IKIGANIRO C’UKWIGA CA 22
URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba
Ingene ubugenzi bwanyu bwoshika ku ntumbero
‘Ico umuntu ari imbere mu mutima ni co gifise agaciro kanini.’—1 PET. 3:4.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ivyofasha abakundanye gufata ingingo ibereye, n’ingene abagize ishengero bobashigikira.
1-2. Bamwebamwe babona gute ikiringo co kurushiriza kumenyana?
IGIHE co kurushiriza kumenyana kirashobora kuba ikiringo giteye umunezero cane. Nimba hari uwo mukundanye, nta nkeka ko wipfuza yuko ico kiringo kigenda neza, kandi abenshi ni ko bibagendera. Mushiki wacu umwe yitwa Tsiona wo muri Etiyopiya avuga ati: «Kimwe mu biringo vyanezereje kuruta ibindi mu buzima, ni igihe nariko ndarushiriza kumenyana n’umugabo wanje. Twarayaga ibintu bihambaye, ariko tugatera n’inkuru zitwenza. Nararyohewe cane igihe nabona ko nari naronse uwo nkunda, kandi na we akankunda.»
2 Ariko umuvukanyi yitwa Alessio wo mu Buholande wewe, avuga ati: «Ikiringo namaze ndiko ndarushiriza kumenyana n’umugore wanje cari giteye umunezero, ariko nticabuzemwo n’intambamyi.» Muri iki kiganiro, turaza kubona intambamyi zimwezimwe zoshobora kuba muri ico kiringo, be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zofasha abamaze gutangura ubugenzi gufata ingingo ibereye. Turaza no kubona ingene abagize ishengero bobashigikira.
INTUMBERO Y’UBWO BUGENZI
3. Ikiringo c’ubugenzi hagati y’umuhungu n’umukobwa gifise intumbero iyihe? (Imigani 20:25)
3 Naho ikiringo c’ubugenzi hagati y’umuhungu n’umukobwa usanga giteye umunezero, bakwiye kwibuka ko ari n’intambwe ihambaye ishobora kubashikana ku kwubakana. Ku musi w’ubugeni, umusore n’inkumi barasezerana imbere ya Yehova ko bazokundana kandi bakubahana, igihe cose bazoba bakiriho. Imbere y’uko umuntu agira indagano iyo ari yo yose, akwiye kubanza kuzirikana yitonze. (Soma Imigani 20:25.) Ni ko bimeze no ku ndagano y’ukwabirana. Ikiringo c’ubugenzi kirafasha umuhungu n’umukobwa kurushiriza kumenyana, hanyuma bagafata ingingo ibereye. Hari igihe bafata ingingo yo kwemeranya kwubakana canke guhagarika ubwo bugenzi. Igihe bafashe ingingo yo kubuhagarika ntibisobanura ko baba bafashe ingingo mbi. Ahubwo ubugenzi bwabo buba bwashitse ku ntumbero yabwo, na yo ikaba ari ukubafasha kumenya nimba bokwubakana canke batokwubakana.
4. Kubera iki bihambaye ko dutahura neza intumbero y’ubugenzi hagati y’umuhungu n’umukobwa?
4 Kubera iki none bihambaye ko dutahura neza intumbero y’ubugenzi hagati y’umuhungu n’umukobwa? Igihe umuhungu canke umukobwa batahura neza intumbero y’ubwo bugenzi, nta wuzotumbera uwundi kandi azi neza ko ata mugambi afise wo kwubakana na we. Ariko ivyo ntibiraba gusa abatubatse. Twese turakwiye gutahura neza iyo ntumbero. Nk’akarorero, hari abiyumvira yuko igihe umuhungu n’umukobwa bafitaniye ubugenzi, bategerezwa kwubakana. None ivyo bigira ingaruka iyihe ku bakirisu batarubaka? Mushiki wacu umwe atarubaka yitwa Melissa wo muri Amerika, avuga ati: «Abavukanyi bamwebamwe usanga baremera cane umuvukanyi n’umudada baba bafitaniye ubugenzi. Ivyo bica bituma bamwebamwe batinya kubuhagarika naho baba babona ko burimwo ingorane. Abandi na bo usanga baca birinda rwose kuja mu vyo gukundana. Hari igihe bakuremera ukumva urarengewe.»
NIMURUSHIRIZE KUMENYANA
5-6. Igihe umusore n’inkumi batanguye gukundana, umwe wese akwiye kwihatira kumenya iki kuri mugenziwe? (1 Petero 3:4)
5 Nimba mwaratanguye gukundana, ni igiki cobafasha kumenya nimba mwokwubakana canke mutokwubakana? Ni ukumenya neza uwo mukundanye. Imbere y’uko mutangura ubwo bugenzi ushobora kuba waramenye ibintu bimwebimwe bimwerekeye. Ariko rero ubu, urafise akaryo ko kumenya «ico [ari] imbere mu mutima.» (Soma 1 Petero 3:4.) Ivyo birimwo kurushiriza kumenya ingene aha agaciro ivy’impwemu, kamere ziwe be n’ingene abona ibintu. Uko haca igihe, ukwiye kuba ushoboye kwishura ibi bibazo: «Uyu muntu yoba azombera umugabo canke umugore mwiza?» (Imig. 31:26, 27, 30; Ef. 5:33; 1 Tim. 5:8) «Yoba azonkunda akongera akanyitwararika? Mbega jeho noba nzobimugirira? Noba nzokwihanganira utunenge twiwe, na we akihanganira utwanje?»b (Rom. 3:23) Uko murushiriza kumenyana, muribuke iki kintu: Ukuba hari ivyo muhurizako si co ahanini gituma muba ababeranye, igihambaye ni ukuntu mutorera umuti ivyo mudahurizako.
6 Ni ibindi bintu ibihe ukwiye kwihatira kumenya ku bijanye n’uwo mukundanye? Imbere yo kumwishiramwo cane, vyoba vyiza mubanje kuyaga ibintu bimwebimwe bihambaye, nk’ibijanye n’imigambi afise. Bite ho ku yandi makuru amwerekeye, nk’ayajanye n’ingorane z’amagara, iz’ivy’ubutunzi canke ibintu vyigeze kumushikira bikamutera ihungabana? Ariko rero, si ngombwa ko muganira ku bibazo vyose ari ho mugitangura ubugenzi. (Gereranya na Yohani 16:12.) Nimba ubona ko hakiri kare cane ko wishura ibibazo bimwebimwe bijanye n’amakuru y’ibanga akwerekeye, nubimumenyeshe. Naho ari ukwo, bitebe bitebuke uwo muntu azokenera kumenya ayo makuru, kugira ngo afate ingingo ibereye. Ku bw’ivyo rero, hazogera igihe biba ngombwa ko uyamubwira utamuhisha.
7. Umusore n’inkumi bamaze gutangura ubugenzi, borushiriza gute kumenyana? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Kugirana ubugenzi muri kure na kure.») (Raba n’amafoto.)
7 None womenya gute ingene uwundi ameze imbere muri we vy’ukuri? Uburyo bwiza bwo kumumenya ni ukuyaga mudahishanya, ukamubaza ibibazo, ukongera ukamwumviriza witonze. (Imig. 20:5; Yak. 1:19) Kugira ivyo bishoboke, vyoba vyiza mukoreye hamwe ibintu bituma muronka akaryo ko kuganira, nko gusangira ibifungurwa, gutembera n’amaguru mu bibanza rusangi no kwamamaza muri kumwe. Kumarana umwanya n’incuti n’abagenzi, na vyo nyene birashobora gutuma murushiriza kumenyana. Vyongeye, nimukorere hamwe ibikorwa vyotuma ubona ingene uwo mukundanye avyifatamwo mu bihe bitandukanye, n’igihe ari kumwe n’abantu batandukanye. Raba ivyo uwitwa Aschwin wo mu Buholande yakoze igihe yariko ararushiriza kumenyana na Alicia. Avuga ati: «Twararondera ibintu vyotuma turushiriza kumenyana. Akenshi vyaba ari ibintu bisanzwe, nko gutekera hamwe canke gukorana utundi dukorwa. Ivyo vyaratumye umwe wese abona aho mugenziwe akomeye n’aho afise intege nke.»
Igihe umusore n’inkumi bafitaniye ubugenzi bakoreye hamwe ibintu bibaha akaryo ko kuyaga, birashobora gutuma barushiriza kumenyana (Raba ingingo ya 7-8)
8. Kwigira hamwe bishobora gute gufasha abamaze gutangura ubugenzi?
8 Kwigira hamwe Bibiliya na vyo nyene birashobora kubafasha kurushiriza kumenyana. Muramutse mwubakanye, bizokenerwa ko mutegekanya umwanya w’ugusenga kwo mu muryango, kugira ngo Imana muyihe ikibanza gihambaye mu rugo rwanyu. (Umus. 4:12) Mubona gute none mubitanguye ubu? Ego ni ko abamaze gutangura ubugenzi ntibaba baraba umuryango, kandi uwo muvukanyi ntaba araba umutwe w’uyo mushiki wacu. Ariko kuza barigira hamwe Bibiliya birashobora kubafasha kumenya ingene umwe wese muri bo aha agaciro ivy’impwemu. Umugabo umwe yitwa Max wo muri Amerika be n’umugore wiwe Laysa barabibonyemwo ikindi ciza. Max avuga ati: «Haciye igihe gito dutanguye ubugenzi bwacu, twaciye dutangura kuza turigira hamwe ibiganiro vyo mu bitabu vyacu bivuga ibijanye no gukundana, umubano be n’ubuzima bwo mu rugo. Ivyo bitabu vyaraduciriye inzira yo kuyaga ku bintu vyinshi bihambaye bitari kutworohera kuganirako.»
IBINDI BINTU MWOZIRIKANAKO
9. Ni ibintu ibihe umusore n’inkumi bozirikanako vyobafasha kumenya abo bobwira ibijanye n’ubugenzi bwabo?
9 Ni bande mwobwira ibijanye n’ubugenzi bwanyu? Iyo ni ingingo mwumvikanako uko muri babiri. Ubugenzi bwanyu bukiri mu ntango, mwoshobora guhitamwo kubibwira abantu bakeyi gusa. (Imig. 17:27) Ivyo vyotuma mwirinda aboza barababazagiza ibibazo n’abobaremera. Ariko kutagira n’umwe mubibwira na ho, vyohava bituma muza murinyegeza kugira ngo ntihagire ababimenya. Ivyo birashobora gukwega ingorane. Vyoba vyiza rero mubibwiye n’imiburiburi abantu boshobora kubaha impanuro nziza kandi bogira n’ivyo babafashije. (Imig. 15:22) Nk’akarorero, mwoshobora kubibwira abantu bamwebamwe bo mu miryango yanyu, abagenzi bahumuye canke abakurambere.
10. Umusore n’inkumi bokora iki kugira ngo ikiringo co kurushiriza kumenyana kigume giteye iteka? (Imigani 22:3)
10 Mwokora iki kugira ngo ikiringo co kurushiriza kumenyana kigume giteye iteka? Uko urukundo rwanyu rukomera ni ko murushiriza kwiyumvanamwo. Ni ibiki none vyobafasha kugumana inyifato ibereye? (1 Kor. 6:18) Nimwirinde ibiyago bitabereye, kuba muri ahantu mwenyene no kunywa inzoga nyinshi. (Ef. 5:3) Ivyo vyoshobora kubavyuramwo ivyipfuzo bibi bigahava bibagora kwigumya. Vyoba vyiza mugiye murayaga ivyo mwokwirinda kugira ngo ico kiringo kigume giteye iteka. (Soma Imigani 22:3.) Raba ivyafashije Dawit na Almaz bo muri Etiyopiya. Bavuga bati: «Twakunda guteramira mu bibanza vyahuriramwo abantu benshi canke tukaba turi kumwe n’abagenzi. Ntitwigera tuba turi twenyene mu nzu canke mu modoka. Ivyo vyatuma twirinda ibintu vyohava biduta mu kaga.»
