Urashobora kwironkera imihezagiro yamaho iva ku Mana y’urukundo
Woba ushashaye kuba mw’isi itagiramwo intambara, ubugizi bwa nabi n’ukutumvikana?
Woba wipfuza kubona indwara, imibabaro n’urupfu bitakiriho?
Woba ushashaye kubaho utagira ubwoba canke amaganya?
Woba wipfuza kuba ahantu hadaterwa n’ivyago vy’ivyaduka?
Umuremyi wacu adukunda, Uwaremye iyi si yacu y’akaroruhore, asezeranira abantu kuzobaho ibihe bidahera mu mahoro kandi bahimbawe. Izo si indoto.
Mu biganiro bikurikira, turakwinginze uze kuraba ibi bintu:
Ingene Umuremyi wacu abona abantu
Ivyo Ijambo ry’Imana riduhishurira
Ivyo intumwa z’Imana zavuze ku bijanye n’imihezagiro Imana yasezeraniye abantu
Ico twokora kugira twironkere agahimbare ubu kandi tuzokwironkere imihezagiro y’ibihe bidahera igihe Imana yashinze nicagera
Nimuze duhere ku kurimbura ingene Umuremyi wacu yitwararikana urukundo abantu yaremye.