ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Gitugutu rup. 2
  • “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose”
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Woba wizigira uburyo Yehova akora ibintu?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Nugaragaze ukwizera, ufate ingingo nziza!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Imigani 3:5, 6: «Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Wokwisunga iki mu gufata ingingo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Gitugutu rup. 2

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 1-6

“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose”

Umugabo wo mu bihe vya kera ariko arasenga

Yehova arabereye ko tumwizigira cane. Insobanuro y’izina ryiwe ituma twizigira ubushobozi afise bwo gushitsa ivyo yasezeranye vyose. Isengesho ni ikintu nyamukuru kidufasha kumwizigira. Mu Migani 3 haradukura amazinda ko Yehova ‘azogorora iminyuro yacu’ kubera ko twamwizigiye.

Umuntu w’inkerebutsi mu maso yiwe bwite . . .

3:5-7

  • afata ingingo atabanje guhanuza Yehova

  • yizigira ivyiyumviro vyiwe canke ivy’isi

Umuntu yizigira Yehova . . .

  • arakomeza ubucuti afitaniye na we biciye ku kwiga Bibiliya, ku kuzirikana no kw’isengesho

  • aramuhanuza mu kurondera ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya imbere y’uko afata ingingo

MFATA INGINGO GUTE?

MBANZA guhitamwo ivyo mbona ko ari vyo vyiza kuruta ibindi

HAMA nkasaba Yehova ngo ahezagire ingingo nafashe

MBANZA guhanuza Yehova mw’isengesho no mu kwiyigisha

HAMA nkahitamwo gukora ikintu gihuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika