ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 84
  • Bibiliya ivuga iki ku bushuhe bukaze bwo mu ci ryo mu 2023?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku bushuhe bukaze bwo mu ci ryo mu 2023?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Hoba hari ico Bibiliya yari yarabivuzeko?
  • Isi yoba izosigara ari akaheze?
  • Umwaka wa 2023 waranzwe n’ingorane: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya yoba yogufasha guhangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ingene hirya no hino kw’isi hari ubushuhe bwinshi?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imyuzurira yonona ibintu?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 84
Umubumbe w’isi uriko urasha.

Surasak Suwanmake/Moment via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bushuhe bukaze bwo mu ci ryo mu 2023?

Kw’isi yose hariko haraba ubushuhe bw’akataraboneka n’ivyago biterwa n’ubwo bushuhe bukaze. Ehe nk’aya makuru:

  • «Mu myaka 174 iheze kuva abantu batanguye gukurikirana ivy’ubushuhe kw’isi, nta kwezi kwa Ruheshi kwari bwashuhe nk’uku.»​—Vyavuzwe n’Urwego rw’igihugu rukurikirana ivy’amabahari n’ikirere, rwegukira Igisata co muri Amerika kijejwe ivy’ubudandaji, ku wa 13 Mukakaro 2023.

  • «Ubutaliyano, Espanye, Ubufaransa, Ubudagi na Polonye birahanzwe n’ubushuhe bukaze. Vyitezwe ko ubwo bushuhe buzoshika kuri dogere 48 kw’izinga rya Sisile n’irya Sardaigne. Bushobora kuzoba ubwa mbere i Buraya kuva isi yakaremwa.»​—Vyashikirijwe n’Urwego rw’Abanyaburaya ruraba ivyo mu kirere, ku wa 13 Mukakaro 2023.

  • «Uko umubumbe wacu ushuha, ni ko turushiriza kwitega ko imvura igwa ari isegenya kandi kenshi, igateza imyuzurire ikaze gusumba.»​—Uwabivuze ni Stefan Uhlenbrook, umuyobozi w’ivy’amazi n’ikirere mw’Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ikirere, ku wa 17 Mukakaro 2023.

Iyongerekana ry’amakuru yerekeye mwene ayo mahinduka akomeye y’ikirere, ryoba riguhagarika umutima? Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ico kibazo c’inkoramutima.

Hoba hari ico Bibiliya yari yarabivuzeko?

Egome. Iyongerekana ry’ubushuhe kw’isi n’ayandi mahinduka akomeye y’ikirere birahuye n’ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye mu gihe cacu. Nk’akarorero, Yezu yavuze ko twobonye «ibintu biteye ubwoba.» (Luka 21:11) Iyongerekana ry’ubushuhe kw’isi ryatumye benshi batinya ko abantu bazohava bahonya isi.

Isi yoba izosigara ari akaheze?

Oya. Imana yaremye isi ngo tuyibeko ibihe vyose. Ntizokwemera ko abantu bayihonya. (Zaburi 115:16; Umusiguzi 1:4) Mbere yasezeranye ko “izohonya abonona isi.”​—Ivyahishuwe 11:18.

Bibiliya irerekana ko Imana ishoboye gukingira isi ivyago biturutse ku bidukikije kandi ko izobikora.

  • «[Imana] iratururuza igihuhusi maze ibisebuzi vy’ikiyaga bigatekana.» (Zaburi 107:29) Imana irafise ubushobozi bwo kubuza ibidukikije kugira ico vyononye. Irashoboye gutunganya ingorane zijanye n’ibidukikije zituma abantu bamererwa nabi kubera amahinduka akomeye y’ikirere.

  • «Witwararika isi, ugatuma imera cane, ikimbuka rwose.» (Zaburi 65:9) Imana izotuma isi iba iparadizo.

Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’uko isi n’ibidukikije bizosubira kumera neza nk’uko Bibiliya ibisezerana, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?»

Wari ubizi?

Bibiliya ntisezerana gusa ko kazoza ari keza. Iranatanga impanuro zogufasha guhangana n’amahinduka akomeye y’ikirere. Uti impanuro nyabaki? Raba ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya yoba yogufasha guhangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika