ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ndamukiza rup. 32
  • Nugire ivyo wigiye ku mafoto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugire ivyo wigiye ku mafoto
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ivyo bijanye
  • “Raba iyi shusho!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Gukoresha neza amashusho
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Shetani aba he?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ndamukiza rup. 32

INGENE WOKWIYIGISHA

Nugire ivyo wigiye ku mafoto

Ibitabu vyacu birimwo amafoto menshi atwigisha ivyigwa bihambaye. None ayo mafoto yogufasha gute?

  • Banza urabe amafoto ari mu kiganiro kanaka imbere yo kugisoma. Arashobora gutuma ugira akayabagu ko kugisoma. Kurya nyene amaso atuma ugira akayabagu ko gufungura ibintu kanaka, ni ko n’ivyo ubonesha amaso bishobora gutuma ugira akayabagu ko gusoma. Niwibaze rero uti: «Mbona iki?»—Amosi 7:​7, 8.

  • Igihe usoma ico kiganiro, niwibaze igituma bashizemwo ayo mafoto. Soma utujambo tuyaherekeza canke tuyasigura, nimba turiho. Zirikana ingene ayo mafoto ahuye n’ico kiganiro be n’ico akwigisha mu buzima bwawe.

  • Uhejeje gusoma ico kiganiro, koresha ayo mafoto mu kugira isubiramwo ry’ivyiyumviro nyamukuru. Gerageza kwiyibutsa ayo mafoto mu bwenge be n’icigwa imwimwe yose yakwigishije.

  • Ubona gute usubiye kwihweza amafoto ari muri iki kinyamakuru maze urabe nimba wibuka ivyo akwigisha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika