ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Nyakanga rup. 13
  • Nugumize imbere Yehova mu buzima bwawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugumize imbere Yehova mu buzima bwawe
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Jason Worilds: Wama uroranirwa igihe ukorera Yehova
    Bibiliya irahindura ubuzima
  • Yehova abibona gute?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Aburahamu yari afise ukwizera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Nyakanga rup. 13

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nugumize imbere Yehova mu buzima bwawe

Igihe dukeneye akazi, kugumiza Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu birashobora kutubera urugamba. Twoshobora kwumva umenga twokwemera akazi katubuza gukorera Yehova canke karenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ariko turashobora guhera amazinda ko Yehova yerekana inkomezi ziwe “ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2Ng 16:9) Nta na kimwe gishobora kubuza Umuvyeyi wacu munyarukundo kudufasha no kuturonsa ivyo dukeneye. (Rm 8:32) Ku bw’ivyo, igihe dufata ingingo ku bijanye n’akazi turakwiye kwizigira Yehova, kumukorera bikaba ari vyo tugumiza imbere mu buzima bwacu.​—Zb 16:8.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUKORERE YEHOVA ATA KWIZIGANYA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nukorere Yehova ata kwiziganya.” Thomas ariko yihweza ingene Jason yanka kwakira igiturire ku kazi.

    Kubera iki Jason yanse igiturire?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nukorere Yehova ata kwiziganya.” Jason ari ku kazi, akaba agiye guta umwavu.

    Twoshira mu ngiro gute ibivugwa mu Bakolosayi 3:23?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nukorere Yehova ata kwiziganya.” Jason ariko arigisha Thomas Bibiliya.

    Akarorero keza ka Jason kafashije gute Toma?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nukorere Yehova ata kwiziganya.” Jason na Thomas bavuye ku kazi ku gihe kugira baje kw’ikoraniro.

    Niwisunge Yehova mu ngingo ufata no mu vyo ukora

    Twoshira mu ngiro gute ibivugwa muri Matayo 6:22?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika