ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 168
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Bibiliya ibivugako
  • Kubera iki Imana ishaka ko umugabo n’umugore bandikisha umubano?
  • Bite ho ku bijanye n’umubano w’imponjo kugira barabe nimba bazohuza?
  • Abubatse bashobora gute gutuma umubano wabo uroranirwa?
  • Twoba dukwiye kubana tutarandikisha umubano?
    Icofasha umuryango
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kwitegurira Umubano w’Ababiranye Uroranirwa
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Gushingira Umubano Wanyu Ishimikiro Nyaryo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 168
Umugore ahaye umugabo impfunguruzo z’inzu.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?

Ico Bibiliya ibivugako

Bibiliya ivuga ko Imana ishaka ko abantu «[birinda] ubusambanyi.» (1 Abatesalonika 4:3) Twisunze ukuntu ijambo «ubusambanyi» rikoreshwa muri Bibiliya, ririmwo ukurenga ibigo, kuryamana kw’abasangiye igitsina, hamwe n’uguhuza ibitsina kw’umugabo n’umugore batubakanye.

  • Kubera iki Imana ishaka ko umugabo n’umugore bandikisha umubano?

  • Bite ho ku bijanye n’umubano w’imponjo kugira barabe nimba bazohuza?

  • Abubatse bashobora gute gutuma umubano wabo uroranirwa?

Kubera iki Imana ishaka ko umugabo n’umugore bandikisha umubano?

  • Umubano w’abubatse watangujwe n’Imana. Yawutanguje igihe yahuza umugabo n’umugore ba mbere. (Itanguriro 2:22-24) Ntiyashatse ko umugabo n’umugore babana batagiraniye indagano y’umubano.

  • Imana irazi icobera ciza abantu. Yatunganije umubano kugira ngo umugabo n’umugore babane ibihe vyose. Ivyo vyogiriye akamaro abagize umuryango wose kandi bikabakingira. Tubitangire akarorero. Kurya nyene umuhinguzi w’igikoresho kanaka atanga amabwirizwa y’ukuntu umuntu yofatanya neza ibihimba vyaco, ni ko n’amabwirizwa Imana itanga atwereka ivyo twokora kugira ngo ingo ziroranirwe . Abakurikiza impanuro Imana itanga bama baroranirwa.​—Yesaya 48:17, 18.

    Umugabo ariko asoma ubuyobozi bwavuye mw’ihinguriro bwerekana ingene yoteranya ibihimba vy’igikoresho kanaka.

    Kurya nyene umuhinguzi w’igikoresho atanga amabwirizwa y’ukuntu ibihimba vyaco bifatanywa, ni ko n’amabwirizwa Imana itanga atwereka ivyo twokora kugira dutume urugo rwacu ruroranirwa

  • Abahuza ibitsina batubakanye barashikirwa n’ingaruka mbi cane. Nk’akarorero, barashobora gutwara inda batipfuza, bakarwara indwara zandukira biciye ku bihimba vy’irondoka, kandi bakamana intuntu mu mutima.

  • Imana yahaye umugabo n’umugore ubushobozi bwo kurondoka biciye ku guhuza ibitsina. Imana ibona ubuzima ko ari bweranda, kandi ubushobozi bwo kurondoka ni ingabire y’agaciro. Imana ishaka rero ko dukoresha iyo ngabire tubigiranye icubahiro, mu gutera iteka iyo ntunganyo y’umubano.​—Abaheburayo 13:4.

Bite ho ku bijanye n’umubano w’imponjo kugira barabe nimba bazohuza?

Kugira ngo bazogire urugo rwiza, si ngombwa ko abantu babanza kubana batagira isezerano. Ahubwo, urugo ruba rwiza igihe bompi bagiraniye indagano kandi bagasenyera ku mugozi umwe mu gutorera umuti ingorane.a Umubano urakomeza indagano.​—Matayo 19:6.

Abubatse bashobora gute gutuma umubano wabo uroranirwa?

Nta mubano utunganye uriho. Ariko rero, igihe abubatse bakurikiza impanuro Bibiliya itanga birashobora gutuma umubano wabo uroranirwa. Raba uburorero bumwebumwe:

  • Nushire imbere ivyungura uwo mwubakanye aho gushira imbere ibikwungura ubwawe.​—1 Abakorinto 7:3-5; Abafilipi 2:3, 4.

  • Nimukomeze urukundo n’icubahiro mufitaniye.​—Abanyefeso 5:25, 33.

  • Nimugerageze kudapfa ivyo muvuze.​—Imigani 12:18.

  • Nimwihangane kandi mwihutire kubabarira.​—Abakolosayi 3:13, 14.

a Raba ikiganiro kivuga ngo «Ivyofasha ingo kurama​—Gushitsa indagano.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika