ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Munyonyo rup. 8-9
  • Noba nkwiye guhagarika gutwara ingendeshwa yanje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noba nkwiye guhagarika gutwara ingendeshwa yanje?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • INGENE WOKWISUZUMA
  • NIWISUNGE INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Munyonyo rup. 8-9
Umuvukanyi ageze mu zabukuru yicaye hafi y’idirisha ariko araraba umuduga wiwe. Ariko arazirikana afise urupfunguruzo rw’uwo muduga mu ntoke.

Noba nkwiye guhagarika gutwara ingendeshwa yanje?

IYUMVIRE umuntu ageze mu zabukuru, akaba amaze imyaka myinshi atwara ingendeshwa yiwe. Biramuhimbara kubona ashobora kwitwara aho ashaka hose. Mugabo incuti n’abagenzi birabahagaritse umutima, bakaba babona ko vyoba vyiza asuzumye nimba yobandanya canke yohagarika gutwara ingendeshwa yiwe. Ariko wewe ntatahura igituma bibahagaritse umutima.

Weho bite? Ni igiki cogufasha kumenya nimba ukwiye kubandanya utwara ingendeshwa yawe canke nimba wobihagarika?

Mu bihugu bimwebimwe, abashoferi barengeje imyaka kanaka bategerezwa guhabwa uruhusha n’umuganga rwemeza ko bakwiye kuguma batwara ingendeshwa. Abavukanyi baba muri ivyo bihugu barubahiriza amategeko aba yarashinzwe na leta. (Rom. 13:1) Ariko naho bitoba bisabwa mu gihugu ubamwo, hariho ibintu vyogufasha gusuzuma nimba woba ugishoboye gutwara ingendeshwa yawe ata ngorane.

INGENE WOKWISUZUMA

Nk’uko bivugwa ku rubuga rw’Ikigo c’igihugu kijejwe abageze mu zabukuru co muri Amerika, woshobora kwisuzuma mu kwibaza ibi bibazo:

  • Vyoba bingora gusoma ivyapa vyo mw’ibarabara canke kubona neza mw’ijoro?

  • Vyoba bisigaye bingora gutereza akajisho muri vya biyo vyerekana ibiri inyuma canke kubona ingeramizi zitibonekeza neza?

  • Noba nkibangutse ku buryo nyaruka gukura ukuguru ku muriro maze ngafata ifire?

  • Noba ntwara ingendeshwa yanje buhorobuhoro ku buryo mbangamira uruja n’uruza?

  • Noba maze guhakwa kugira isanganya incuro zitari nke? Ingendeshwa yanje yoba yarahomberanye canke yarakwabaguritse kubera hari ivyo nagiye ndaseka?

  • Noba maze guhagarikwa n’abapolisi kubera ukuntu ntwara?

  • Vyoba bimaze gushika ngasinzira ndiko ndatwara ingendeshwa yanje?

  • Hoba hari imiti mfata yotuma bitanyorohera gutwara ingendeshwa yanje?

  • Hoba hari incuti canke umugenzi yoba amaze kumbwira ko ukuntu ntwara ingendeshwa yanje bimuhagarika umutima?

Nimba hari ikibazo kimwe canke bibiri muri ivyo wishuye ego, vyoba vyiza uravye ivyo woryohora. Nk’akarorero, woshobora kugabanya kuza uritwara kenshi, canecane mw’ijoro. Nugume wisuzuma kugira urabe nimba ugishoboye gutwara ingendeshwa yawe. Woshobora gusaba incuti canke umugenzi ngo akubwire ivyo abona ku bijanye n’ingene utwara ingendeshwa yawe. Hari naho vyokugirira akamaro ukurikiranye ivyigwa bijanye no gutwara ingendeshwa mu buryo bwiza. Ariko rero, nimba wishuye ego ku bibazo bitari bike muri ivyo, vyoba vyiza uhagaritse gutwara ingendeshwa yawe.a

NIWISUNGE INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA

Hari aho vyotugora kwemera ko tutagishoboye gutwara ingendeshwa yacu nka kera. Twoshobora no kuba tudashaka kwumva uwutubwira ko twobihagarika. None ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha kubona mu buryo bwiza ico kibazo, kandi ugafata ingingo ibereye? Ehe raba zibiri muri zo.

Nugume wifashe ruto. (Imig. 11:2) Uko dusaza ni ko ububasha bwacu bwo kubona no kwumva bugabanuka, imitsi yacu ikagoyagoya, kandi ntitube tukibangutse nka kera. Nk’akarorero, abantu benshi iyo batanguye gusaza, baraheba gukina inkino zimwezimwe kubera ko batahura yuko boshobora kuhakomerekera. Ni ko bimeze no ku bijanye no gutwara ingendeshwa. Umuntu yifata ruto, arafata ingingo yo guhagarika gutwara ingendeshwa yiwe ku neza yiwe. (Imig. 22:3) Hagize na ho abaserura amakenga bafise, umuntu nk’uyo arabatega yompi.—Gereranya na 2 Samweli 21:​15-17.

Niwirinde kwagirwa n’amaraso. (Gus. 22:8) Igihe ingendeshwa idatwawe neza irashobora guteza akaga. Umuntu aguma atwara ingendeshwa yiwe kandi atakibishoboye neza, arashobora gutuma we canke abandi bahasiga ubuzima. Yoshobora no kwagirwa n’amaraso aramutse ateje isanganya maze hagapfa umuntu.

Nimba uhanzwe no gufata ingingo itoroshe yo kumenya nimba wobandanya canke wohagarika gutwara ingendeshwa yawe, niwirinde iki kintu: ntiwiyumvire ko uzoca utakaza icubahiro cawe canke agaciro wari ufise. Yehova aragukunda kubera kamere nziza ufise, nko kwifata ruto, kwicisha bugufi be no kwitaho ineza y’abandi. Vyongeye, asezerana kugushigikira no kuguhoza. (Yes. 46:4) Ntazokwigera aguheba. Numusabe rero agufashe gukorana ubukerebutsi no kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kugira umenye ingingo wofata nimba wobandanya canke wohagarika gutwara ingendeshwa yawe.

Ingene abandi bofasha

Abagize umuryango ni bo ahanini boyaga n’incuti zabo zitereye mu myaka ikibazo kijanye no gutwara ingendeshwa. Hari n’igihe woba uri umugenzi w’uyo yitereye mu myaka, ukaba umaze kwumva ingene abandi bahagaritswe umutima n’ukuntu asigaye atwara ingendeshwa yiwe. Ntiwirengagize ivyo bavuga. Woshobora no gusaba uwo mugenzi wawe yitereye mu myaka ngo mujane ahantu ari we ariko aratwara. Niwabona bikenewe, uragira ico umubwira ku bijanye n’ingene atwara. Igihe uzoba uriko uramuyagira, urishira mu kibanza ciwe. Numuyagishe n’umutima mwiza ariko umubwize ukuri. Ntiwitwararike cane ibijanye n’imyaka yiwe, ahubwo niwitwararike ibijanye n’ukuntu atwara iyo ngendeshwa. Aho kumubwira ngo «Ntukiri umushoferi mwiza», numubwire nyabuna uti: «Mpora mpagarika umutima igihe uriko uratwara nibaza ko wohava ugira isanganya.» Numwibutse ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya twabonye muri iki kiganiro, wongere umubwire yuko uzi neza ko ari umuntu yubahiriza ivyo Bibiliya ivuga.

Twese turakwiye kwishira mu kibanza c’umuntu yitereye mu myaka abwirizwa guheba gutwara ingendeshwa yiwe. Ashobora kwumva ko atazoba agifise umwidegemvyo. None womufasha gute? Numushigikire kandi umufashe mu bintu yokenera. (Imig. 17:17) Nturindire ko agusaba ngo umwunguruze ahantu, kuko vyotuma yiyumvira ko ariko arakugora. Nk’akarorero, woshobora kwitanga ukagira urutonde rw’aboza baramutwara nko ku makoraniro, kwamamaza, gusuma, no kwa muganga. Mubwire ko biguhimbara kumukorera utwo dukorwa, kandi ko wipfuza kumarana umwanya na we.—Rom. 1:​11, 12.

a Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo «Circulation routière: êtes-vous en sécurité?» co muri Be maso! yo ku wa 22 Myandagaro 2002.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika