ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/12 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 12/12 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Nzero

“Twipfuza kumenya ico wiyumvira kuri iki kibazo. Izina ry’Imana ry’uruharo ni irihe? [Rindira yishure.] Raba ivyo dusoma ng’aha.” Numuhe Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Nzero, umwereke ikiganiro kiri ku gipfukisho inyuma, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama

“Mu kiringo nk’iki, usanga abantu benshi barondera icitwa ngo ni akaranga ka Noweli. Wibaza ko muri ibi vyiyumviro ari ikintu ikihe nyamukuru gikwiye kuranga ikiringo c’uwo musi mukuru? [Numwereke ibintu biri ku rupapuro rwa 3 uce urindira yishure. Nuce uzingurura ikiganiro gihuye n’iciyumviro yatoye maze uce usoma icanditswe ico kiganiro gishingiyeko.] Iki kinyamakuru kirerekana uburyo butandukanye twoshobora kwibuka Yezu mu kiringo cose c’umwaka, atari gusa mu kiringo ca Noweli.”

Be maso! Kigarama

“Uyu musi tubagendeye kugira ngo tuganire ku bijanye n’ukuntu ubu abantu benshi bumva bashushe umutwe kandi bari mu mikazo. Muri iyi misi ntubona ko abantu basa n’abanyaruka kubura ukwihangana? [Rindira yishure.] Hari abemera ko tubayeho mu gihe kitoroshe cari caravuzwe aha muri 2 Timoteyo 3:1. [Soma] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu kubura ukwihangana bigirira nabi umuntu kikongera kikerekana ingene tworushiriza kwihangana.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika