Woba umaze kwibaza ibi bibazo?
Kubera iki hari intambara nyinshi kandi abantu bose bipfuza amahoro?
Vyoba bishoboka ko turonka amahoro nyakuri muri iyi si yuzuye ububisha?
Twoba tuzokwigera tubaho ata ntambara zikiriho?
Inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo zoshobora kugutangaza ariko kandi zikaguhumuriza.
Ubona gute urondeye kumenya ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’intambara? Uwu Munara w’Inderetsi urashobora kubigufashamwo.