ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 1 rup. 10-13
  • Wosenga gute kugira ngo Imana ikwumve?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wosenga gute kugira ngo Imana ikwumve?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NUSENGE YEHOVA IMANA MW’IZINA RYA YEZU
  • NUVUGE IBIVUYE KU MUTIMA
  • NUSENGE USABA IBIHUYE N’IVYO IMANA IGOMBA
  • TWOSENGA DUSABA IKI?
  • NIWIHANGANE KANDI UGUME USENGA
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 1 rup. 10-13

Wosenga gute kugira ngo Imana ikwumve?

Yehova ni Imana ‘yumva amasengesho.’ (Zaburi 65:2) Turashobora kumusengera aho turi hose be n’igihe ico ari co cose, tuvuga n’ijwi ryumvikana canke tuvugira mu mutima. Yehova yipfuza ko tumwita “Dawe,” kandi vy’ukuri ni we Muvyeyi mwiza kuruta abandi bose. (Matayo 6:9) Yehova abigiranye urukundo, aratwigisha ingene twomusenga kugira ngo atwumvirize.

NUSENGE YEHOVA IMANA MW’IZINA RYA YEZU

“Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose azokibaha mw’izina ryanje.”​—Yohani 16:23.

Ayo majambo Yezu yavuze arerekana neza ko Yehova yipfuza ko tumusenga mw’izina rya Yezu Kristu, aho kumusenga duciye ku bishusho, ku beranda, ku bamarayika, canke kuri ba sogokuruza bapfuye. Iyo dusenze Imana mw’izina rya Yezu, tuba twerekanye ko twemera uruhara arangura. Yezu yavuze ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”​—Yohani 14:6.

NUVUGE IBIVUYE KU MUTIMA

‘Nimusuke umutima wanyu imbere yayo.’​—Zaburi 62:8.

Igihe dusenga Yehova, dukwiye kumuyagira nk’uko twoyagira umuvyeyi adukunda. Aho gusoma amasengesho mu gitabu canke kumubwira ivyo twafashe ku mutwe, dukwiye kumubwira ibivuye ku mutima kandi tubigiranye icubahiro.

NUSENGE USABA IBIHUYE N’IVYO IMANA IGOMBA

‘Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, iratwumva.’​—1 Yohani 5:14.

Muri Bibiliya, Yehova Imana aratubwira ivyo azodukorera be n’ivyo yipfuza ko dukora. Kugira ngo Imana yumvirize ugusenga kwacu, dukwiye kuyisenga “twisunze ukugomba kwayo.” Kugira ngo tubishikeko, turakwiye kwiga Bibiliya kugira ngo tumenye neza Imana. Iyo tubigize, amasengesho yacu arayihimbara.

TWOSENGA DUSABA IKI?

Umuryango uriko urasenga imbere yo gufungura.

Nusabe ivyo ukenera. Turashobora gusenga Imana tuyisaba ivyo dukenera buri musi, nk’ibifungurwa, ivyambarwa be n’uburaro. Turashobora kandi gusenga dusaba ubukerebutsi kugira ngo dufate ingingo nziza, tugasaba n’inkomezi kugira ngo twihanganire ibigeragezo. Turashobora no kwitura Imana kugira ngo iduhe ukwizera, itubabarire, yongere idufashe.​—Luka 11:3, 4, 13; Yakobo 1:5, 17.

Umugabo n’umugore bariko barasenga, umugore akaba arwariye mu bitaro.

Nusengere abandi. Abavyeyi beza barahimbarwa igihe abana babo bakundana. Yehova na we nyene, yipfuza ko abana biwe bo kw’isi bitwararikana. Birabereye rero ko dusengera uwo twubakanye, abana bacu, imiryango yacu be n’abagenzi bacu. Umwigishwa Yakobo yavuze ati: “Musengeranire.”​—Yakobo 5:16.

Umugabo ariko araca mu gahinga izuba rirenze.

Nukengurukire Imana. Bibiliya ivuga ko Umuremyi wacu, ‘yakoze ivyiza, akaduha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, akanengesereza imitima yacu ibifungurwa be n’urweze.’ (Ivyakozwe 14:17) Nitwazirikana ku bintu vyose Imana yadukoreye, bizotuvyurira umutima wo kuyikengurukira. Ariko ntiwumve, turakwiye kandi kwerekana ko dukengurukira Imana mu kuntu tubaho.​—Abakolosayi 3:15.

NIWIHANGANE KANDI UGUME USENGA

Rimwe na rimwe, twoshobora kubabazwa n’uko Imana idaciye yishura amasengesho twayituye avuye ku mutima. Twoca none dushika ku ciyumviro c’uko Imana itatubabaye? Habe namba! Rimbura ubu burorero bwerekana ko dukwiye kuguma dusenga.

Umwe Steve twavuga mu kiganiro ca mbere, avuga ati: “Iyo ntaguma nsenga mba maze imyaka narihebuye.” None ni igiki catumye atihebura? Yaratanguye kwiga Bibiliya maze arabona ko akwiye kubandanya asenga. Steve avuga ati: “Nama nsenga Imana ndayikengurukira kubona abagenzi banje baranshigikiye babigiranye urukundo. Sinari bwigere mpimbarwa nk’uko bimeze ubu.”

Tuvuge iki ku bijanye na Jenny, umwe yahora yibaza ko Imana itoshobora kwumwumviriza? Avuga ati: “Igihe numva ko ata co nkimaze, naratakambiye Imana ngo imfashe gutahura igituma niyumva gutyo.” None ivyo vyamufashije gute? Agira ati: “Kwitura Imana vyaramfashije kubona ibinyerekeye mu buryo bwiza, ndabona ko naho umutima wanje unyagiriza, yoyo itanyagiriza. Vyaramfashije kandi kuguma ninanata sinatana n’akabando.” None vyavuyemwo iki? Abandanya ati: “Gusenga vyaramfashije kubona ko Yehova abaho koko, ko ankunda, ko ari Imana yitwararika, ko ari Umuvyeyi be n’Umugenzi azokwama anserukako, akamfasha igihe cose nzoguma nihatira gukora ivyo agomba.”

Isabel n’umugabo wiwe be n’umuhungu wabo.

Iyo Isabel abonye ingene umuhungu wiwe Gerard ahimbariwe ubuzima naho afise ubumuga, aca avuga ati: “Ndabona ko ari inyishu y’amasengesho yanje.”

Rimbura kandi akarorero ka Isabel. Igihe yari yibungenze, abaganga bamubwiye ko yovyaye umwana afise ubumuga bukomeye. Yaravunitse umutima cane. Hari n’abamuhanuye kuyikorora. Avuga ati: “Naragize intuntu nyinshi mu mutima ku buryo nabona ko ngiye gupfa.” None yaciye akora iki? Abandanya ati: “Narasenze Imana kenshi kugira ngo inshigikire.” Haciye igihe, yaravyaye umuhungu yitwa Gerard, kandi yari afise ubumuga. None Isabel yoba abona ko Imana yishuye amasengesho yiwe? Neza cane! Uti gute? Avuga ati: “Iyo mbonye ingene uwo muhungu wanje w’imyaka 14 ahimbariwe ubuzima naho afise ubumuga, ndabona ko ari inyishu y’amasengesho yanje, akaba n’umuhezagiro ntangere Yehova Imana yampaye.”

Ayo majambo akora ku mutima, aratwibutsa ivyo umwanditsi umwe w’amazaburi yavuze ati: “Icipfuzo c’abatekereza ntuzobura kucumva, Yehova we. Uzotegura umutima wabo. Uzokwumviriza n’ugutwi kwawe.” (Zaburi 10:17) Ese ukuntu izo ari imvo nziza zotuma tuguma dusenga!

Bibiliya irimwo amasengesho menshi Yezu yatuye. Irizwi cane muri yo, ni rimwe yigisha abigishwa biwe. None tworyigirako iki?

Igisabisho ca Dawe wa twese​—Kirakubera akarorero

Isinzi ry’abantu ririko rirumviriza ryitonze insiguro Yezu ariko arashikiriza ari ku musozi.

Mu nsiguro Yezu yashikirije ari ku musozi, yarigishije abigishwa biwe isengesho ry’akarorero, iryo abenshi bita igisabisho ca Dawe wa twese. (Matayo 6:9-13; raba kandi Luka 11:2-4.) Kuva ico gihe, abantu benshi baramenye ico gisabisho ku buryo bagifata ku mutwe, bakongera bakagisubiramwo ijambo ku rindi. None ivyo vyoba ari vyo Yezu yashaka? Biboneka ko atari vyo yashaka kuko mu ntango z’iyo nsiguro, yari yabwiye abigishwa biwe kwirinda kuza barasubiramwo amasengesho. (Matayo 6:7) Ahubwo riho, yariko arigisha abayoboke biwe ingene bosenga be n’ivyo bosaba. Nimuze turabe ivyigwa twigira kuri iryo sengesho ry’akarorero.

“Dawe wa twese uri mw’ijuru”

  • Dukwiye gutura amasengesho Imana yonyene.

“Izina ryawe niryezwe”

  • Izina ry’Imana, ari ryo Yehova, rikwiye guterwa iteka no kubonwa ko ari ryeranda.

“Ubwami bwawe nibuze”

  • Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru iganzwa na Yezu, kandi vuba izoganza isi yose.

“Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru”

  • Imana igomba ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera, mu mahoro n’umutekano.

“Uduhe . . . ibifungurwa vyacu vy’uyu musi”

  • Yehova ni we aturonsa ibitubeshaho.

“Uduhebere imyenda yacu”

  • Twese turakora amakosa menshi, tukaba rero dukenera kubabarirwa.

Kuguma wibuka ivyo bintu, birashobora kugufasha gutura amasengesho avuye ku mutima.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika