ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Ruhuhuma rup. 8
  • Nugume urindiranye umushasharo kandi wihanganye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume urindiranye umushasharo kandi wihanganye
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka agashimwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • “Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Nugume wiyegereje ishirahamwe rya Yehova
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ukwihangana kuravamwo impera
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Ruhuhuma rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nugume urindiranye umushasharo kandi wihanganye

Umaze igihe kingana gute urindiriye ko Ubwami bw’Imana buza? Woba wagumye urindiriye wihanganye naho wari mu ngorane? (Rm 8:25) Abakirisu bamwebamwe barankwa, bagafatwa nabi, bagapfungwa canke mbere bagahakwa kwicwa. Abandi batari bake na bo usanga barwaye indwara zidakira canke barembejwe n’ubusaza.

Ni ibiki none bizodufasha kurindira twihanganye mu ngorane izo ari zo zose zodushikira? Dutegerezwa gukomeza ukwizera kwacu biciye ku gusoma Bibiliya buri musi no ku kuzirikana. Dutegerezwa kugumiza ubwenge ku vyo twasezeraniwe. (2Kr 4:16-18; Heb 12:2) Dutegerezwa gutakambira Yehova mw’isengesho, tukamusaba n’impwemu yiwe ngo iduhe inkomezi. (Lk 11:10, 13; Heb 5:7) Uwo Muvyeyi wacu munyarukundo arashobora kudufasha ‘kwihangana bimwe bishitse kandi tunezerewe.’​—Kl 1:11.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO DUTEGEREZWA ‘KWIRUKA TWIHANGANYE’: NIWIZIGIRE KO UZOTAHUKANA INTSINZI, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Jamie n’umugore wiwe bari mu ndimiro

    Ni ibintu ibihe bishobora ‘kudushikira giturumbuka’? (Ums 9:11)

  • Jamie amaze kuba pararize, Carl ariko aramusomera icanditswe

    Isengesho ridufasha gute igihe turi mu ngorane?

  • Jamie na Carl bagendeye cungere umugabo n’umugore wiwe

    Nimba bitagishoboka ko dukorera Yehova cane nka kera, kubera iki dukwiye gushira umutima ku vyo dushoboye gukora uko vyoba bingana kwose?

  • Jamie ariko ariha ishusho yasubiye kugira amagara meza mw’Iparadizo

    Nugume ubona intsinzi

    Ni igiki gituma ugumana icizigiro c’uko uzotahukana intsinzi?

Woshigikira gute abari mu ngorane be n’imiryango yabo?

  • Nubayagishe mu buryo bwirura, wirinde kubagereranya n’abandi

  • Nubatege ugutwi

  • Nubasengere wongere usenge uri kumwe na bo

  • Nubategurire udufungurwa canke ubafashe udukorwa two muhira

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika