ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Nzero rup. 5
  • Nuzigame umubano wanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuzigame umubano wanyu
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Nzero rup. 5
Umugabo yicaye hasi iruhande y’umugore wiwe, akaba ahimbawe no kumesura impuzu bari kumwe.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nuzigame umubano wanyu

Yehova abona ko indagano z’ukwabirana zihambaye cane. Yavuze ko umugabo n’umugore bategerezwa kubana akaramata. (Mt 19:5, 6) Hariho abubakanye benshi b’intangakarorero mu basavyi b’Imana. Naho ari ukwo, kubera ko ata mubano n’umwe utunganye, ingorane ntizibura gushika. Ntidukwiye rero kwigana ingendo ya benshi babona ko gutandukana no kwahukana ari wo muti igihe abubakanye bafitaniye ingorane. None abakirisu bubakanye bozigama gute umubano wabo?

Zirikana ibintu bitanu bihambaye.

  1. Nuzigame umutima wawe mu kwirinda gukwegana n’abo mudasangiye igitsina canke kwisamaza kurimwo ubuhumbu kuko ata kindi bishikako uretse kwonona umubano.​—Mt 5:28; 2Pt 2:14.

  2. Nukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana wongere wihatire gutuma ihimbarwa n’umubano wanyu.​—Zb 97:10.

  3. Nubandanye kwambara wa muntu mushasha kandi ukore ibintu bitobito biranga ubuntu bizotuma uwo mwubakanye yoroherwa mu buzima.​—Kl 3:8-10, 12-14.

  4. Nimwame muyaga mu buryo burimwo icubahiro kandi bwubaka.​—Kl 4:6.

  5. Nimurangure amabanga y’abubatse mubigiranye ikibabarwe n’urukundo.​—1Kr 7:3, 4; 10:24.

Igihe abakirisu bateye iteka umubano, baba bateye iteka uwawutanguje ari we Yehova.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO DUTEGEREZWA ‘KWIRUKA TWIHANGANYE’​—NUKURIKIZE AMATEGEKO Y’ISIGANWA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Dutegerezwa ‘kwiruka twihanganye’​—Nukurikize amategeko y’isiganwa.’ Umuvukanyi Calou n’umukenyezi wiwe baramwenyuye inyuma y’insiguro y’ubugeni bwabo ku Ngoro y’Ubwami.

    Naho umubano wotangura neza, ni ingorane izihe zoshobora kwaduka?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Dutegerezwa ‘kwiruka twihanganye’​—Nukurikize amategeko y’isiganwa.’ Umuvukanyi Calou n’umukenyezi wiwe bariko bayaga batekanye ku bijanye n’ingorane zabo. Ku meza hari Bibiliya izinguruye.

    Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zofasha gute abumva ko umubano wabo utakirangwamwo urukundo?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Dutegerezwa ‘kwiruka twihanganye’​—Nukurikize amategeko y’isiganwa.’ Umuvukanyi Calou ariko asomera umukenyezi wiwe n’udukobwa twabo tubiri ibiri mu ‘Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya.’

    Nimwisunge impanuro za Bibiliya kugira muhimbarwe mu mubano

    Ni amategeko ayahe Yehova yashingiye umubano w’ababiranye?

  • Kugira abubakanye baroranirwe, ni ibiki umwe wese muri bo asabwa gukora?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika