ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 3
  • Nokora iki nimba nariziziwe n’amashusho y’ubushegabo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki nimba nariziziwe n’amashusho y’ubushegabo?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo wokora
  • Kuki nokwirinda amashusho y’ubushegabo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?
    Urwaruka ruribaza
  • Amashusho y’ubushegabo
    Be maso!—2013
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 3
Umuhungu w’umuyabaga ariko araba amashusho y’ubushegabo kuri Internet

Nokora iki nimba nariziziwe n’amashusho y’ubushegabo?

Ivyo wokora

Nutahure ububi bw’ayo mashusho. Amashusho y’ubushegabo ni uburyo bwo kugerageza gucafuza ikintu Imana yaremeye kuba igiteye iteka. Gutahura ibintu muri ubwo buryo bizogufasha ‘kwanka ikibi.’—Zaburi 97:10.

Numenye ingaruka zayo. Amashusho y’ubushegabo aratesha agaciro aberekanwa muri yo. N’ikindi kandi aronona abayaraba. Ntibitangaje kubona Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.”—Imigani 22:3.

Nugire umwiyemezo. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze ati: “Nagiranye isezerano n’amaso yanje. None noshobora nte gushinga ijisho umwigeme w’isugi?” (Yobu 31:1) Ng’aya ‘amasezerano’ amwamwe wogira:

  • Sinzokoresha Internet ndi jenyene mu cumba.

  • Nzoca ubwo nyene nugara ubutumwa bwose canke umuhora wose urimwo ibintu vy’ubushegabo.

  • Nivyashika ngasubira kuraba amashusho y’ubushegabo, nzoca ndabibwira umugenzi ahumuye.

Iminwe yafatiwe mu nyuzi

Amashusho y’ubushegabo aragira ingaruka zikomeye: uko uyaraba ni ko bikugora kuvavanura na yo

Nubishire mw’isengesho. Umwanditsi w’amazaburi yatakambiye Yehova Imana ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.” (Zaburi 119:37) Imana yipfuza ko wererwa, kandi uramutse uyisenze, irashobora kukuronsa inkomezi zo gukora ibigororotse!—Abafilipi 4:13.

Raba uwo ubiyagira. Kurondera umuntu wizigira ubiyagira, akenshi birafasha cane kuvavanura n’iyo ngeso.—Imigani 17:17.

Wibuke iki kintu: Igihe cose wirinze amashusho y’ubushegabo, uba utahukanye intsinzi ikomeye. Nubwire Yehova Imana ibijanye n’iyo ntsinzi, wongere umukengurukire kubona yaguhaye inkomezi. Wirinze amashusho y’ubushegabo, uba unezereje umutima wa Yehova!—Imigani 27:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika