IKIGANIRO C’UKWIGA CA 16
URURIRIMBO RWA 87 Ingo muruhurirwe!
Kwiyegereza abavukanyi bacu bitubera vyiza
«Ese ukuntu bihimbaye kandi ari vyiza ko abavukana babana mu bumwe!»—ZAB. 133:1.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ivyiyumviro vyodufasha kwiyegereza abavukanyi bacu be n’ivyiza biva ku kugiranira ubucuti bwiza na bo.
1-2. Kimwe mu bintu Yehova abona ko bihambaye ni ikihe, kandi yipfuza ko dukora iki?
KIMWE mu bintu Yehova abona ko bihambaye cane, ni ukuntu dufata abandi. Yezu yavuze ko dutegerezwa gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda. (Mat. 22:37-39) Ivyo birimwo no gufata neza mbere n’abo tudasangiye ukwemera. Iyo tubigize tuba twiganye Yehova Imana, umwe «atuma izuba ryakira ababi n’abeza, kandi agaha imvura abagororotsi n’abatari abagororotsi.»—Mat. 5:45.
2 Naho Yehova akunda abantu bose muri rusangi, abakora ibigororotse bobo arabakunda cane. (Yoh. 14:21) Yipfuza ko tumwigana. Aduhimiriza ‘gukunda rwose’ abavukanyi na bashiki bacu no kubagirira «ikibabarwe.» (1 Pet. 4:8; Rom. 12:10) Mwene urwo rukundo be n’ico kibabarwe tubagaragariza, ni nka bimwe nyene tugaragariza incuti canke umugenzi dukunda cane.
3. Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye n’urukundo?
3 Cokimwe n’ishurwe, urukundo na rwo nyene rurakeneye kwitwararikwa kugira ngo rukure. Intumwa Pawulo yahanuye abakirisu ati: «Mubandanye gukunda abavukanyi banyu.» (Heb. 13:1) Yehova yipfuza ko tubandanya gutsimbataza urukundo dukunda abandi. Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino igituma dukwiye kurushiriza kwiyegereza abavukanyi bacu be n’ingene twobandanya kubigira.
IGITUMA TWORUSHIRIZA KWIYEGEREZANYA
4. Twisunze Zaburi 133:1, ni igiki codufasha kuguma duha agaciro umuryango wacu w’abavukanyi wunze ubumwe? (Raba n’amafoto.)
4 Soma Zaburi 133:1. Turemera ivyo umwanditsi w’iyo Zaburi yavuze, yuko kugiranira ubugenzi nyakuri n’abakunda Yehova ari «vyiza» kandi ko «bihimbaye.» Ariko rero, nka kurya nyene umuntu yoshobora gufata minenerwe igiti ciza cane yama abona buri musi, ni ko na twebwe vyoshika tugafata minenerwe agaciro k’ubumwe dufitaniye. Usanga dukunda kubonana n’abavukanyi na bashiki bacu, kumbure mbere incuro nyinshi mu ndwi. Ni igiki none codufasha kuguma tubaha agaciro? Nitwaza turafata umwanya wo kuzirikana ku kuntu umwe wese muri bo ari uw’agaciro kw’ishengero no kuri twebwe, urukundo tubakunda ruzorushiriza gukomera.
Ntukigere ufata minenerwe ubumwe burangwa mu muryango wacu w’abavukanyi (Raba ingingo ya 4)
5. Urukundo dukundana hagati yacu rushobora kugira ico rukoze gute ku bandi?
5 Abantu bamwebamwe baza kw’ikoraniro ari bwo bwa mbere, barakorwa ku mutima cane n’ingene dukundana hagati yacu. Ico conyene coshobora gutuma babona ko bubuye ukuri. Yezu yavuze ati: «Urukundo ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje.» (Yoh. 13:35) Rimbura ivyashikiye umunyeshure umwe wo kuri kaminuza yitwa Chaithra, yariko yiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Baramuhaye ubutumire bw’ihwaniro maze na we arabwemera. Umusi wa mbere w’iryo hwaniro urangiye, yabwiye uwumwigisha Bibiliya ati: «Abavyeyi banje ntibarigera bangumbira na rimwe, ariko kuri iri hwaniro ryanyu, uyu musi gusa nagumbiriwe n’abantu 52. Niboneye ko Yehova ankunda biciye kuri uwu muryango. Nanje nipfuza kuba mu bawugize.» Chaithra yarabandanije gutera imbere maze abatizwa mu 2024. Ego cane, igihe abashasha biboneye ibikorwa vyacu vyiza ushizemwo n’urukundo dukundana, akenshi birabavyurira umutima wo kuba abasavyi ba Yehova.—Mat. 5:16.
6. Kwiyegereza abavukanyi bacu bidukingira gute?
6 Kwiyegereza abavukanyi bacu birashobora kudukingira. Pawulo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: «Mugume muremeshanya ku musi ku musi, . . . kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantaza umutima bivuye ku bubasha buhendana bw’igicumuro.» (Heb. 3:13) Bishitse tugacika intege cane ku buryo bitangura kutugora gukora ibigororotse, Yehova yoshobora gutuma umuvukanyi canke mushiki wacu yabibonye adufasha. (Zab. 73:2, 17, 23) Imfashanyo nk’iyo yoshobora kutubera nziza vy’ukuri.
7. Ni isano irihe riri hagati y’urukundo n’ubumwe? (Abakolosayi 3:13, 14)
7 Kubera ko twihatira gukundana turironkera imihezagiro myinshi. (1 Yoh. 4:11) Nk’akarorero, urukundo ruratuma ‘tubandanya kwihanganirana’ maze ivyo bigatuma twunga ubumwe. (Soma Abakolosayi 3:13, 14; Ef. 4:2-6) Ni co gituma ata handi hantu na hamwe kw’isi abantu bumva bisanze nko ku makoraniro yacu.
DUTERANE ITEKA
8. Yehova adufasha gute kwunga ubumwe?
8 Ubumwe burangwa mu muryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose ni igitangaro. Ubwo bumwe tubukesha Yehova, narirya turi abantu badatunganye. (1 Kor. 12:25) Bibiliya ivuga ko «[t]wigishwa n’Imana gukundana.» (1 Tes. 4:9) Mu yandi majambo, biciye ku Vyanditswe, Yehova aratwereka neza ivyo dukwiye gukora kugira ngo twiyegerezanye. ‘Turigishwa n’Imana’ mu gusuzuma inyigisho zayo twitonze tukongera tukazishira mu ngiro. (Heb. 4:12; Yak. 1:25) Ivyo nyene ni vyo Ivyabona vya Yehova bihatira gukora.
9. Mu Baroma 12:9-13 hatwigisha iki ku bijanye no guterana iteka?
9 None Ijambo ry’Imana ritwigisha gute ibijanye no kwiyegerezanya? Raba ico Pawulo yabivuzeko mu Baroma 12:9-13. (Soma.) Urabona ko yakoresheje amajambo akora ku mutima agira ati: «Mube aba mbere mu gutera iteka bagenzi banyu.» None ivyo bisobanura iki? Turakwiye kwibwiriza ‘kugaragariza abandi ikibabarwe’ mu buryo butandukanye, nk’akarorero mu kubababarira, mu kubagaragariza ubwakiranyi, no mu kugira ivyo tubahaye. (Ef. 4:32) Aho kurindira ngo babe ari bo batangura gutera intambwe ya mbere, ni twe nyabuna dukwiye kuba «aba mbere» mu kubigira. Birabereye kuba Yezu yavuze ati: «Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.»—Ivyak. 20:35.
10. Twokwerekana gute umwete mu ‘gutera iteka bagenzi bacu’? (Raba n’ifoto.)
10 Pawulo agiheza kutubwira ibijanye no kuba aba mbere mu gutera iteka bagenzi bacu, birahambaye kubona aca aduhimiriza kuba ‘abanyamwete, ntitunebwe.’ Umuntu w’umunyamwete akorana ubwira ibintu. Iyo umushinze igikorwa agikorana ishaka. Mu Migani 3:27, 28 haduhimiriza hati: «Ntureke kugirira iciza abagikeneye kandi wari ushoboye kubafasha.» Igihe rero tubonye uwuri n’ico akeneye, turakora ibishoboka vyose kugira ngo tumufashe. Ntidutebagana kubikora canke ngo twiyumvire ko hazogira uwundi amufasha.—1 Yoh. 3:17, 18.
Turakwiye kwibwiriza gufasha abavukanyi bacu bari n’ivyo bakeneye (Raba ingingo ya 10)
11. Ni igiki codufasha kurushiriza kwiyegerezanya?
11 Ikindi kintu twokora kugira ngo twerekane ko dutera iteka abandi, ni ukunyaruka kubababarira iyo batubabaje. Mu Banyefeso 4:26 hagira hati: «Izuba ntirirenge mugishavuye.» Uti kubera iki? Umurongo wa 27 uvuga ko ivyo vyotuma ‘duha akaryo Shetani.’ Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe aguma adusaba kubabarirana. Mu Bakolosayi 3:13 haduhimiriza ‘kubandanya kubabarirana ata gahigihigi.’ Kwirengagiza amakosa y’abandi ni kimwe mu bintu nyamukuru bituma turushiriza kwiyegerezanya. Ivyo bica bidufasha «kuzigama ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.» (Ef. 4:3) Muri make, kubabarira abandi biraremesha ubumwe n’amahoro.
12. Yehova adufasha gute kubabarira abandi?
12 Ego ni ko, birashobora kutugora kubabarira abatubabaje. Naho ari ukwo, impwemu y’Imana irashobora kubidufashamwo. Ivyanditswe bihejeje kuduhimiriza ‘kugiranira ikibabarwe’ no kuba «abanyamwete», bica bitubwira ngo «[t]ururumbe impwemu.» Umuntu ‘arurumba’ aba yuzuye umwete n’igishika biva ku mpwemu nyeranda. Impwemu y’Imana rero irashobora kudufasha kugiranira ikibabarwe no kubabarirana ata gahigihigi. Ni co gituma twinginga Yehova ngo ayituronse.—Luka 11:13.
«NTIHABE AMACAKUBIRI MURI MWEBWE»
13. Ni ibiki vyoshobora gutuma haba amacakubiri muri twebwe?
13 Ishengero rigizwe n’«abantu b’uburyo bwose» kandi b’imico kama itandukanye. (1 Tim. 2:3, 4) Tutabaye maso rero, ivyo bintu dutandukaniyeko vyoshobora gutuma ducanamwo mu bintu usanga vyega umuntu ku giti ciwe, nk’ibijanye n’inyambaro n’ukwitunganya, ibijanye n’ukwivuza canke n’ukwinezereza. (Rom. 14:4; 1 Kor. 1:10) Kubera ko Imana yatwigishije gukundana, turakwiye kuba maso kugira ngo ntiduhatire abandi kubona ko ivyo duhitamwo ari vyo vyiza kuruta.—Flp. 2:3.
14. Dukwiye kwama twihatira kuba abantu bameze gute, kandi kubera iki?
14 Turashobora kandi kwirinda ko ishengero ryicamwo imice, mu kwama twihatira kuba abantu baremesha kandi baruhurira abandi. (1 Tes. 5:11) Muri ibi bihe vya vuba, abantu batari bake bari barahororokewe canke barakuwe mw’ishengero, baragarutse. Turabahaye ikaze n’igishika cinshi. (2 Kor. 2:8) Raba ivyashikiye mushiki wacu umwe yaje ku Ngoro y’Ubwami inyuma y’imyaka cumi yari amaze yarahororokewe. Yavuze ati: «Uwo ari we wese yandamutsa amwenyura.» (Ivyak. 3:19) None utwo tuntu dusanzwe twatumye yumva amerewe gute? Avuga ati: «Vyatumye mbona ko Yehova ariko angarukana ku munezero.» Tubaye abantu baremesha, Kristu arashobora kudukoresha kugira ngo turuhurire «abacumukura n’abaremerewe.»—Mat. 11:28, 29.
15. Ni mu bundi buryo ubuhe tworemesha ubumwe? (Raba n’ifoto.)
15 Turashobora kandi kuremesha ubumwe biciye ku vyo tuvuga. Muri Yobu 12:11 hagira hati: «Mbega ugutwi ntigusuzuma amajambo nka kurya ururimi ruhonja ibifungurwa?» Kurya nyene umutetsi mwiza yama abanza guhonja ibifungurwa imbere y’uko abisereva abandi, na twebwe turakwiye kuzirikana twitonze ku vyo tugira tuvuge imbere yo kubivuga. (Zab. 141:3) Buri gihe, twipfuza yuko ivyo tuvuga biba ivyubaka abandi, bibaruhurira, kandi ‘bigirira akamaro abavyumva.’—Ef. 4:29.
Zirikana ku vyo ugira uvuge imbere yo kubivuga (Raba ingingo ya 15)
16. Ni bande canecane bakwiye kwitwararika kuvuga ibiremesha?
16 Abagabo be n’abavyeyi ni bo canecane bakwiye kwitwararika kuvuga ibiremesha. (Kol. 3:19, 21; Tito 2:4) Kubera ko abakurambere ari abungere, na bo nyene barakwiye kuruhurira intama za Yehova no kuziremesha. (Yes. 32:1, 2; Gal. 6:1) Umugani umwe wo muri Bibiliya uvuga uti: «Ijambo rivuzwe ku mwanya ubereye ni ryiza cane!»—Imig. 15:23.
DUKUNDANE «MU BIKORWA NO MU KURI»
17. Twokwerekana gute ko dukunda abavukanyi bacu bimwe bivuye ku mutima?
17 Intumwa Yohani aturemesha ‘gukundana, atari mu majambo canke ku karimi, ahubwo mu bikorwa no mu kuri.’ (1 Yoh. 3:18) Twipfuza gukunda abavukanyi bacu bimwe bivuye ku mutima. None ivyo twobishikako gute? Uko turushiriza kumarana umwanya n’abavukanyi bacu ni ko turushiriza kwiyegerezanya no gukundana cane. Nuze urarondera rero uturyo two kumarana umwanya na bo, haba ku makoraniro canke mu ndimiro. Nurondere n’akanya ko kubagendera. Tubigize tuba twerekanye ko turiko ‘turigishwa n’Imana gukundana.’ (1 Tes. 4:9) Vyongeye, ivyo bizotuma tubandanya kwibonera «ukuntu bihimbaye kandi ari vyiza ko abavukana babana mu bumwe!»—Zab. 133:1.
URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye