Kirgistani
IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE
Kwegurira Imana ibiro vy’amashami
ABAVUKANYI bo muri Kirgistani n’abubatsi mvamakungu baramaze umwaka n’igice bariko barasubiramwo inyubakwa z’ishami ziri i Bishkek ku murwa mukuru bongera bazagura. Izo nyubakwa zeguriwe Yehova ku wa 24 Gitugutu 2015, inyuma y’ukwezi kumwe gusa ibikorwa birangiye. Iyo porogarama yakurikiranywe n’abantu barenga 3.000 bari mu Ngoro z’Ubwami 18 no mu bindi bibanza 5. Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi ni we yatanze insiguro yo kwegurira Yehova izo nyubakwa yavuga iti: “Nukorere Yehova n’umutima ukwiye.” Bukeye, abamamaji benshi bo mu gihugu barakurikiye porogarama yabaremesheje cane.
Ishami rya Kirgistani
Ku wa gatandatu itariki 14 Rusama 2016, abantu 6.435 bari bitavye porogarama yo kwegurira Yehova ibiro vy’ishami vyo muri Armeniya bigizwe n’amagorofa 6 ari mu nyubakwa nziza cane y’amagorofa 18. Bareguriye Yehova kandi Ingoro y’amateraniro n’inyubakwa ziberamwo Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Insiguro zatanzwe zarerekanye ingene abasavyi ba Yehova batanguye ari bakeyi muri Armeniya. Abanyarmeniya ba mbere bumvise inkuru nziza ni abari bagiye kugerera muri Amerika, hakaba hari mu ntango z’ikinjana ca 20. Inkuru nziza yagiye gushika muri Armeniya hagati mu myaka ya 1970, igihe Armeniya yari ikiri mu bihugu vyahoze bigize Uburusiya. Muri iyi myaka iheze, ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryaremewe n’amategeko haca harashingwa ibiro vy’ishami. Benshi mu bari ng’aho ntibari bazi ko hokwigeze habaho iterambere nk’iryo. Ikiringo kidasanzwe cashitse igihe abari aho bose babwira umuvukanyi David Splane wo mu Nama Nyobozi ko bemeye kwegurira Yehova izo nyubakwa nziza cane.
Armeniya
Hejuru: Kwegurira Imana ishami rya Armeniya
Hagati: Abari bitavye porogarama yo ku wa mungu
Munsi: Ku mugoroba, bariko baratamba intambo kavukire yo muri Armeniya