ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 26-29
  • Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwegurira Imana ibiro vy’amashami
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Ivyo bijanye
  • Kwegurira Imana ibiro vy’amashami
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Kwegurira Imana ibiro vy’amashami
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Kuri Yehova vyose birashoboka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 26-29
Umuvukanyi Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi ariko aratanga insiguro yo kwegurira Yehova ibiro vy’ishami vyo muri Kirgistani

Kirgistani

IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

ABAVUKANYI bo muri Kirgistani n’abubatsi mvamakungu baramaze umwaka n’igice bariko barasubiramwo inyubakwa z’ishami ziri i Bishkek ku murwa mukuru bongera bazagura. Izo nyubakwa zeguriwe Yehova ku wa 24 Gitugutu 2015, inyuma y’ukwezi kumwe gusa ibikorwa birangiye. Iyo porogarama yakurikiranywe n’abantu barenga 3.000 bari mu Ngoro z’Ubwami 18 no mu bindi bibanza 5. Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi ni we yatanze insiguro yo kwegurira Yehova izo nyubakwa yavuga iti: “Nukorere Yehova n’umutima ukwiye.” Bukeye, abamamaji benshi bo mu gihugu barakurikiye porogarama yabaremesheje cane.

Ibiro vy’ishami vyo muri Kirgistani

Ishami rya Kirgistani

Ku wa gatandatu itariki 14 Rusama 2016, abantu 6.435 bari bitavye porogarama yo kwegurira Yehova ibiro vy’ishami vyo muri Armeniya bigizwe n’amagorofa 6 ari mu nyubakwa nziza cane y’amagorofa 18. Bareguriye Yehova kandi Ingoro y’amateraniro n’inyubakwa ziberamwo Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Insiguro zatanzwe zarerekanye ingene abasavyi ba Yehova batanguye ari bakeyi muri Armeniya. Abanyarmeniya ba mbere bumvise inkuru nziza ni abari bagiye kugerera muri Amerika, hakaba hari mu ntango z’ikinjana ca 20. Inkuru nziza yagiye gushika muri Armeniya hagati mu myaka ya 1970, igihe Armeniya yari ikiri mu bihugu vyahoze bigize Uburusiya. Muri iyi myaka iheze, ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryaremewe n’amategeko haca harashingwa ibiro vy’ishami. Benshi mu bari ng’aho ntibari bazi ko hokwigeze habaho iterambere nk’iryo. Ikiringo kidasanzwe cashitse igihe abari aho bose babwira umuvukanyi David Splane wo mu Nama Nyobozi ko bemeye kwegurira Yehova izo nyubakwa nziza cane.

Umuvukanyi David Splane wo mu Nama Nyobozi ariko aratanga insiguro yo kwegurira Yehova ibiro vy’ishami vyo muri Armeniya; abari bitavye porogarama yo ku wa mungu; intambo kavukire yo muri Armeniya

Armeniya

Hejuru: Kwegurira Imana ishami rya Armeniya

Hagati: Abari bitavye porogarama yo ku wa mungu

Munsi: Ku mugoroba, bariko baratamba intambo kavukire yo muri Armeniya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika