muri ico kiyago no kugira wiyemeze neza ko abitahura. Niba akoresha agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, igihe mwihweza buri shusho nimusomere hamwe amajambo aherekeza nya shusho be n’ivyanditswe bihari.
7. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya gutera imbere?
7 Nufashe uwo wigisha gutera imbere: Hari aho ikiyago muzogirana n’uwo wigisha kizotuma yipfuza kwiga gusoma kugira ngo we ubwiwe yironse ubumenyi bwerekeye Yehova. (Mat. 5:3; Yoh. 17:3) Ku bw’ivyo rero, niba muganira mu gatabu Niwumvirize Imana, hari aho mu nyuma womusaba ngo umwigishe gusoma, hanyuma mukazotangura kwiga mu gatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Agatabu mukoresha kaba akahe, mukarangije uwo wigisha ntazoba arakwiza ibisabwa vyo kubatizwa. Ukwiye guca umwigisha mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke mu kindi gitabu kibereye kizotuma arushiriza gutahura Bibiliya.
8. Kubera iki ukenguruka utwo dutabu dushasha two gukoresha mu busuku?
8 Abantu bategerezwa kwumviriza Segaba w’ibiriho vyose nimba bipfuza kubaho ibihe bidahera. (Yes. 55:3) Kandi Yehova agomba ko “abantu b’uburyo bwose” biga kumwumviriza, ushizemwo n’abatazi gusoma. (1 Tim. 2:3, 4) Ese ukuntu dukenguruka utwo dutabu dushasha dushobora gukoresha kugira ngo twigishe abantu ingene bokwumviriza Imana!
[Uruzitiro ku rup. 3]
Ukuntu twoshikirizwa
Numwereke urupapuro rwa 2-3, uce uvuga uti: “Woshima kuba mw’isi imeze gutya? [Rindira yishure.] Bibiliya isezerana [canke iki gitabu ceranda gisezerana] yuko Imana igiye vuba gutuma isi icika ahantu heza kandi hatekanye hatarangwa umukene canke umurwayi. Raba ico dutegerezwa gukora kugira tuzohibere. [Soma icanditswe co muri Yesaya 55:3, ikiboneka hejuru ku rupapuro rwa 3.] Iki canditswe kidusaba ‘kuza ku’ Mana hanyuma ‘tukayumviriza.’ Ariko none, twumviriza Imana gute?” Zingurura ku rupapuro rwa 4-5 murabire hamwe inyishu. Nimba ata mwanya afise, numusigire ako gatabu hanyuma muvugane ivyo kuzogaruka kugira ngo murabire hamwe inyishu y’ico kibazo.