Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwitwararika uwo muganira
Igituma bihambaye: Yezu ntiyafata abantu muri rusangi, yabitwararika umwe wese ku giti ciwe. Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu ashobora kuba yarabonye ko umugabo umwe w’igipfamatwi yari afise ubuyega. Rero, igihe yamukiza, yamukijije ari wenyene, atari kumwe n’abandi bantu. (Mrk. 7:31-35) Yarerekanye ko yitwararika abigishwa biwe mu gutahura aho ubushobozi bwabo bwagarukira maze ntiyabigisha ibintu vyinshi icarimwe. (Yoh. 16:12) N’ubu ari mw’ijuru, aritwararika abantu umwe wese ku giti ciwe. (2 Tim. 4:17) Kubera ko turi abayoboke ba Kristu, twipfuza kumwigana. (1 Pet. 2:21; 1 Yoh. 3:16, 18) Vyongeye, tuzorushiriza kuba kirumara mu busuku nitwitwararika uwo tuganira, ukuntu ivyiwe vyifashe, ibimuhimbara n’ibimuraje ishinga. Uwo tuganira azorushiriza kudutega yompi niyabona ko tutazanywe gusa no kumubwira ubutumwa canke kumuha igitabu, ariko ko tumwitwararika ubwiwe.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Nimugire udukino two kwimenyereza mu gusenga kwo mu muryango, canke igihe muri mu busuku, aho umwamamaji abwirizwa guhindura uburyo bwo gutanguza ikiyago yateguye kugira abuhuze n’ivyo umunyamuhana avuze.
Mu makoraniro amwamwe yo gusohoka mu ndimiro, umuvukanyi ayahagarikiye yoshobora kuvuga uburyo butandukanye bwo kwerekana ko twitwararitse umuntu ku giti ciwe canke hakagirwa umwerekano.