UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yehova akunda abantu basukuye
“Karaba. Sasa igitanda. Kubura. Koropa. Ja guta umwavu.” Abavyeyi benshi barigisha abana babo ingene boguma basukuye. Yamara rero, amategeko y’isuku akomoka ku Mana yacu nyeranda. (Kv 30:18-20; Gus 23:14; 2Kr 7:1) Igihe tuguma dusukura umubiri wacu be n’ivyo dutunze, tuba duteye iteka Yehova. (1Pt 1:14-16) Bite ho ku bijanye n’inzu tubamwo no mu micungararo? Abakirisu ntibameze nk’abandi bantu usanga bata ubucafu mu mabarabara no mu bibanza abantu baruhukiramwo. (Zb 115:16; Ivy 11:18) Mbere n’ibintu bitobito nko guta udukaratasi tw’imbombo, uducupa tw’amazi n’amaji, canke ibisigarira vy’ijojo, birerekana aho tugeza mu kwitwararika isuku. Mu mice yose y’ubuzima, twipfuza “[kw]ishimagiza nk’abasuku b’Imana.”—2Kr 6:3, 4.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IMANA IKUNDA ABANTU BASUKUYE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ni ibiki bamwebamwe bitwaza kugira ntibitwararike isuku ry’ivyo batunze?
Rya tegeko rya Musa ryerekanye gute ingene Yehova abona ibijanye n’isuku?
Dushobora gute kuninahaza Yehova ata jambo turinze kuvuga?
Mu buzima bwanje, nogaragaza gute ko mbona isuku nk’uko Yehova aribona?