ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Nzero rup. 7
  • ‘Paulo yarakengurukiye Imana yongera agira umutima rugabo’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Paulo yarakengurukiye Imana yongera agira umutima rugabo’
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Twese duhanahane indemesho
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Barakora bagatama ku bwacu
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Abacungezi bo kuragira ubusho
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Abacungezi b’Ingenzi—Ni Ingabire-bantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Nzero rup. 7
Paulo ariko akengurukira Imana ku bw’abavukanyi bafashe urugendo bakaja kumutegera

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

‘Paulo yarakengurukiye Imana yongera agira umutima rugabo’

Igihe ishengero ry’i Roma ryumva ko Paulo yariko araza, hari umurwi w’abavukanyi waciye ufata urugendo rw’ibilometero nka 64 uja kumutegera. None urwo rukundo ruzira ubwikunzi rwagize ico rukoze gute kuri Paulo? Bibiliya ivuga iti: “Maze Paulo ababonye, akengurukira Imana, agira umutima rugabo.” (Ivk 28:15) Naho Paulo yari azwi ko yaremesha amashengero yagendera, ico gihe ni we yari akeneye kuremeshwa kuko yari imbohe.​—2Kr 13:10.

Muri iki gihe, abacungezi b’imizunguruko baragendera amashengero kugira ngo bakomeze abavukanyi. Cokimwe n’abandi basavyi b’Imana bose, birashika na bo nyene bakaruha, bagahagarika umutima canke bagacika intege. None umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe nibagendera ishengero ryanyu, uzobafasha gute kugira umutima rugabo maze ‘muhanahane indemesho’?​—Rm 1:11, 12.

  • Umucungezi w’umuzunguruko ariko ayobora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro

    Uritaba amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro. Igihe abamamaji bagize ivyo baheba kugira ngo bungukire bimwe vyuzuye ku ndwi idasanzwe, biraremesha cane umucungezi w’umuzunguruko. (1Ts 1:2, 3; 2:20) Niwiyumvire gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi azobagenderamwo. Ubona gute utegekanije kujana na we kwamamaza be n’umukenyezi wiwe, canke mukajana ku nyigisho ya Bibiliya? Birabaryohera cane gukorana n’abamamaji batandukanye, ushizemwo bashasha canke abari n’ivyo bakeneye kuryohora mu ndimiro.

  • Umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe bakiriwe n’umuryango umwe

    Urabatumira musangire akajumpu. Ubona wobaha indaro canke ukabatumira ku bifungurwa? Ivyo bituma umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe babona ko ubakunda. Ntibitega ibintu bidasanzwe.​—Lk 10:38-42.

  • Umucungezi w’umuzunguruko ariko agirana inama n’abakurambere

    Urumviriza ubuyobozi n’impanuro atanga, maze ubikurikize. Umucungezi w’umuzunguruko, aradufasha n’umutima ukunze kubona ingene tworyohora igikorwa turangurira Yehova. Rimwe na rimwe, vyoshika agatanga impanuro zidaca ku ruhande. (1Kr 5:1-5) Iyo tugamburutse kandi tukayoboka, biratuma agira umunezero.​—Heb 13:17.

  • Abagize ishengero bariko bakengurukira umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe

    Urabakengurukira. Nubwire umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe ukuntu wungukiye ku rugendo rwabo. Woshobora kubibabwira imbonankubone canke biciye ku gakete.​—Kl 3:15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika