UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 12-16
Ubukerebutsi buruta inzahabu
Integuro icapuwe
Kubera iki ubukerebutsi buva ku Mana ari ubw’agaciro cane? Burakingira umuntu ingeso mbi bukanamuzigamira ubuzima. Buratuma aba umuntu ameze neza, akagira imvugo nziza n’ingeso nziza.
Ubukerebutsi buraturinda ubwishime
Umuntu w’inkerebutsi aratahura ko Yehova ari we Sôko ry’ubukerebutsi bwose
Umuntu aroraniwe canke aronse amabanga yiyongereye akwiye kugaba cane ku bijanye n’ubwishime be n’ubwibone
Ubukerebutsi butuma umuntu agira imvugo nziza
Umuntu w’inkerebutsi arakoresha ugutahura kwimbitse mu kurondera iciza mu bandi kandi akabavuga neza
Amajambo y’ubukerebutsi atuma umuntu anyurwa kandi asosa nk’ubuki. Ntasogota canke ngo avyure ibihari