Abamamaji bo muri Albaniya bariko batumira umuntu ku Cibutso
Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Wibaza ko ingabire iruta izindi zose Imana yaduhaye ari iyihe?
Icanditswe: Yoh 3:16
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirasigura igituma Imana yarungitse Yezu kw’isi ngo adupfire n’ingene twokwerekana ko dushima iyo ngabire.
UBWAMI BW’IMANA NI IKI?
Ikibazo: [Erekana uruhande rw’imbere rw’ako gapapuro.] Iki kibazo wocishura gute? Wovuga ko Ubwami bw’Imana ari ikintu kiri mu mutima wawe? imvugo y’ikigereranyo? canke intwaro iri mw’ijuru?
Ivyo wovuga: Aka gapapuro karasigura ivyo wokwungukira ku Bwami bw’Imana.
UBUTUMIRE BW’ICIBUTSO
Ivyo wovuga: Turiko turatumira abantu ku rubanza ruhambaye cane. [Muhe ubutumire.] Ku wa 11 Ndamukiza, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bazohurira mu bibanza bitandukanye kugira bibuke urupfu rwa Yezu bongere basigurirwe ingene urupfu rwiwe rutugirira akamaro. Ubu butumire burerekana ikibanza be n’umwanya urwo rubanza ruzoberako aha iwacu. Turakwiteze.
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.