ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb16 rup. 170-rup. 171 ing. 7
  • Twaratevye turabonana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twaratevye turabonana!
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Ivyo bijanye
  • Kubabara: Igihe hari icotuma ‘twidoga’
    Nugaruke kuri Yehova
  • “Sinari bwabone ababanyi beza nkamwe!”
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Igihe urwaye indwara ikomeye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Niwitwararikane urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’ibipfamatwi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
yb16 rup. 170-rup. 171 ing. 7
Linda Ong na Sally Ong

ENDONEZIYA

Twaratevye turabonana!

Nk’uko vyavuzwe na Linda Ong na Sally Ong

Linda: Igihe nari mfise imyaka 12, mama yarambwiye ko mfise mutoyi wanje arerewe ahandi. Naribaza nimba yavutse ari umuragi nka jewe. Ariko nakuze ntamuzi.

Sally: Sinigeze menya ko uwari andeze atari umuvyeyi wanje. Umugore yari andeze yarankubita cane kandi yamfata nk’umuja. Vyatumye nkurana umubabaro n’irungu, ivyo bikaza vyiyongera ku ngorane y’uko navutse ndi umuragi. Umusi umwe narabonanye n’Ivyabona vya Yehova, nca ndatangura kwiga Bibiliya. Igihe uwo mugore yari andeze yabimenya, yarankubise umukaba aca anyugaranira mu nzu maze arahindura amagufuri y’umuryango. Nshikanye imyaka 20, narataye ndomoka, Ivyabona baca baranyitorera. Nabatijwe mu ntango z’umwaka wa 2012.

Linda: Igihe nari mfise imyaka 20, naratanguye kwiga n’Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma, naratanguye kwitaba amahwaniro y’intara i Jakarta, aho porogarama yaza irasubirwamwo mu rurimi rw’ibimenyetso. Nahahuriye n’abandi baragi benshi, ushizemwo na Sally, umwigeme w’Icabona yaba muri Sumatra ya Ruguru. Naramwiyumvisemwo cane ariko sinatahuye igituma.

Sally: Twe na Linda twahavuye tuba abagenzi. Narabonye ko dusa ariko sinabishizeko umutima.

Linda: Muri Myandagaro 2012, buca mbatizwa, narumvise nkeneye cane kubona mutoyi wanje, naho ntari nzi iyo ari. Naratakambiye Yehova nti: “Ndagusavye umfashe mbone mwene wacu, kuko nshaka kumubwira ibikwerekeye.” Haciye akanya gatoyi, mama yaciye aronka mesaje ivuye ku muntu yari afise amakuru yerekeye uwo mutoyi wanje. Iyo ni yo yabaye intandaro yo kubonana na Sally.

Sally: Igihe Linda yambwira ko nari mutoyi wiwe, naciye mfata indege yihuta y’i Jakarta, nja kumuraba. Nsohotse ikibuga c’indege, nasanze Linda na papa na mama hamwe n’uwundi mukuru wanje, bandindiriye. Ikigumbagumba carahatswe kunyica. Twararwanye mu nda, turasomagurana. Mama vyahatswe kwanka ko andekura. Twese twariko turarira. Igihe papa na mama bansaba ikigongwe hariko n’amosozi kubera bantanze ngo nderwe n’uwundi muntu, twaciye dusubira kurwana mu nda twongera turarira cane.

Linda: Kubera ko tutarezwe kumwe, umwe wese aragerageza kwihanganira kamere z’uwundi. Ariko turakundana cane.

Sally: Ubu twe na Linda turabana kandi turi mw’ishengero rimwe ry’ururimi rw’ibimenyetso i Jakarta.

Linda: Twe na Sally twamaze imyaka irenga 20 tutari kumwe. Turashimira Yehova kubona twaratevye tukabonana!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika