Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Nzero
“Twipfuza kumenya ico wiyumvira kuri iki kibazo. Izina ry’Imana ry’uruharo ni irihe? [Rindira yishure.] Raba ivyo dusoma ng’aha.” Numuhe Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Nzero, umwereke ikiganiro kiri ku gipfukisho inyuma, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Mu kiringo nk’iki, usanga abantu benshi barondera icitwa ngo ni akaranga ka Noweli. Wibaza ko muri ibi vyiyumviro ari ikintu ikihe nyamukuru gikwiye kuranga ikiringo c’uwo musi mukuru? [Numwereke ibintu biri ku rupapuro rwa 3 uce urindira yishure. Nuce uzingurura ikiganiro gihuye n’iciyumviro yatoye maze uce usoma icanditswe ico kiganiro gishingiyeko.] Iki kinyamakuru kirerekana uburyo butandukanye twoshobora kwibuka Yezu mu kiringo cose c’umwaka, atari gusa mu kiringo ca Noweli.”
Be maso! Kigarama
“Uyu musi tubagendeye kugira ngo tuganire ku bijanye n’ukuntu ubu abantu benshi bumva bashushe umutwe kandi bari mu mikazo. Muri iyi misi ntubona ko abantu basa n’abanyaruka kubura ukwihangana? [Rindira yishure.] Hari abemera ko tubayeho mu gihe kitoroshe cari caravuzwe aha muri 2 Timoteyo 3:1. [Soma] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu kubura ukwihangana bigirira nabi umuntu kikongera kikerekana ingene tworushiriza kwihangana.”