Ibibazo vy’abasomyi
Igihe Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, ba bigishwa biwe 70 yigeze kurungika kwamamaza bari hehe? Boba bari bamuhevye?
Ntibikenewe ko twiyumvira gutyo kubera gusa ba bigishwa 70 batari bahari igihe Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Ntibisobanura ko Yezu atari akibemera canke ko bari bamuhevye. Muri ico kiringo, Yezu yipfuza gusa kwigumanira n’intumwa ziwe.
Ba bigishwa 12 na bamwe 70, bose Yezu yarabemera. Mu bigishwa benshi Yezu yari afise, yatanguye guhitamwo abagabo 12 akaba ari bo yise intumwa. (Luka 6:12-16) Yari i Galilaya igihe «[ya]koranya bamwe cumi na babiri» maze «abarungika kwamamaza Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye.» (Luka 9:1-6) Mu nyuma Yezu amanutse i Yudaya, «[yaratoye] abandi bigishwa 70, abatuma ari babiribabiri.» (Luka 9:51; 10:1) Rero, Yezu yari afise abigishwa mu burere butandukanye bamamaza ibimwerekeye.
Abayuda bacitse abigishwa ba Yezu barahimbaza Pasika buri mwaka, kumbure bari kumwe n’imiryango yabo. (Kuv. 12:6-11, 17-20) Yezu n’intumwa ziwe baragiye i Yeruzalemu, imbere gato y’urupfu rwiwe. Ariko rero ntiyasavye abigishwa biwe bose bari i Yudaya, i Galilaya n’i Pereya ngo baze guhimbaza Pasika bari kumwe na we. Biboneka ko Yezu yashaka gusa kuba ari kumwe n’intumwa ziwe ku bw’ico kiringo. Yababwiye ati: «Naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa.»—Luka 22:15.
Ivyo yabigiranye imvo nziza. Yezu yari yimirije gupfa nk’«Umwagazi w’intama w’Imana, ukuraho igicumuro c’isi.» (Yoh. 1:29) Yopfiriye i Yeruzalemu aho ibimazi vyashikanirwa Imana vyari bimaze igihe bitangirwa. Umwagazi w’intama Abisirayeli barya kuri Pasika wabibutsa ko Yehova yabarokoye bakava mu Misiri. Ariko biciye ku ncungu, Yezu yarakoze ibirengeye ivyo. Yaratumye abantu bose bashobora gukurwako icaha n’urupfu. (1 Kor. 5:7, 8) Incungu Yezu yatanze yotumye intumwa cumi na zibiri ziba abagize umushinge w’ishengero rya gikirisu. (Ef. 2:20-22) Igitabu co mu Vyahishuwe, kivuga ko igisagara ceranda Yeruzalemu gifise «amabuye y’umushinge 12» yanditseko «amazina 12 ya za ntumwa 12 za wa Mwagazi w’intama.» (Ivyah. 21:10-14) Rero intumwa z’intahemuka zobaye zifise ibanga ridasanzwe mu kurangura umugambi w’Imana. Turatahura rero igituma Yezu yipfuza guhimbaza Pasika yiwe ya nyuma hamwe n’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ari kumwe n’intumwa ziwe.
Ba bigishwa 70 hamwe n’abandi ntibari kumwe na Yezu ku bw’izo mfungurwa. Naho ari ukwo, abigishwa biwe b’intahemuka bokwungukiye kuri izo Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba Yezu yatanguje. Abakirisu bose bohavuye barobanurwa bokwinjiye mw’isezerano ry’Ubwami, iryo Yezu yagiraniye n’intumwa ziwe iryo joro.—Luka 22:29, 30.