ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Ruheshi rup. 2
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico Amavidewo Ashikako mu Gushinga Intahe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • “Ubwo buryo bwo kwigisha ni bwo!”
    Be maso!—2016
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Ruheshi rup. 2

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha

IGITUMA BIHAMBAYE:

Abamamaji bariko berekana amavidewo mu ndimiro

Amavidewo arakora abantu ku mutima biciye ku vyo babona n’ivyo bumva. Aratuma bakurikira neza kandi ntibibagire ivyo babonye. Yehova ni we karorero ruheta mu bijanye no kwigisha hakoreshejwe ibintu abantu babona.​—Ivk 10:9-16; Ivy 1:1.

Utuvidewo Imana yoba ifise izina?, Bibiliya ikomoka kuri nde?, na Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? turunganira icigwa ca 2 n’ica 3 vyo mu gatabu Inkuru nziza. Utuvidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?, Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, n’akitwa Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga turaremesha abantu kwigana Bibiliya n’Ivyabona no kwitaba amakoraniro. Twoshobora no gukoresha amwe mu masinema yacu igihe tuyobora inyigisho.​—km 5/13 3.

UKO WOBIGIRA:

  • Voma videwo wipfuza kwerekana mu ndimiro

  • Tegura akabazo kamwe canke tubiri twishurwa muri iyo videwo wobaza umuntu

  • Nimurabire hamwe iyo videwo

  • Nimuganire ku vyiyumviro nyamukuru

GERAGEZA IBI:

  • Hindukiza agapapuro k’inkuru nziza wereke uwo muganira akamenyetso kamujana ku kavidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

  • Erekana akavidewo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? wongere ushikirize agatabu Inkuru nziza wisunze icigwa ca 3

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika