Noba nkwiye guhagarika gutwara ingendeshwa yanje?
IYUMVIRE umuntu ageze mu zabukuru, akaba amaze imyaka myinshi atwara ingendeshwa yiwe. Biramuhimbara kubona ashobora kwitwara aho ashaka hose. Mugabo incuti n’abagenzi birabahagaritse umutima, bakaba babona ko vyoba vyiza asuzumye nimba yobandanya canke yohagarika gutwara ingendeshwa yiwe. Ariko wewe ntatahura igituma bibahagaritse umutima.
Weho bite? Ni igiki cogufasha kumenya nimba ukwiye kubandanya utwara ingendeshwa yawe canke nimba wobihagarika?
Mu bihugu bimwebimwe, abashoferi barengeje imyaka kanaka bategerezwa guhabwa uruhusha n’umuganga rwemeza ko bakwiye kuguma batwara ingendeshwa. Abavukanyi baba muri ivyo bihugu barubahiriza amategeko aba yarashinzwe na leta. (Rom. 13:1) Ariko naho bitoba bisabwa mu gihugu ubamwo, hariho ibintu vyogufasha gusuzuma nimba woba ugishoboye gutwara ingendeshwa yawe ata ngorane.
INGENE WOKWISUZUMA
Nk’uko bivugwa ku rubuga rw’Ikigo c’igihugu kijejwe abageze mu zabukuru co muri Amerika, woshobora kwisuzuma mu kwibaza ibi bibazo:
Vyoba bingora gusoma ivyapa vyo mw’ibarabara canke kubona neza mw’ijoro?
Vyoba bisigaye bingora gutereza akajisho muri vya biyo vyerekana ibiri inyuma canke kubona ingeramizi zitibonekeza neza?
Noba nkibangutse ku buryo nyaruka gukura ukuguru ku muriro maze ngafata ifire?
Noba ntwara ingendeshwa yanje buhorobuhoro ku buryo mbangamira uruja n’uruza?
Noba maze guhakwa kugira isanganya incuro zitari nke? Ingendeshwa yanje yoba yarahomberanye canke yarakwabaguritse kubera hari ivyo nagiye ndaseka?
Noba maze guhagarikwa n’abapolisi kubera ukuntu ntwara?
Vyoba bimaze gushika ngasinzira ndiko ndatwara ingendeshwa yanje?
Hoba hari imiti mfata yotuma bitanyorohera gutwara ingendeshwa yanje?
Hoba hari incuti canke umugenzi yoba amaze kumbwira ko ukuntu ntwara ingendeshwa yanje bimuhagarika umutima?
Nimba hari ikibazo kimwe canke bibiri muri ivyo wishuye ego, vyoba vyiza uravye ivyo woryohora. Nk’akarorero, woshobora kugabanya kuza uritwara kenshi, canecane mw’ijoro. Nugume wisuzuma kugira urabe nimba ugishoboye gutwara ingendeshwa yawe. Woshobora gusaba incuti canke umugenzi ngo akubwire ivyo abona ku bijanye n’ingene utwara ingendeshwa yawe. Hari naho vyokugirira akamaro ukurikiranye ivyigwa bijanye no gutwara ingendeshwa mu buryo bwiza. Ariko rero, nimba wishuye ego ku bibazo bitari bike muri ivyo, vyoba vyiza uhagaritse gutwara ingendeshwa yawe.a
NIWISUNGE INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA
Hari aho vyotugora kwemera ko tutagishoboye gutwara ingendeshwa yacu nka kera. Twoshobora no kuba tudashaka kwumva uwutubwira ko twobihagarika. None ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha kubona mu buryo bwiza ico kibazo, kandi ugafata ingingo ibereye? Ehe raba zibiri muri zo.
Nugume wifashe ruto. (Imig. 11:2) Uko dusaza ni ko ububasha bwacu bwo kubona no kwumva bugabanuka, imitsi yacu ikagoyagoya, kandi ntitube tukibangutse nka kera. Nk’akarorero, abantu benshi iyo batanguye gusaza, baraheba gukina inkino zimwezimwe kubera ko batahura yuko boshobora kuhakomerekera. Ni ko bimeze no ku bijanye no gutwara ingendeshwa. Umuntu yifata ruto, arafata ingingo yo guhagarika gutwara ingendeshwa yiwe ku neza yiwe. (Imig. 22:3) Hagize na ho abaserura amakenga bafise, umuntu nk’uyo arabatega yompi.—Gereranya na 2 Samweli 21:15-17.
Niwirinde kwagirwa n’amaraso. (Gus. 22:8) Igihe ingendeshwa idatwawe neza irashobora guteza akaga. Umuntu aguma atwara ingendeshwa yiwe kandi atakibishoboye neza, arashobora gutuma we canke abandi bahasiga ubuzima. Yoshobora no kwagirwa n’amaraso aramutse ateje isanganya maze hagapfa umuntu.
Nimba uhanzwe no gufata ingingo itoroshe yo kumenya nimba wobandanya canke wohagarika gutwara ingendeshwa yawe, niwirinde iki kintu: ntiwiyumvire ko uzoca utakaza icubahiro cawe canke agaciro wari ufise. Yehova aragukunda kubera kamere nziza ufise, nko kwifata ruto, kwicisha bugufi be no kwitaho ineza y’abandi. Vyongeye, asezerana kugushigikira no kuguhoza. (Yes. 46:4) Ntazokwigera aguheba. Numusabe rero agufashe gukorana ubukerebutsi no kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kugira umenye ingingo wofata nimba wobandanya canke wohagarika gutwara ingendeshwa yawe.
a Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo «Circulation routière: êtes-vous en sécurité?» co muri Be maso! yo ku wa 22 Myandagaro 2002.