Rui Almeida Fotografia/Moment via Getty Images
NUGUME URI MASO!
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubukozi bw’ikibi bushingiye ku mvo za politike?
Abantu hirya no hino kw’isi barahagaritse umutima kubera ubukozi bw’ikibi buguma bwiyongera bivuye ku bantu barondera amahinduka mu vya politike.
Muri Megizike, abantu 39 bari bitoje barishwe, ivyo bikaba bitari bwigere biba. Hari n’ubundi bukozi bw’ikibi bwabaye bituma abantu badashira umutima ku matora yo mu 2023-2024.
I Buraya, haraherutse kuba ubukozi bw’ikibi bwinshi bushingiye ku mvo za politike. Nk’akarorero, umushikiranganji wa mbere wa Slovakiya yarahatswe kwicwa ku wa 15 Rusama 2024.
Muri Amerika, abantu benshi bahagaritse umutima cane kubera ko hari uwoba yarasubiye kugerageza kwica uwahoze ari umukuru w’igihugu Donald Trump ku wa 15 Nyakanga 2024, iyo akaba ari incuro ya kabiri ivyo bibaye.
Kubera iki hari ubukozi bw’ikibi bwinshi buterwa n’abarondera amahinduka mu vya politike? Bwoba buzokwigera buhera? Bibiliya ibivugako iki?
Bibiliya yari yaravuze ibijanye no kudahuza kubera ivya politike
Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe tubayemwo citwa «imisi ya nyuma,» abantu benshi bogaragaje inyifato zituma haba ubukozi bw’ikibi n’ukudahuza.
«Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba . . . ari intashima, ibihemu, . . . badashaka kwumvikana na gato, . . . ari inkazi, . . . bagirira nabi abagenzi babo, ari intumva, bivyimvya.»—2 Timoteyo 3:1-4.
Bibiliya yari yaravuze kandi ko muri iki gihe tubayemwo hobayeho abantu barwanya ubutegetsi, hakaba n’imivurungano mu vya politike. (Luka 21:9, akajambo k’epfo) Naho biri ukwo, ukudahuza mu vya politike hamwe n’ubukozi bw’ikibi bushingiye ku mvo za politike ntibizokwamaho.
Ubukozi bw’ikibi bushingiye ku mvo za politike bugiye kurangira
Bibiliya ivuga ko Imana izokuraho intwaro zose z’abantu, maze ishireho intwaro yayo yo mw’ijuru.
«Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami . . . buzojanjagura buherengeteze ubwo [bundi] bwami bwose, buce buhangama ibihe vyose ari bwonyene.»—Daniyeli 2:44.
Ubwami bw’Imana buzotuma abantu bunga ubumwe vy’ukuri maze habe amahoro kw’isi yose.
Umwami w’ubwo Bwami ari we Yezu Kristu, yitwa «Umutware w’amahoro,» kandi azozana ‘amahoro atagira iherezo.’—Yesaya 9:6, 7.
Mbere no muri iki gihe, abatwarwa n’ubwo Bwami bariko bariga ingene bobaho mu mahoro. Ivyo bituma haranguka ivyo Bibiliya ivuga, iti: «Inkota zabo bazozicuramwo amasuka, amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututura. Nta hanga rizofata inkota ngo rirwanye irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.»—Yesaya 2:3, 4.
Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Ubwami bw’Imana buzokora iki?» wongere urabe ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?