Uzokora iki hari umusi mukuru?
Kubera ko abantu benshi baba bari i muhira igihe haba hari umusi mukuru w’ivy’idini canke wa Leta, akenshi usanga ivyo bihe ari vyiza kugira ngo tugire uruhara mu busuku. Amashengero aremeshwa kugira intunganyo zidasanzwe ku bwo gushinga intahe ku musi mukuru. Nimba muri ico gihe benshi mu cibare baryamira, vyoba vyiza hagize igihindurwa ku mwanya ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro riberako. Harakwiye gushikirizwa itangazo mw’Ikoraniro ry’umurimo rimenyesha ishengero intunganyo zidasanzwe zose zagizwe ku bwo gushinga intahe ku musi mukuru maze abo bose babishoboye bakaremeshwa kugira uruhara mu busuku. Ego ni ko, umusi mukuru uraturonsa akaryo ko kuruhuka no kwitwararika udukorwa twacu. Ariko ntivyoba vyiza none dufashe igice c’uwo musi tukagikoresha mu busuku? Gutyo uzoshobora kwumva uruhuriwe kubera uzoba wagize uruhara mu murimo mweranda.—Mat. 11:29, 30.