11. Ni ibiki abamaze gutangura ubugenzi bakwiye kuzirikanako ku bijanye no kugaragarizanya urukundo?
11 Tuvuge iki ho ku bijanye n’ibimenyetso vyo kugaragarizanya urukundo? Bimwebimwe vyoshobora kuba ata co bitwaye bivanye n’aho ubugenzi bwanyu bugeze. Ariko rero, mukabuye inambu y’umubiri vyoshobora gutuma mutaba muciyumvira neza. (Ind. 1:2; 2:6) Vyongeye, ibimenyetso vy’urukundo vyoshobora kurenga akarimbi bitagoranye, bigatuma mukora ibitabereye. (Imig. 6:27) Kuva mu ntango y’ubugenzi bwanyu rero, nimwishingire uturimbi duhuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.c (1 Tes. 4:3-7) Nimwibaze rero muti: «Ibimenyetso twogira vyo kugaragarizanya urukundo, aho tubaye abantu bobibona gute? Ivyo bimenyetso vyoba vyotuvyurira inambu y’umubiri?»
12. Ni ibiki abamaze gutangura ubugenzi bokwitwararika bishitse hakagira ivyo badahurizako?
12 Mwotorera umuti gute ivyo mudahurizako? Tuvuge iki nimba rimwe na rimwe hari ivyo mudahurizako? Vyoba vyerekana ko ubugenzi bwanyu ata co buzoshikako? Si ngombwa. Nta bama bahuza muri vyose. Umubano ukomeye ugizwe n’abantu babiri basenyera ku mugozi umwe mu gutorera umuti ivyo badahurizako. Ukuntu rero mwihatira gutorera umuti ingorane zibashikira ubu, vyoshobora kwerekana nimba umubano wanyu uzororanirwa. Nimwibaze rero muti: «Igihe hadutse ibibazo, twoba tubiganirako dutekanye kandi mu cubahiro? Twoba twemera amakosa yacu n’umutima ukunze, kandi tukagerageza kugira ivyo turyohoye? Twoba twiyorosha, tugasabana imbabazi kandi tukababarirana?» (Ef. 4:31, 32) Ariko nimba muri ico kiringo co kurushiriza kumenyana mutigera muhuza kandi mukama mushwana, birashoboka ko bitazohinduka nimwamara no kubana. Bishitse ukabona yuko uwo muntu mufitaniye ubugenzi mudakwiranye, kubuhagarika yoba ari yo ngingo ibereye kuri mwempi.d
13. Ni ibiki vyofasha umuhungu n’umukobwa kumenya ikiringo bomara bariko bararushiriza kumenyana?
13 Mwomara ikiringo kingana gute murushiriza kumenyana? Kwihutagiza akenshi bivamwo ingaruka mbi. (Imig. 21:5) Ikiringo rero mwomara gikwiye kuba gihagije ku buryo mumenyana neza. Ariko rero ntimukwiye kukirehura bidakenewe. Na Bibiliya ivuga iti: «Iyo umuntu yiteze ibintu bigateba aravunika umutima.» (Imig. 13:12) Vyongeye, uko ubugenzi bwanyu burushiriza gukomera ni ko n’ivyipfuzo bijanye n’igitsina bikomera, ku buryo vyokworoha ko mugwa mu nyosha mbi. (1 Kor. 7:9) Aho rero gushira umutima ku kiringo ubugenzi bwanyu bumaze, niwibaze nyabuna uti: «Hoba hari ivyo ngikeneye kumenya kuri uwo muntu kugira ngo dufate ingingo ya nyuma?»
ABANDI BOSHIGIKIRA GUTE ABARIKO BARARUSHIRIZA KUMENYANA?
14. Abandi boshigikira gute abariko bararushiriza kumenyana? (Raba n’ifoto.)
14 Nimba tuzi abariko bararushiriza kumenyana, twobafasha gute? Twoshobora kubatumira kugira dusangire ibifungurwa, tugirire hamwe ugusenga kwo mu muryango canke twinezereze turi kumwe. (Rom. 12:13) Ibiringo nk’ivyo biratuma barushiriza kumenyana. Boba bakeneye uwobaherekeza, uwobunguruza canke aho boganirira batekanye? Nimba hari ico twofasha muri ivyo, twokibabwira. (Gal. 6:10) Umwe Alicia twavuga, aratubwira ivyo we na Aschwin bashimira cane abavukanyi. Agira ati: «Vyaradukora ku mutima cane kubona hari abavukanyi batubwira ko igihe cose twoba dukeneye ahantu hatanyegeye twoyagira, twoja iwabo.» Igihe bagusavye kubaherekeza, nubone ko ari uburyo bwiza bwo kubafasha. Uritwararika kutabata bonyene, ariko kandi witwararike no kubaha umwanya wo kuganira ivyabo mu mwiherero.—Flp. 2:4.
Turashobora gushigikira mu buryo butandukanye umusore n’inkumi bariko bararushiriza kumenyana (Raba ingingo ya 14-15)
15. Ni mu bundi buryo ubuhe twoshigikira abariko bararushiriza kumenyana? (Imigani 12:18)
15 Turashobora kandi gushigikira abariko bararushiriza kumenyana biciye ku vyo tuvuga canke tutavuga. Mu bihe bimwebimwe, vyoba vyiza tugumije ururimi. (Soma Imigani 12:18.) Nk’akarorero, hari igihe twokwumva umengo twobwira abandi ko naka na naka bafitaniye ubugenzi, ariko ugasanga benevyo boshima ko ari bo bavyivugira. Ntidukwiye kubavugako urusaku, kubatora amahinyu canke kubinjirira mu buzima. (Imig. 20:19; Rom. 14:10; 1 Tes. 4:11) Vyongeye, ntidukwiye kubabwira ibintu canke kubabaza ibibazo bisa n’ibibahatira kwubakana vyanka vyakunda. Mushiki wacu umwe yitwa Elise n’umugabo wiwe baribuka ivyababayeko. Bavuga bati: «Vyaratubuza amahoro igihe abandi baba batubajije aho tugejeje gutegura ubugeni bwacu kandi twebwe tutari bwabipfundike.»
16. Dukwiye kuvyakira gute igihe umusore n’inkumi bari bafitaniye ubugenzi bafashe ingingo yo kubuhagarika?
16 Bite hoho hamwe umusore n’inkumi bofata ingingo yo guhagarika ubugenzi bari bafitaniye? Turakwiye kwirinda gusuma urusaku turondera kumenya igituma, canke ngo tuvyisukemwo. (1 Pet. 4:15) Mushiki wacu umwe yitwa Lea avuga ati: «Narababaye cane igihe numva amakuru atari yo yagiye aravugavugwa ku vyoba vyatumye mpebana n’umuvukanyi twari dukundanye.» Nk’uko twamaze kubivuga, igihe umusore n’inkumi bafashe ingingo yo guhagarika ubugenzi bwabo, ntibisobanura ko baba bafashe ingingo mbi. Muri rusangi, bisigura gusa ko ubugenzi bwabo buba bwashitse ku ntumbero yabwo, na yo akaba ari iyo kubafasha gufata ingingo ibereye. Ariko ntiwumve, iyo ngingo irashobora kubasigamwo intuntu n’irungu, akaba ari co gituma dukwiye kurondera ingene twobaba hafi.—Imig. 17:17.
17. Umusore n’inkumi bamaze gutangura ubugenzi, bakwiye kubandanya gukora iki?
17 Nk’uko twabibonye, naho ikiringo co kurushiriza kumenyana gishobora kubamwo intambamyi, kirashobora no kuba ikiringo giteye umunezero. Uwitwa Jessica avuga ati: «Mvugishije ukuri, ikiringo c’ubugenzi bwacu caraturuhije. Naho ari ukwo, umwanya n’inguvu twakoresheje ntivyabaye impfagusa.» Nimba hari uwo mumaze gutangura ubugenzi, nimubandanye kurushiriza kumenyana neza. Ivyo bizotuma ubugenzi bwanyu bushika ku ntumbero, na yo akaba ari ukubafasha gufata ingingo ibereye.
URURIRIMBO RWA 49 Tunezereze umutima wa Yehova
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
b Ushaka kumenya ibindi bibazo wokwibaza, raba igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, rup. 39-40.
c Gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu, bija mu mugwi w’ubusambanyi, bikaba bishobora kwicarirwa na komite ncarubanza. Gukuyakuya amabere be n’ibiyago vy’ubuhumbu bigirwa biciye kuri telefone canke kuri mesaje, na vyo nyene birashobora gutuma hashingwa komite ncarubanza, bivanye n’ingene ibintu biba vyifashe.
d Ushaka ayandi makuru, raba «Ibibazo vy’abasomyi» mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Myandagaro 1999.