ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Gitugutu rup. 8
  • Yehova akunda abantu basukuye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova akunda abantu basukuye
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Isuku mu vy’Ukuri Risobanura Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Isuku Rihambaye Ukungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Imana ikunda abantu badahumanye
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Isuku, ni kubera iki rihambaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Gitugutu rup. 8
Umuvukanyi ariko arasukura lavabo mu kazu ka surwumwe ku Ngoro y’Ubwami

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova akunda abantu basukuye

“Karaba. Sasa igitanda. Kubura. Koropa. Ja guta umwavu.” Abavyeyi benshi barigisha abana babo ingene boguma basukuye. Yamara rero, amategeko y’isuku akomoka ku Mana yacu nyeranda. (Kv 30:18-20; Gus 23:14; 2Kr 7:1) Igihe tuguma dusukura umubiri wacu be n’ivyo dutunze, tuba duteye iteka Yehova. (1Pt 1:14-16) Bite ho ku bijanye n’inzu tubamwo no mu micungararo? Abakirisu ntibameze nk’abandi bantu usanga bata ubucafu mu mabarabara no mu bibanza abantu baruhukiramwo. (Zb 115:16; Ivy 11:18) Mbere n’ibintu bitobito nko guta udukaratasi tw’imbombo, uducupa tw’amazi n’amaji, canke ibisigarira vy’ijojo, birerekana aho tugeza mu kwitwararika isuku. Mu mice yose y’ubuzima, twipfuza “[kw]ishimagiza nk’abasuku b’Imana.”​—2Kr 6:3, 4.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IMANA IKUNDA ABANTU BASUKUYE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni ibiki bamwebamwe bitwaza kugira ntibitwararike isuku ry’ivyo batunze?

  • Rya tegeko rya Musa ryerekanye gute ingene Yehova abona ibijanye n’isuku?

  • Dushobora gute kuninahaza Yehova ata jambo turinze kuvuga?

Sebibondo yinjiye mu modoka icafuye y’umuhungu wiwe; sebibondo ariko arayaga n’umuhungu wiwe ingene Yehova abona ibijanye n’isuku; abaherezi babiri bo muri Isirayeli ya kera bari iruhande y’ikibesani c’umujumpu kugira bakarabe; umugwi w’abagiye mu ndimiro uvuye mu modoka ya wa muhungu, ubu ikaba isukuye

Mu buzima bwanje, nogaragaza gute ko mbona isuku nk’uko Yehova aribona?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika