ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 1 rup. 14-15
  • Ingene amasengesho yogufasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene amasengesho yogufasha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Ivyo bijanye
  • Gusenga vyokumarira iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 1 rup. 14-15

Ingene amasengesho yogufasha

Igihe Pamela yarwara indwara ikomeye yaciye yitura abaganga. Ariko kandi yarasenze Imana ayisaba inkomezi zo kwihanganira izo ngorane yarimwo. None gusenga vyoba vyaramufashije?

Pamela avuga ati: “Igihe bariko baramvura kanseri, akenshi naragira ubwoba bwinshi. Ariko igihe nasenga Yehova Imana, naciye numva ntekanye ndasubira kwiyumvira neza. Naho ngifise ububabare budahera, gusenga biramfasha kuguma mbona ibintu mu buryo bwiza. Iyo abantu bambajije ukuntu merewe, nca ndababwira nti: ‘Simerewe neza, ariko ndafise umunezero.’”

Ariko ntiwumve, ntidukwiye gusenga igihe gusa dukitswe n’amagara. Twese turahura n’ingorane, zaba izoroshe canke izikomeye, kandi akenshi turakenera icodufasha kuzihanganira. None gusenga vyoba vyodufasha?

Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.” (Zaburi 55:22) Ese ukuntu ayo majambo ahumuriza! None gusenga vyogufasha gute? Niwasenga Imana mu buryo bubereye, izokuronsa ivyo ukeneye kugira ngo wihanganire ingorane.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyo amasengesho yokuronsa.”

Ivyo amasengesho yokuronsa

Amahoro yo mu mutima

Wa mugwizatunga twabona yatakaza akazi, ariko aragendagenda amwenyura kandi umutima uri mu nda.

“Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Abafilipi 4:6, 7) Niwabwira Imana ibikuraje ishinga, izogufasha kuguma utekanye no gukorana ubukerebutsi igihe wataye umutwe.

Ubukerebutsi buva ku Mana

Wa mugore twabona yariko arasoma amasengesho mu gitabu, ariko asomera Bibiliya muhira iwe.

“Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.” (Yakobo 1:5) Iyo twataye umutwe, ntivyama vyoroha ko dufata ingingo nziza. Niwasenga Imana uyisaba ubukerebutsi, izokwibutsa impanuro ngirakamaro zitari nke dusanga mw’Ijambo ryayo Bibiliya.

Inkomezi n’uruhoza

Wa mugabo n’umugore bari mu bitaro, bariko baratembera mu kibanza co kwisamarizamwo. Umugabo ariko arafasha buhorobuhoro umugore wiwe kugendera kw’ibekiye.

“Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Abafilipi 4:13) Kubera ko Yehova Imana ari Mushoboravyose, arashobora kuguha inkomezi ukeneye kugira wihanganire ingorane, canke akagushigikira mu bigeragezo ucamwo. (Yesaya 40:29) Bibiliya yita kandi Yehova ngo “Imana y’uruhoza rwose.” Arashobora kuduhoza “mu makuba yacu yose.”​—2 Abakorinto 1:3, 4.

WOBA UTAZOGISHA AKO KARYO?

Mu bisanzwe, Yehova ntaguhata ngo umusenge, ahubwo arakwinginga. (Yeremiya 29:11, 12) Tuvuge iki hoho nimba muri kahise warasenze, mugabo ukabona umenga amasengesho yawe ntiyishurwa? Ntucike intege. Abavyeyi beza boshobora kudafasha abana babo nk’uko bari bavyiteze canke ku gihe bari bavyitezeko. Abo bavyeyi boshobora kuba bafise ubundi buryo bwiza bwo kubafasha. Ico tuzi tudakeka coco, ni uko abavyeyi beza bama bafasha abana babo.

Yehova Imana, wa Muvyeyi mwiza kuruta abandi bose, na we nyene aripfuza kugufasha. Niwazirikana witonze ku vyiyumviro twarimbuye vyo muri Bibiliya, ukongera ugakora uko ushoboye kwose kugira ngo uvyisunge, Imana izokwishura amasengesho yawe mu buryo bwiza igitangaza.​—Zaburi 34:15; Matayo 7:7-11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika