I Warwick muri New York: Icicaro gikuru
Ibikurubikuru vyaranze umwaka uheze
UKO ivyago biguma bikurakuranwa muri ino si ya Shetani, abasavyi ba Yehova baguma bafise “vyinshi [ba]kora mu gikorwa c’Umukama.” (1 Kor. 15:58) Raporo zikurikira zirashira ahabona ingene Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose berekana ko ‘bizigira Yehova, bagakora iciza kandi bagakorana ubwizigirwa.’—Zab. 37:3.
Kwimura icicaro gikuru n’ibiro vy’ishami
Igikorwa co kwagura inyubakwa z’i Wallkill carangiye ku wa 1 Ruhuhuma 2016. Ivyo vyatumye Komite y’ishami rya Amerika, Urwego rujejwe umurimo hamwe n’izindi nzego zo kuri iryo shami vyimukira muri izo nyubakwa nshasha. Vyongeye, umuryango wa Beteli w’i Brooklyn waratanguye kwimukira ku cicaro gikuru gishasha c’i Warwick giheruka kwubakwa.
Ku wa mbere itariki 3 Ndamukiza 2017 ni ho abashitsi bazotangura gutembera ku cicaro gikuru c’i Warwick. Bazogendera amaratiro atatu ari bonyene, hanyuma bace babaha uwubatembereza ahasigaye. Ayo maratiro ni aya:
“Bibiliya be n’izina ry’Imana.” Iryo ratiro ririmwo Bibiliya z’imbonekarimwe be n’ibimenyamenya vyerekana ko izina ry’Imana rikwiye kuboneka muri Bibiliya.
“Igisata ku bw’izina rya Yehova.” Iryo ratiro ririmwo ibintu vya kera bigize iragi ry’Ivyabona vya Yehova. Rirerekana ingene Yehova yagiye arayobora abasavyi biwe, arabigisha yongera arabashira hamwe kugira bakore ivyo agomba.
“Icicaro gikuru: Ukwizera mu bikorwa.” Ni iratiro ryerekana ivyo amakomite y’Inama Nyobozi akora kugira abasavyi ba Yehova bashobore gukoranira hamwe, kwamamaza, kuronka inyigisho zishingiye kuri Bibiliya no kwerekana urukundo bakundana.
Abashitsi bazohora baratira ijisho ivyo bibanza ari bonyene kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu, isaha 2 z’igitondo gushika isaha 10 z’umuhingamo. Bazoca bamara iminuta 20 bariko baratemberezwa mu bice bimwebimwe vy’inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo hamwe no mu bindi bibanza vy’ikigo ca Beteli. Imisi yo gutemberezwa ni kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu, isaha 2 z’igitondo gushika isaha 5, n’isaha 7 z’umuhingamo gushika isaha 10.
Imbere yo kudutemberera, nubanze uje kuri jw.org urabe ahavuga ngo IBITWEREKEYE > AMABIRO / GUTEMBEREZWA > Leta Zunze Ubumwe za Amerika.