JEWOROJIYA
Naripfuza guhinduka
Davit Samkharadze
YAVUTSE 1967
YABATIJWE 1989
IVYIWE MURI MAKE Yarabaye umucungezi w’ingenzi. Kuva mu 2013, ni umwigisha mu mashure y’ivya Bibiliya.
MU 1985, mfise imyaka 18, abategetsi b’Uburusiya barantegetse kuja mu gisirikare. Akarenganyo n’agahahazo vyari mu gisirikare vyarambabaza cane. Nibwira nti: ‘Jewe sinzomera nka bo.’ Ariko nasanze bitama vyoroshe ko nigenza nk’uko ndabishaka. Naripfuza guhinduka.
Maze guheza ikiringo canje mu gisoda, narasubiye muhira. Umusi umwe mw’ijoro mvuye mu rubanza, narasenze Imana ndayisaba ngo imfashe guhinduka. Bukeye ndiko ndaja ku kazi, naraciye kuramutsa senge, akaba yari Icabona ca Yehova. Ninjiye mu nzu iwe, nahasanze Ivyabona bakeyi bari mw’ikoraniro. Barampaye ikaze n’igishika, nca ndicara ndumviriza.
Naremeye kwiga Bibiliya, kandi inyuma y’amezi atandatu naciye mbatizwa. Yehova yaramfashije guhinduka, ivyo nkaba ntari kuvyishoboza.