UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 25
“Mugume muri maso”
Naho Yezu yerekeje wa mugani w’abigeme cumi b’isugi ku bayoboke biwe barobanuwe, ubutumwa nyamukuru burimwo bwerekeye abakirisu bose. (w15 15/3 12-16) “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.” (Mt 25:13) Ubona wosigura umugani wa Yezu?
Umukwe (umurongo wa 1)—Yezu
Abigeme b’isugi b’ubwenge kandi biteguye (umurongo wa 2)—Abakirisu barobanuwe biteguriye kurangura igikorwa bashinzwe badahemuka, kandi baguma bakayangana nk’amatara gushika kw’iherezo (Fp 2:15)
Akamo: “Ng’uyu umukwe!” (umurongo wa 6)—Ibimenyamenya vy’ukuhaba kwa Yezu
Abigeme b’isugi b’ibijuju (umurongo wa 8)—Abakirisu barobanuwe baja gusanganira umukwe ariko ntibagume bari maso kandi ntibazigame ugutungana kwabo
Abigeme b’isugi b’ubwenge baranka guha abandi ku mavuta yabo (umurongo wa 9)—Abarobanuwe b’abizigirwa nibamara gushirwako ikidodo ca nyuma, nta co bazoba bagifasha uwo wese azoba yarahemutse
“Wa mukwe arashika” (umurongo wa 10)—Yezu aza guca urubanza gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye arangira
Abigeme b’isugi b’ubwenge binjirana n’umukwe ku nzimano y’ubugeni, umuryango ugaca wugarwa (umurongo wa 10)—Yezu akoraniriza abarobanuwe b’abizigirwa mw’ijuru, ariko abahemutse ntibaronka impera yabo yo mw’ijuru