ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Rusama rup. 13
  • Nugaragaze urukundo mu muryango

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugaragaze urukundo mu muryango
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Umubano wo mu Rugo Uhimbara Imana
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Rusama rup. 13
Abagize umuryango bariko bararirimba bari kumwe kw’ikoraniro.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nugaragaze urukundo mu muryango

Urukundo ni nk’uburembo bufatanya abagize umuryango. Ata rukundo, abagize umuryango vyobagora kuguma bunze ubumwe no gusenyera ku mugozi umwe. None abagabo, abagore n’abavyeyi bashobora gute kugaragaza urukundo mu muryango?

Umugabo akunda umugore wiwe aritwararika ivyo akeneye, ivyiyumviro vyiwe be n’inyiyumvo ziwe. (Ef 5:28, 29) Araronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu, harimwo no kugira ugusenga kwo mu muryango kudahorereza. (1Tm 5:8) Umugore akunda umugabo wiwe aramuyobokera kandi akamugaragariza “icubahiro kigera kure.” (Ef 5:22, 33; 1Pt 3:1-6) Abubakanye bompi bategerezwa kugira umutima ukunze wo kubabarirana ata gahigihigi. (Ef 4:32) Abavyeyi bakunda abana babo barabitwararika umwe wese ukwiwe kandi bakabigisha gukunda Yehova. (Gus 6:6, 7; Ef 6:4) Abo bana babo bahura n’ingorane izihe kw’ishure? Bavyifatamwo gute bahuye n’akosho k’urunganwe? Igihe mu muryango harangwa urukundo, abawugize bose barumva batekaniwe.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUGARAGAZE URUKUNDO RUTANANIRWA MU MURYANGO, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Nugaragaze urukundo rutananirwa mu muryango.’ Igihe umugabo n’umugore wiwe bashitse muhira bavuye kw’ikoraniro, barayaga ku canditswe.

    Ni gute umugabo akunda umugore wiwe amwitwararika kandi akamuha agaciro?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Nugaragaze urukundo rutananirwa mu muryango.’ Igihe mushiki wacu ashitse muhira avuye kw’ikoraniro, aratega yompi yihanganye umugabo wiwe atari Icabona maze akamuhumuriza.

    Umugore akunda umugabo wiwe amugaragariza gute icubahiro kigera kure?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Nugaragaze urukundo rutananirwa mu muryango.’ Igihe abagize umuryango bariko bihereza udufungurwa, barayaga ku vyiyumviro bize mw’ikoraniro.

    Abavyeyi bakunda abana babo bashimangira gute Ijambo ry’Imana muri bo?

INGABISHO KU BIJANYE N’UBUHINGA BWA NONE

Biroroshe ko utwuma two mu buhinga bwa none dutwara umwanya abagize umuryango bari gukoresha mu gukomeza ubucuti bafitaniye. Abavyeyi barakwiye kwishingira no gushingira abana babo umwanya badakwiye kurenza bariko barakoresha utwo twuma. Vyongeye, barakwiye kuraba nimba bibereye ko abana babo bahana n’abandi amakuru biciye ku buhinga bwa none bakamenya n’abo bayahana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika