ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ruheshi rup. 20-25
  • Fasha abo wigisha Bibiliya babe abasavyi ba Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Fasha abo wigisha Bibiliya babe abasavyi ba Yehova
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • FASHA UWO WIGISHA BIBILIYA KUMENYA IBIMUBUZA GUTERA IMBERE
  • MUFASHE KURUSHIRIZA GUKUNDA YEHOVA
  • MUFASHE KUGIRA IVYO AHINDUYE KUGIRA ASHIRE YEHOVA MU KIBANZA CA MBERE
  • MUFASHE KUMENYA IVYO YOKORA IGIHE ARWANIJWE
  • NIWIZIGIRE UWO WIGISHA BIBILIYA
  • Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca kabiri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • ‘Nimugende rero muhindure abantu abigishwa’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ruheshi rup. 20-25

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 27

URURIRIMBO RWA 79 Nubigishe kuguma bashikamye

Fasha abo wigisha Bibiliya babe abasavyi ba Yehova

«Mushikame mu kwizera . . . mukomere.»—1 KOR. 16:13.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene twofasha abo twigisha Bibiliya gukomeza ukwizera kwabo no kugira umutima rugabo, kugira bafate ingingo yo kuba abasavyi ba Yehova.

1-2. (a) Kubera iki hari abo twigisha Bibiliya bagonanwa gufata ingingo yo kuba abasavyi ba Yehova? (b) Ni ibiki tuza kuganirako muri iki kiganiro?

HOBA hari ibintu vyatumye ugonanwa kuba Icabona ca Yehova? Kumbure waratinya ko abo mukorana, abagenzi canke abo mu muryango bazokurwanya. Canke na ho wumva umengo ntibizokworohera kubaho uhuza n’ingingo ngenderwako z’Imana. Nimba vyaragushikiye, urashobora gutahura abo wigisha Bibiliya basa n’abagonanwa gufata ingingo yo kuba abasavyi ba Yehova.

2 Yezu yari azi ko ibintu nk’ivyo vyotumye abantu batinya gufata ingingo yo gukorera Yehova. (Mat. 13:​20-22) Naho ari ukwo, ntiyaciye aheba abagonanwa kumukurikira. Ahubwo riho, yareretse abigishwa biwe ingene bofasha abantu nk’abo (1) kumenya ibibabuza gutera imbere, (2) kurushiriza gukunda Yehova, (3) kugira ivyo bahinduye kugira bashire Yehova mu kibanza ca mbere, (4) no kumenya ivyo bokora igihe barwanijwe. None twoshira mu ngiro gute ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe igihe dufasha abo twigisha Bibiliya gufata ingingo yo kuba abasavyi ba Yehova, dukoresheje igitabu Kwiberaho ibihe bidahera?

FASHA UWO WIGISHA BIBILIYA KUMENYA IBIMUBUZA GUTERA IMBERE

3. Ni igiki gishobora kuba caratumye Nikodemu ataba umwe mu bigishwa ba Yezu?

3 Umwe mu ndongozi zikomeye z’Abayuda yitwa Nikodemu yari afise intambamyi yamubuza kuba umwe mu bigishwa ba Yezu. Haciye nk’amezi atandatu gusa Yezu atanguye igikorwa ciwe, Nikodemu yaratahuye ko Yezu yaje aserukira Imana. (Yoh. 3:​1, 2) Naho ari ukwo, Nikodemu yahisemwo kubonana na Yezu mu mpisho kubera ‘yatinya Abayuda.’ (Yoh. 7:13; 12:42) Ashobora kuba yiyumviriye ko yotakaje vyinshi abaye umwigishwa wa Yezu.a

4. Yezu yafashije gute Nikodemu gutahura ivyo Imana yari imwitezeko?

4 Nikodemu yari azi ya mategeko ya Musa, ariko yari akeneye uwomufasha gutahura ivyo Imana yari imwitezeko. None Yezu yamufashije gute? Yezu yaramuhaye umwanya, mbere aremera ko baganira mw’ijoro. Vyongeye, Yezu yareretse neza Nikodemu ivyo yategerezwa gukora kugira abe umwigishwa wiwe. Yategerezwa kwigaya ibicumuro vyiwe, kubatizwa mu mazi no kwizera Umwana w’Imana.—Yoh. 3:​5, 14-21.

5. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kumenya ibimubuza gutera imbere?

5 Uwo wigisha Bibiliya yoshobora kuba atahura neza ivyanditswe, ariko akaba akeneye uwomufasha kumenya ibimubuza gutera imbere. Nk’akarorero, akazi canke kurwanywa n’umuryango vyoshobora gutuma adatera imbere ngo akorere Yehova. Nurondere umwanya rero kugira umufashe. Woshobora kumutumira kugira musangire agafanta n’ikiyago. Mu bihe nk’ivyo, yoshobora kukwugurukira akakubwira intambamyi afise. Muremeshe kugira ivyo ahinduye kugira yerekane ko akunda Yehova, atari kugira ngo akunezereze.

6. Wofasha gute uwo wigisha Bibiliya kugira umutima rugabo wo gushira mu ngiro ivyo yiga? (1 Abakorinto 16:13)

6 Igihe uwo wigisha Bibiliya yizigiye ko Yehova azomufasha kubaho yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, azogira umutima rugabo wo gushira mu ngiro ivyo ariko ariga. (Soma 1 Abakorinto 16:13.) Uruhara ujejwe hari ukuntu rumeze nk’urw’umwigisha. Igihe wari ukiri umunyeshure ni umwigisha uwuhe wakunda cane? Ashobora kuba ari umwigisha yagufashije yihanganye kubona ko hari ico uzovamwo. N’umuntu yigisha neza Bibiliya ntiyigisha gusa ivyo Imana ishaka ko dukora, ahubwo aranakura amazinda uwo yigisha Bibiliya ko Yehova azomufasha kugira ivyo ahinduye mu buzima kugira amuhimbare. None wobigira gute?

MUFASHE KURUSHIRIZA GUKUNDA YEHOVA

7. Yezu yafashije gute abamwumviriza kurushiriza gukunda Yehova?

7 Yezu yari azi ko gukunda Yehova vyotumye abigishwa biwe bashira mu ngiro ivyo bari bamaze kwiga. Yarakunda kubigisha ibintu vyobafashije kurushiriza gukunda Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru. Nk’akarorero, yagereranije Yehova n’umuvyeyi aha ibintu vyiza abana biwe. (Mat. 7:​9-11) Bamwebamwe mu bumviriza Yezu bashobora kuba batigeze bagira umuvyeyi akundana nk’uwo. Ibaze ingene bakozwe ku mutima na ca kigereranyo Yezu yatanga c’umuvyeyi w’impuhwe, yasubira kwakira umwana wiwe w’icangazi. Ako karorero karabafashije gutahura impuhwe Yehova agaragariza abana biwe bo kw’isi.—Luka 15:​20-24.

8. Wofasha gute uwo wigisha Bibiliya kurushiriza gukunda Yehova?

8 Na wewe urashobora gufasha uwo wigisha Bibiliya kurushiriza gukunda Yehova mu kuza urashimika kuri kamere z’Imana igihe muriko muriga. Igihe cose muriko muriga, mufashe gutahura ingene ivyo ariko ariga vyerekana ko Yehova amukunda. Mushitse ku bijanye n’incungu, mufashe kubona ingene imufitiye akamaro. (Rom. 5:8; 1 Yoh. 4:10) Atahuye ingene Yehova amukunda ku giti ciwe, vyoshobora gutuma na we amukunda.—Gal. 2:20.

9. Ni igiki catumye Michael agira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe?

9 Raba akarorero ka Michael wo muri Endoneziya. Naho yakuriye mu kuri, ntiyigeze atera imbere ngo abatizwe. Igihe yari afise imyaka 18 yaragiye mu kindi gihugu gukora akazi ko gutwara ibikamyo. Yahavuye agaruka iwabo arubaka urwiwe, mu nyuma na ho asiga umuryango asubira mu mahanga kubandanya akazi. Ico gihe yari mu mahanga, umugore wiwe n’umukobwa wiwe baratanguye kwiga Bibiliya kandi baratera imbere. Nyina wiwe amaze gupfa, Michael yaciye afata ingingo yo gusubira muhira kugira yitwararike se wiwe, aca atangura kwiga Bibiliya. Igihe yiga ibiri mu gice kivuga ngo «Twinjire mu mizi», mu cigwa ca 27 c’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera, Michael yarakozwe ku mutima cane. Azirikanye ku kuntu Yehova ategerezwa kuba yaratuntuye igihe yabona ingene Umwana wiwe yariko arababazwa, Michael yarakoroye amosozi. Vyatumye arushiriza gukenguruka incungu, aragira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe maze arabatizwa.

MUFASHE KUGIRA IVYO AHINDUYE KUGIRA ASHIRE YEHOVA MU KIBANZA CA MBERE

10. Yezu yafashije gute abatanguye kuba abigishwa biwe kugira ivyo bahinduye kugira bashire Yehova mu kibanza ca mbere? (Luka 5:​5-11) (Raba n’ifoto.)

10 Abatanguye kuba abigishwa ba Yezu ntibatevye gutahura ko ari we yari Mesiya yari yarasezeranywe. Ariko rero, bari bakeneye uwobafasha kugira ivyo bahinduye kugira bashire imbere igikorwa co kwamamaza. Petero na Andereya bari bamaze igihe bakurikira Yezu igihe yabasaba guheba vyose ngo bagume bamukurikira. (Mat. 4:​18, 19) Bari abarovyi bateye imbere, bikaba biboneka ko bakorana na Yakobo na Yohani. (Mrk. 1:​16-20) Igihe Petero na Andereya «baheba insenga zabo» kugira ngo bagume bakurikira Yezu, bashobora kuba baragize ivyo batunganije kugira ngo imiryango yabo igume ironka ikiyibeshaho. Ni igiki none catumye bagira ivyo bahinduye kugira bashire imbere igikorwa co kwamamaza? Inkuru dusanga muri Luka ivuga ko Yezu yakoze igitangaro catumye barushiriza kwizigira ko Yehova ashoboye kubaronsa ivyobabeshaho.—Soma Luka 5:​5-11.

Yezu asavye Petero na Andereya kumukurikira, na bo baca baheba ubwato bwabo. Abandi barovyi bagumye muri ubwo bwato batunganya insenga zabo.

Twigira iki ku kuntu Yezu yafashije abigishwa biwe gushira Yehova mu kibanza ca mbere? (Raba ingingo ya 10)b


11. Twokoresha gute ivyadushikiye kugira dukomeze ukwizera kw’uwo twigisha Bibiliya?

11 Naho tudashobora gukora ibitangaro nka Yezu, turashobora kubwira uwo twigisha Bibiliya inkuru zerekana ingene Yehova afasha abamushira imbere mu buzima bwabo. Nk’akarorero, woba wibuka ingene Yehova yagufashije igihe watangura kwitaba amakoraniro? Kumbure vyarabaye ngombwa ko uyaga n’umukoresha wawe, uramusigurira igituma utosubiriye gukora amasaha yiyongereye ku musi w’ikoraniro. Igihe uyagira uwo wigisha Bibiliya ivyagushikiye, numusigurire ingene ukwizera kwawe kwarushirije gukomera igihe wibonera ingene Yehova ahezagira ingingo wafashe yo kumushira imbere mu buzima bwawe.

12. (a) Kubera iki twoza turajana n’abamamaji batandukanye kuyobora inyigisho yacu ya Bibiliya? (b) Wokoresha gute amavidewo kugira ukore ku mutima uwo wigisha Bibiliya? Tanga akarorero.

12 Uwo wigisha Bibiliya yumvise ingene abandi bakirisu bagize ivyo bahinduye kugira bashire imbere ivy’Ubwami, na vyo nyene bizomukomeza cane. Nuze rero uratumira abamamaji baciye mu bintu bitandukanye mujane kumwigisha. Nubasabe bamwiganire ingene bamenye ukuri be n’ivyo bakoze kugira ngo bashire imbere gukorera Yehova. Vyongeye, nufate umwanya wo kumwereka amavidewo dusanga mu gice kivuga ngo «Twinjire mu mizi», canke ikivuga ngo «Rondera n’ibindi», vyo muri ca gitabu Kwiberaho ibihe bidahera. Nk’akarorero, igihe muriko muriga icigwa ca 37 woshobora gukoresha ivyiyumviro biri mw’ividewo ivuga ngo Yehova azoturonsa ivyo dukeneye, kugira ngo umufashe kubona ko Yehova azomwitwararika niyamushira mu kibanza ca mbere.

MUFASHE KUMENYA IVYO YOKORA IGIHE ARWANIJWE

13. Yezu yafashije gute abigishwa biwe kwitegurira uruhamo?

13 Yezu yarabwiye kenshi abigishwa biwe ko abantu bobarwanije, ushizemwo n’incuti zabo. (Mat. 5:11; 10:​22, 36) Igihe Yezu yari mu gusozera igikorwa ciwe, yaraburiye abigisha biwe ko no kwicwa bokwishwe bahorwa ukwizera kwabo. (Mat. 24:9; Yoh. 15:20; 16:2) Yabahimirije kwiyubara mu gikorwa cabo co kwamamaza. Yabahanuye kudahangana n’ababarwanya, ahubwo bagakoresha ubwenge kugira ngo babandanye kwamamaza.

14. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kwitegurira uruhamo? (2 Timoteyo 3:12)

14 Twoshobora gufasha uwo twigisha Bibiliya kwitegurira uruhamo, mu kumusigurira ivyo yoshobora kubwirwa n’abo bakorana, incuti canke abagenzi. (Soma 2 Timoteyo 3:12.) Bamwe mu bo bakorana boshobora kumutwenga kubera ko atakimeze nk’uko yahora. Abandi na bo, mbere ushizemwo n’incuti ziwe za hafi, boshobora kumucokora kubera ivyo asigaye yemera. Tumufashije hakiri kare kwitegurira uruhamo, bizotuma avyifatamwo neza nirwamushikira.

15. Ni igiki cofasha uwo wigisha Bibiliya kuvyifatamwo neza igihe ariko arahamwa n’abo mu muryango?

15 Igihe uwo wigisha Bibiliya ariko arahamwa n’abo muryango, numuremeshe kuzirikana ku coba gituma bashavura. Boshobora kuba bibaza ko yahenzwe canke bikaba biva gusa ku kuba biyumvira ko Ivyabona vya Yehova ari abantu babi. Mbere na Yezu yararwanijwe na bamwebamwe mu ncuti ziwe. (Mrk. 3:21; Yoh. 7:5) Nufashe rero uwo wigisha Bibiliya kuguma yihangana no kuba umuntu yengenga mu biyago agirana n’abandi, ushizemwo n’abo mu muryango wiwe.

16. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kuba umuntu yiyubara igihe abwira abandi ivyo yemera?

16 N’igihe incuti ziwe zipfuje kumenya vyinshi ku bijanye na Bibiliya, uwo twigisha Bibiliya arakwiye kwiyubara ntace abasigurira ivyo azi vyose icarimwe. Ahandiho boshobora kurambirwa bigatuma batipfuza kuzosubira kuyaga na we. Numuremeshe rero kutababwira vyinshi, kugira basigarane inyota yo kuzomwumviriza n’ikindi gihe. (Kol. 4:6) Kumbure yoshobora kubasaba kuja ku rubuga rwacu jw.org. Ivyo vyoshobora gutuma bamenya vyinshi ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova igihe cose babishakiye.

17. Wofasha gute uwo wigisha Bibiliya kwishura ibibazo abantu bibaza ku Vyabona vya Yehova? (Raba n’ifoto.)

17 Woshobora gukoresha urukurikirane rw’ibiganiro vyo kuri jw.org ruvuga ngo «Ibibazo bikunze kubazwa», kugira ngo ufashe uwo wigisha Bibiliya kubona ingene yokwishura mu buryo bworoshe ibibazo yobazwa n’abo mu muryango canke abo bakorana. (2 Tim. 2:​24, 25) Mu mpera ya buri cigwa, nimuganire kuri ca gice kivuga ngo «Hari abavuga bati», dusanga mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera. Numuremeshe kwimenyereza kwishura mu majambo yiwe bwite. Igihe bikenewe, ntiwitinye kumugira inama y’ukuntu yoryohora inyishu ziwe. Imyimenyerezo nk’iyo izomufasha kuburanira ukwizera kwiwe umutima uri mu nda.

Mu gihe c’inyigisho, mushiki wacu arafasha uwo yigisha Bibiliya kwimenyereza ingene yokwamamaza. Uwo mwigishwa arimenyerereza ku wumwigisha, akoresheje agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo «Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?»

Nuze uramenyereza uwo wigisha Bibiliya ukuntu yobwira abandi inkuru nziza (Raba ingingo ya 17)c


18. Woremesha gute uwo wigisha Bibiliya kuba umwamamaji? (Matayo 10:27)

18 Yezu yategetse abigishwa biwe kubwira abantu inkuru nziza y’Ubwami. (Soma Matayo 10:27.) Iyo umwigishwa wa Bibiliya adatevye kubwira abandi inkuru nziza biratuma arushiriza kwiheka kuri Yehova. Wofasha gute none uwo wigisha Bibiliya gushikira iryo hangiro? Igihe mw’ishengero batangaje ko himirije isekeza, numuremeshe kwiyumvira kuba umwamamaji. Musigurire igituma benshi basanze vyoroshe gutangura kwamamaza mu masekeza nk’ayo. Ikindi kintu comumenyereza ni ukugira uruhara mu biganiro vy’abanyeshure vyo mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Ivyo bizomufasha kubona ingene yosigura ivyo yemera abigiranye ubujijutsi.

NIWIZIGIRE UWO WIGISHA BIBILIYA

19. Yezu yerekanye gute ko yizigira abigishwa biwe, kandi twomwigana gute?

19 Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru yabwiye abigishwa biwe ko bosubiriye kubonana. Mugabo ntibatahuye ko yariko ababwira ko na bo boduze mw’ijuru. Naho ari ukwo, Yezu yibanda ku kudahemuka kwabo aho kwibanda ku nkeka bari bafise. (Yoh. 14:​1-5, 8) Yari azi ko bari bakeneye umwanya wo gutahura ibintu bimwebimwe, nk’icizigiro c’ijuru. (Yoh. 16:12) Na twebwe nyene turakwiye kwereka abo twigisha Bibiliya ko twizigira ko bipfuza guhimbara Yehova.

Iyo umwigishwa wa Bibiliya adatevye kubwira abandi inkuru nziza biratuma arushiriza kwiheka kuri Yehova

20. Mushiki wacu umwe wo muri Malawi yerekanye gute ko yizigira uwo yigisha Bibiliya?

20 Turizigira ko abo twigisha Bibiliya bipfuza gukora ivyiza. Raba akarorero ka mushiki wacu yitwa Chifundo wo muri Malawi. Akoresheje igitabu Kwiberaho ibihe bidahera yaratanguye kwiga Bibiliya n’umugore umwe akiri muto w’umugatolika yitwa Alinafe. Barangije kwiga icigwa ca 14, Chifundo yaramubajije ingene abona ibijanye no gukoresha ibishusho mu gusenga. Alinafe yaciye amwishurana agashavu ati: «Iryo ni ihitamwo ry’umuntu.» Chifundo yaciye yibaza ko Alinafe agiye guhagarika kwiga Bibiliya. Ariko rero Chifundo yarabandanije kumwigisha abigiranye ukwihangana, yizigiye ko azoteba akabitahura. Haciye amezi makeyi, Chifundo yaramubajije ikibazo kiri mu cigwa ca 34 kigira giti: «Kwiga ivyerekeye Bibiliya hamwe n’Imana y’ukuri Yehova bimaze kukumarira iki?» Chifundo avuga ko Alinafe yaciye amubwira ivyiyumviro vyinshi cane vyiza yize, kimwe muri vyo akaba ari uko Ivyabona vya Yehova bataja mu migenzo iteye kubiri na Bibiliya. Gatoyi inyuma y’aho, Alinafe yarahagaritse gukoresha ibishusho mu gusenga, mu nyuma aca aratera imbere arabatizwa.

21. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kurushiriza kugira icipfuzo co kuba umusavyi wa Yehova?

21 Naho Yehova ‘ari we akuza’, natwe turafise uruhara rwo gufasha uwo twigisha Bibiliya gutera imbere. (1 Kor. 3:7) Aho kumwigisha gusa ivyo Imana yipfuza ko akora, turamufasha kurushiriza gukunda Yehova. Turamuremesha kandi kwerekana ko akunda Yehova mu kugira ivyo ahinduye kugira ngo amushire mu kibanza ca mbere. Vyongeye, turamwigisha kwiheka kuri Yehova igihe abandi bariko baramurwanya. Ikindi na co, tumweretse ko tumwizigira biratuma arushiriza kujijuka ko na we nyene ashobora kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova maze agacika umusavyi wiwe.

TWOFASHA GUTE UWO TWIGISHA BIBILIYA . . .

  • kumenya ibimubuza gutera imbere?

  • kurushiriza gukunda Yehova?

  • kugira ivyo ahinduye kugira ashire Yehova mu kibanza ca mbere?

URURIRIMBO RWA 55 Oya ntimubatinye!

a Haciye imyaka ibiri n’inusu Nikodemu abonanye na Yezu, yari akiri mu bagize sentare nkuru y’Abayuda. (Yoh. 7:​45-52) Igitabu kimwe cerekana ko hari inkuru zivuga yuko Nikodemu yagiye kuba umwigishwa wa Yezu, Yezu amaze gupfa.—Yoh. 19:​38-40.

b INSOBANURO Y’AMAFOTO: Petero n’abandi barovyi bagenziwe barahevye umwuga wabo wo kuroba kugira ngo bakurikire Yezu.

c INSOBANURO Y’IFOTO: Mushiki wacu ariko arafasha uwo yigisha Bibiliya kwitegurira kubwira abandi inkuru nziza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika