ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 23
  • Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zogufasha igihe ufise amaganya
  • Igihe ata maganya azoba akiriho
  • Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Novyifatamwo gute ndi mu maganya?
    Urwaruka ruribaza
  • Amaganya
    Be maso!—2016
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 23
Amafoto: 1. Umugabo asa n’uwufise amaganya. 2. Uwo mugabo nyene ariko arishurana ishavu umuntu bariko barayaga kuri telefone. 3. Ukuboko kumwe akwifadikije umutwe mu kundi kuboko na ho afise ikirahuri kirimwo inzoga.

Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya

Igihe wiyumviriye umuntu afise amaganyaa hari aho woca ubona umuntu yatekewe n’ubwoba, umuntu bigora kuvyuka mu gitondo canke umuntu yama yidogera ingorane afise.

Hari abo ivyo bishikira igihe bafise amaganya. Yamara abashakashatsi basanze yuko hari abandi bavyifatamwo ugutandukanye, na canecane abagabo. Raporo imwe yavuze ko iyo abagabo «bafise amaganya akenshi baca banywa inzoga nyinshi n’ibiyayuramutwe kugira bayagabanye, rero igihe abagabo banywa inzoga nyinshi kirashobora kuba ari ikimenyetso c’uko bafise amaganya menshi. Vyongeye igihe abagabo bafise amaganya, benshi barakaza ishavu.»

Ni ivy’ukuri ko abagabo bose batavyifatamwo kumwe igihe bafise amaganya. Ariko rero, uko umuntu yovyifatamwo kwose, ibitera amaganya birushiriza kwongerekana muri ibi «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Timoteyo 3:1) Nimba ufise amaganya, Bibiliya yoba yoshobora kugufasha?

Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zogufasha igihe ufise amaganya

Bibiliya irimwo impanuro zihambaye zodufasha igihe dufise amaganya. Raba zitatu muri zo.

  1. 1. «Ntimwigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Umusi wose urifitiye ingorane zawo.»​—Matayo 6:34.

    Ico hasobanura: Biraba vyiza iyo twirinze kwiganyira birenze urugero ku bintu twiyumvira ko bishobora kuzoshika canke ntibishike. Akenshi, ibintu ntivyama bigenda nk’uko twari tuvyiteze. Rimwe na rimwe, ibintu birashobora kugenda neza kuruta uko twabiziga.

    Nugerageze iki kintu: Niwibuke igihe wibaza ko ibintu bizogenda nabi ariko amaherezo bikagenda neza. Nuce usuzuma ibintu biriko biragutera amaganya, urabe nimba vy’ukuri ivyo bintu bishobora kuvamwo ingorane zikomeye.

  2. 2. «Kurya icuma gikarisha ikindi, ni ko umuntu akarisha umugenzi wiwe.»​—Imigani 27:17.

    Ico hasobanura: Igihe duhaye akaryo abandi bantu, barashobora kudufasha iyo dufise amaganya. Barashobora kuduha impanuro zodufasha bisunze ivyabashikiye. Hari n’aho, bodufasha kubona ko ibidutera amaganya bidahambaye.

    Nugerageze iki kintu: Niwiyumvire umuntu yoshobora kuguha impanuro nziza, nk’umugenzi yoba yarigeze gushikirwa n’ingorane iriko iragushikira. Numubaze ivyoba vyaramufashije hamwe n’ibitamufashije.

  3. 3. «Muterer[e] amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.»​—1 Petero 5:7.

    Ico hasobanura: Imana iritaho cane abariko barashikirwa n’ingorane. Idusaba kuyisenga tukayibwira ibintu vyose bidutera amaganya.

    Nugerageze iki kintu: Niwandike ibintu vyose biriko bituma ugira amaganya. Nuce usenga Imana uyibwire ingorane yose ufise, wongere uyisabe igufashe kuyihanganira

Igihe ata maganya azoba akiriho

Bibiliya irimwo n’ibindi uretse impanuro zodufasha igihe dufise amaganya. Idusezeranira ko ibintu bidutera amaganya muri iki gihe bigiye kuvaho burundu. None ivyo bizoshoboka gute?

Ubwami bw’Imana buzokuraho ibintu vyose bituma tugira amaganya. (Ivyahishuwe 21:4) Mu vy’ukuri, ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana ntituzokwibuka mbere ibintu vyadutera amaganya canke vyahora bituraza ishinga.​—Yesaya 65:17.

Ivyo ni vyo «ya Mana itanga amahoro» ikwipfuriza. (Abaroma 16:20) Iduhumuriza iti: «[Ndazi] neza ivyiyumviro ndabiyumvirako. Ni ivyiyumviro vy’amahoro, si ivy’ivyago. Nipfuza kubaha kazoza n’icizigiro.»​—Yeremiya 29:11.

a Muri iki kiganiro, ijambo «amaganya» ryerekeza ku bintu bituraza ishinga canke bidutera ubwoba buri musi bigatuma twumva turengewe ariko ntiryerekeza ku ndwara ikomeye ituma umuntu agira amaganya menshi. Abagwaye mwene iyo ndwara bakwiye kuja kwa muganga.​—Luka 5:31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika