Haraciye imyaka ijana kuva mu 1913
UMUNARA W’INDERETSI (mu congereza) wo ku 1 Nzero 1913, warakoresheje imvugo yari imenyerewe igihe wasubiramwo amajambo yanditswe n’umumenyeshamakuru w’Umunyamerika Herbert Kaufman, uti: “ Ijambo ‘Ntibishoboka’ ryarataye igihe . . . Ibintu nka vyose vyabonwa nk’aho ari indoto ubu birashoboka.” Mu ntango z’umwaka wa 1913, abantu bari biteze ibintu vyiza ku bijanye na kazoza kabo.
Imvo imwe yatuma bitega ivyo bintu vyiza ni iterambere mu vy’ubuhinga bwa none ryariko riraba. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe, ihinguriro ry’imiduga yo mu bwoko bwa Ford ryaruguruye ishami rishasha i Highland Park, i Michigan. Budakeye na kabiri, ibiciro vy’iyo miduga vyaragabanutse bukwi na bukwi, ivyo bica bituma abantu amamiliyoni bashobora kuyironsa. Vyagenze gute ngo ivyo biciro bigabanuke ukuraho? Muri iryo hinguriro rishasha imiduga yateranywa n’imigwi itandukanye, buri mugwi wose ukagira akazi ujejwe gukora kuri yo. Iryo terambere ryaratumye iryo hinguriro rishobora guteranya imiduga yakundwa cane yitwa Ford T mu mwanya muto ugereranije n’uwahora ukoreshwa, ivyo bica bituma ibiciro bigabanuka.
Abasavyi ba Yehova na bonyene bari bafise ivyo bari biteze ariko babitumwe n’imvo zidasa n’izo. Abatohoji ba Bibiliya bari baravuze imbere y’igihe ko umwaka wa 1914 wobaye umwaka udasanzwe muri kahise k’abantu, kandi bari bawitezeko ibintu bidasanzwe. Igikorwa barangurana umwete carerekanye ko batariko barasubira inyuma uko uwo mwaka wegereza.
Ikarata: Urugendo Pasitori Russell yagize mw’isi yose
Muri Ruheshi 1913 haratanguye urukurikirane rw’amahwaniro, rutangurwa n’ihwaniro ry’umusi umwe ryabereye mu gisagara ca Kansas, i Missouri, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu ndwi zine zakurikiye, igariyamoshi yari yateguwe yaratwaye umugwi w’abavukanyi na bashiki bacu bari bahimbawe barenga 200 ibakura muri Leta Zunze Ubumwe ibajana muri Kanada. Kw’ihwaniro rimwerimwe ryose, abashasha barahabwa akaryo ko kubaza ayandi makuru. Abantu ibihumbi barabajije, kandi mu nyuma abashimishijwe baregendewe n’Abatohoji ba Bibiliya.
Mu mwaka wa 1913 abakozi bo ku cicaro gikuru i Brooklyn bariko barakora cane bategura rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekana ivy’irema.” Iyo yari porogarama imara amasaha umunani igizwe n’insiguro zishingiye kuri Bibiliya zafashwe amajwi be n’umuziki wari uherekejwe n’amafoto y’amabara be n’amasenema. Abatohoji ba Bibiliya bari bizigiye ko ayo mafoto yokoreshejwe mu gushikira abantu amamiliyoni bashimishijwe. Naho muri ico gihe hari abamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete 5.100, bavuga ko intumbero bari bafise yari iy’uko iyo porogarama “yamamazwa cane kw’isi yose uko bishoboka kwose.”
None ni ibiki vyobaye mu 1914? Ayo mafoto y’ivy’irema yokwakiriwe gute? Ni igiki cobaye mu gatasi, mu mpera y’Ibihe vy’abanyamahanga? Abatohoji ba Bibiliya bari biteganye umushasharo inyishu z’ivyo bibazo, bizigiye ko Yehova yobafashe mu mugongo.
Intambara ikomeye yari yimirije, iyahavuye yitwa Intambara ya mbere y’isi yose, yotumye ivyizigiro abantu bari bafise bizimangana. Amaterambere mu vy’ubuhinga bwa none ntiyobaye wo muti w’ingorane z’abantu. Umwaka wari gukurikira wari kuba rimwe mu mahinduka akomeye cane yabaye ku Batohoji ba Bibiliya, no kw’isi yose.