UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 1-6
“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose”
Yehova arabereye ko tumwizigira cane. Insobanuro y’izina ryiwe ituma twizigira ubushobozi afise bwo gushitsa ivyo yasezeranye vyose. Isengesho ni ikintu nyamukuru kidufasha kumwizigira. Mu Migani 3 haradukura amazinda ko Yehova ‘azogorora iminyuro yacu’ kubera ko twamwizigiye.
Umuntu w’inkerebutsi mu maso yiwe bwite . . .
afata ingingo atabanje guhanuza Yehova
yizigira ivyiyumviro vyiwe canke ivy’isi
Umuntu yizigira Yehova . . .
arakomeza ubucuti afitaniye na we biciye ku kwiga Bibiliya, ku kuzirikana no kw’isengesho
aramuhanuza mu kurondera ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya imbere y’uko afata ingingo
MBANZA guhitamwo ivyo mbona ko ari vyo vyiza kuruta ibindi |
HAMA nkasaba Yehova ngo ahezagire ingingo nafashe |
MBANZA guhanuza Yehova mw’isengesho no mu kwiyigisha |
HAMA nkahitamwo gukora ikintu gihuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya |